2 Samweli
5 Mu nyuma imiryango yose ya Isirayeli iza kuri Dawidi+ i Heburoni+, maze ivuga iti: “Ehe twebwe ubwacu turi igufa ryawe n’umubiri wawe+. 2 Ejo be n’imbere yaho+, igihe Sauli yari umwami atuganza, ni wewe wasohokana Isirayeli ku rugamba ukongera ukayigarukana+. Maze Yehova akubwira ati: ‘Ni wewe uzoragira+ igisata canje Isirayeli, kandi ni wewe uzoba indongozi+ ya Isirayeli.’” 3 Abagabo b’inararibonye+ ba Isirayeli bose baza rero ku mwami i Heburoni, maze Umwami Dawidi agirana isezerano+ na bo i Heburoni imbere ya Yehova; hanyuma barobanuza amavuta+ Dawidi ngo abe umwami wo kuganza Isirayeli+.
4 Dawidi yari afise imyaka mirongo itatu igihe yaba umwami. Amara imyaka mirongo ine+ aganza. 5 I Heburoni, aganza Yuda imyaka indwi n’amezi atandatu+; i Yeruzalemu+ na ho aganza Isirayeli yose na Yuda imyaka mirongo itatu n’itatu. 6 Nuko umwami n’abantu biwe baja i Yeruzalemu kurwanya Abayebusi+ baba mu gihugu; bano batangura kubwira Dawidi bati: “Ntuzokwinjira ng’aha, mugabo impumyi n’ibimuga bazogusubiza inyuma ata kabuza+,” kuko biyumvira bati: “Dawidi ntazokwinjira ng’aha.” 7 Ariko Dawidi atangura gufata igihome gikomeye ca Siyoni+, ni ukuvuga Igisagara ca Dawidi+. 8 Dawidi rero kuri uwo musi avuga ati: “Uwukubita Abayebusi+ wese, nashikire ibimuga n’impumyi, abo umutima wa Dawidi wanka, aciye mu mugende w’amazi+ uca munsi!” Ni co gituma bivugwa ngo: “Impumyi n’ikimuga ntibazokwinjira mu nzu.” 9 Nuko Dawidi aba muri ico gihome gikomeye, hanyuma citwa Igisagara ca Dawidi; maze Dawidi yubaka irya n’ino yaco, ahera ku Kidunduri+ yerekeza imbere. 10 Gutyo Dawidi aguma arushiriza kuba uwukomeye+, kandi Yehova Imana nyen’ingabo+ yari kumwe na we+.
11 Nuko Hiramu+ umwami wa Tiro arungika intumwa+ kuri Dawidi, be n’ibiti vy’amasederi+ n’abakora mu vy’ibiti be n’abakora mu vy’amabuye y’impome, maze batangura kwubakira Dawidi inzu+. 12 Dawidi amenya rero ko Yehova yari yamushimangiye bwa mwami wa Isirayeli+ be n’uko yari yashize hejuru+ ubwami bwiwe ku bw’igisata ciwe Isirayeli+.
13 Muri ico gihe, Dawidi aronka izindi ncoreke+ yabira n’abandi bagore+ i Yeruzalemu amaze kuva i Heburoni; nuko Dawidi avyarirwa abandi bahungu n’abakobwa. 14 Aya ni yo mazina y’abo yavyariwe i Yeruzalemu: Shamuwa+ na Shobabu+ na Natani+ na Salomo+, 15 na Ibuhari na Elishuwa+ na Nefegi+ na Yafiya+, 16 na Elishama+ na Eliyada na Elifeleti+.
17 Nuko Abafilisitiya bumva yuko bari barobanuje amavuta Dawidi ngo abe umwami wa Isirayeli+. Abafilisitiya bose baca baduga kurondera Dawidi. Dawidi avyumvise, aca amanuka mu kibanza kigoye gushikamwo+. 18 Abafilisitiya na bo barashika maze baguma bagendagenda irya n’ino mu kiyaya co hasi ca Refayimu+. 19 Dawidi asiguza+ Yehova, ati: “Nduge kurwanya Abafilisitiya? Urabatanga mu kuboko kwanje?” Yehova aca abwira Dawidi ati: “Duga, kuko ntabura gutanga Abafilisitiya mu maboko yawe+.” 20 Nuko Dawidi aza i Bayali-perazimu+, abasasikira ng’aho. Maze avuga ati: “Yehova aciye igihengeri mu bansi banje+ imbere yanje, nk’igihengeri giciwe n’amazi.” Ni co catumye aho hantu ahita Bayali-perazimu+. 21 Nuko bata ng’aho ibigirwamana vyabo+, maze Dawidi n’abantu biwe barabitwara+.
22 Mu nyuma Abafilisitiya bongera kuduga+, bakwiragira irya n’ino mu kiyaya co hasi ca Refayimu+. 23 Dawidi aca asiguza+ Yehova, mugabo avuga ati: “Ntuduge. Zunguruka ubaturuke inyuma, ubarwanirize imbere y’ibisaka vy’imibaka+. 24 Niwumva urwamo rw’imirindi hejuru ya nya bisaka vy’imibaka, uce ukora ata gusuha+, kuko ico gihe Yehova azoba yakwitangiye imbere kugira asasike ikambi y’Abafilisitiya+.” 25 Nuko Dawidi agira kuno, nk’uko nyene Yehova yari yamutegetse+, asasika+ Abafilisitiya, kuva i Geba+ gushika i Gezeri+.