2 Samweli
22 Nuko Dawidi atangura kubwira Yehova amajambo y’uru ruririmbo+, ku musi Yehova yamurokora akamukura mu kiganza c’abansi+ biwe bose no mu kiganza ca Sauli+; 2 avuga rero ati:
“Yehova ni we rutare+ rwanje, igihome canje gikomeye+ akaba na we ankiza+.
3 Imana yanje ni yo gitandara+ canje. Nzohungira muri yo,
Ni yo nkinzo+ yanje n’ihembe+ ryanje ry’ubukiriro, ahantu hanje hakirurutse hatagira inkomanzi+,
Ahantu hanje ho guhungira+, Umukiza+ wanje; urankiza ukankura mu bukazi+.
5 Kuko imipfunda isuriranya yica yari inzitiye irya n’ino+;
Hari amasegenya akukumura y’abantu b’imburakimazi yaguma antera ubwoba+.
7 Mu marushwa yanje, naguma nambaza Yehova+,
Kandi Imana yanje naguma ndayihamagara+.
Maze yumva ijwi ryanje iri mu rusengero rwayo+,
Ugutabaza kwanje gushika mu matwi yayo+.
8 Maze isi itangura kuzungazunga no gutigita+;
Imishinge y’amajuru iranyiganga+,
Iguma izungazunga kuko Imana yari yatewe ishavu+.
9 Umwotsi warapfundutse mu mazuru yayo, umuriro uvuye mu kanwa kayo na wo uguma uyigiza+;
Amakara yararurumba, akarabagiza ava kuri yo+.
13 Amakara yaka umuriro yarurumba bivuye ku kwakaka kw’imbere yayo+.
16 Inzira z’imigezi y’ikiyaga na zo zitangura kuboneka+,
Imishinge y’ubutaka bwimbuka+ na yo irapfukurwa,
Bitumwe n’uguhambara kwa Yehova, bivuye ku guhuhuta kw’impemu zo mu mazuru yiwe+.
21 Yehova ampemba nk’uko ubugororotsi+ bwanje buri;
Nk’uko ukudahumana kw’amaboko yanje kuri, ni ko anyishura+.
23 Kuko ingingo z’ubutungane+ zayo zose ziri imbere yanje;
Nayo ivyagezwe vyayo, sinzobica ku ruhande+.
25 Yehova nanyishure nk’uko ubugororotsi+ bwanje buri,
Nk’uko ukudahumana kwanje kuri, mu maso yiwe+.
26 Ku ntahemuka uzokwerekana ko udahemuka+;
Ku munyenkomezi atagira amahinyu, uzokwerekana ko utagira amahinyu+;
27 Ku wuguma adahumanye uzokwerekana ko udahumanye+,
Ku wuhetaraye na we uzokora nk’aho woba uri igipfu+.
30 Kuko ku bwawe nshobora gukinagiza akagwi k’abambuzi+;
Ku bw’Imana yanje ndashobora kwurira uruhome+.
31 Nayo Imana y’ukuri, inzira yayo ntigira akanenge+;
Ijambo rya Yehova ni irityoroye+.
Abera inkinzo abahungira muri we bose+.
34 Ni yo ihindura ibirenge vyanje nk’ivy’impongokazi+;
Kandi ahantu hakirurutse kuri jewe ni ho iguma impagaritse+.
37 Uzotegura ikibanza cagutse bihagije ku bw’intambuko zanje munsi yanje+;
Kandi amaso y’ibirenge vyanje ntazogenda anyoganyoze+.
43 Kandi nzobahonda banoge nk’umukungugu wo kw’isi;
Nzobasya nk’urwondo rwo mu mabarabara+;
Nzobafyatarika.
44 Uzonkiza ugutorana amahinyu kw’abantu banje+.
Uzonzigama kugira ngo mbe umukuru* w’amahanga+;
Abantu ntamenye, abo ni bo bazonkorera+.
45 Abanyamahanga ubwabo bazoza kuri jewe bahinda agashitsi+;
Amatwi azogamburuka kugira ngo anyumve+.
47 Yehova ni muzima+; kandi Igitandara canje nigihezagirwe+;
Imana y’igitandara c’ubukiriro bwanje nishirwe hejuru+.