1 Abami
canke, hisunzwe impinduro y’ikigiriki Septante, IGITABU CA GATATU C’ABAMI
1 Umwami Dawidi yari ashaje+, yitereye mu myaka; bari basigaye bamupfuka impuzu, mugabo ntasusuruke. 2 Nuko abasuku biwe bamubwira bati: “Nibaronderere umukama wanje umwami umukobwa, umwigeme w’isugi+, aze akorere+ umwami, kugira ngo abe uwo kumubungabunga+; aze aryame mu gikiriza+ cawe, maze umukama wanje umwami azosusuruka+ koko.” 3 Nuko barondera umukobwa mwiza mu karere kose ka Isirayeli, amaherezo baronka Abishagi+ Umunyashunemukazi+ baraheza bamuzanira umwami. 4 Kandi uwo mukobwa yari mwiza bihebuje+; nuko aba uwo kubungabunga umwami, aguma amukorera, mugabo umwami ntiyarangurana na we amabanga y’abubatse.
5 Muri ico gihe cose Adoniya+ mwene Hagiti+ yariko yiduza+, avuga ati: “Ni jewe ngiye kuganza+!” Nuko yikoreshereza umukogote, yironderera abagendera ku mafarasi n’abagabo mirongo itanu birukanga imbere yiwe+. 6 Se wiwe ntiyari yarigeze amubabaza mu kumubwira ati: “Kubera iki wakoze gutyo+?” Yari afise umutumba umeze neza cane+, kandi nyina yari yamuvyaye inyuma ya Abusalomu. 7 Agirana ibiganiro na Yowabu mwene Zeruwiya be na Abiyatari+ umuherezi, bano batangura gufasha Adoniya+ no kumukurikira. 8 Nayo Zadoki+ umuherezi na Benaya+ mwene Yehoyada na Natani+ umuhanuzi na Shimeyi+ na Reyi n’abagabo b’abanyenkomezi+ ba Dawidi, ntibifatanya+ na Adoniya.
9 Amaherezo, Adoniya agira ikimazi+ c’intama n’inka n’ibitungwa bikiri bito binuze, hafi y’ibuye rya Zoheleti, iriri iruhande ya Eni-rogeli+, araheza atumira bene wabo bose abahungu b’umwami+ n’abagabo ba Yuda bose abasuku b’umwami; 10 mugabo Natani umuhanuzi na Benaya n’abagabo b’abanyenkomezi na Salomo mwene wabo, ntiyabatumira. 11 Nuko Natani+ abwira Bati-sheba+ nyina wa Salomo+ ati: “Mbega ntiwumvise yuko Adoniya mwene Hagiti+ yabaye umwami, kandi umukama wacu Dawidi akaba ata co abiziko namba? 12 Ubu rero, ndakwinginze uze ndaguhanure nshimitse+. Kandi unyage amagara yawe n’ay’umuhungu wawe Salomo+. 13 Genda winjire aho Umwami Dawidi ari, uheze umubwire uti: ‘Mbega si wewe ga mukama wanje umwami warahiye umushumbakazi wawe uti: “Salomo umuhungu wawe ni we azoba umwami mu nyuma zanje, kandi ni we azokwicara ku ntebe y’ubwami yanje+”? Kubera iki none Adoniya yabaye umwami?’ 14 Ehe, niwaba ukiriko uravugana n’umwami ng’aho, jewe ubwanje nca ninjira mu nyuma zawe maze nemeze koko amajambo yawe+.”
15 Nuko Bati-sheba yinjira aho umwami ari mu cumba+; umwami yari ashaje cane+, Abishagi+ Umunyashunemukazi akaba yakorera umwami. 16 Maze Bati-sheba arunama+, akubita inkoro hasi imbere y’umwami, umwami na we aca avuga ati: “Ushaka gusaba iki+?” 17 Na we amubwira ati: “Mukama wanje+, umushumbakazi wawe ni wewe wamurahiye Yehova Imana yawe uti: ‘Salomo umuhungu wawe ni we azoba umwami mu nyuma zanje, kandi ni we azokwicara ku ntebe y’ubwami yanje+.’ 18 None ehe ubu Adoniya+ ni we yabaye umwami, kandi ubu umukama wanje umwami ubwiwe nta co abiziko namba+. 19 Nkako, yashikanye ibimazi vy’amashūri n’ibitungwa bikiri bito binuze n’intama ku bwinshi, yongera atumira abahungu b’umwami+ bose, na Abiyatari+ umuherezi, na Yowabu+ umukuru w’ingabo; mugabo Salomo umusuku wawe ntiyamutumiye+. 20 Kandi nawe ga mukama wanje umwami, amaso+ ya Isirayeli yose ari kuri wewe, kugira ngo uyibwire uwugiye kwicara ku ntebe y’ubwami y’umukama wanje umwami mu nyuma ziwe+. 21 Kandi ntibizobura kuba yuko umukama wanje umwami niyaba akimara kuryama hamwe na ba sekuruza+, jewe ubwanje n’umuhungu wanje Salomo tuzocika koko nk’abacumuzi.”
22 Maze ehe, akiriko aravugana n’umwami, Natani umuhanuzi arashika+. 23 Baca babwira umwami bati: “Ehe Natani umuhanuzi!” Maze uno yinjira imbere y’umwami hanyuma akubita inkoro hasi imbere y’umwami, mu maso hiwe hakora hasi+. 24 Nuko Natani avuga ati: “Mukama wanje umwami, mbega ni wewe wavuze uti: ‘Adoniya ni we azoba umwami mu nyuma zanje, kandi ni we azokwicara ku ntebe y’ubwami yanje+’? 25 Kuko uyu musi yamanutse, kugira ngo ashikane ibimazi+ vy’amashūri n’ibitungwa bikiri bito binuze n’intama vyinshi, no kugira ngo atumire abahungu b’umwami bose n’abakuru b’ingabo na Abiyatari umuherezi+; ehe bariko barira bongera banywera imbere yiwe, kandi baguma bavuga ngo: ‘Umwami Adoniya nabeho+!’ 26 Mugabo jewe umusuku wawe, jewe na Zadoki+ umuherezi na Benaya+ mwene Yehoyada na Salomo umusuku wawe, ntiyadutumiye+. 27 Nimba ico kintu cakozwe bivuye ku mukama wanje umwami, ntiwamenyesheje+ rero umusuku wawe uwukwiye kwicara ku ntebe y’ubwami y’umukama wanje umwami mu nyuma ziwe.”
28 Umwami Dawidi arishura rero, avuga ati: “Nimumpamagarire Bati-sheba+.” Maze uno yinjira imbere y’umwami, ahagarara imbere yiwe. 29 Nuko umwami ararahira+, avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, we yacunguye+ ubuzima bwanje+ akabukura mu marushwa yose+, 30 nk’uko nyene nakurahiye Yehova Imana ya Isirayeli nti: ‘Salomo umuhungu wawe ni we azoba umwami mu nyuma zanje, kandi ni we azokwicara ku ntebe y’ubwami yanje mu kibanza canje!’, ukwo ni ko nza gukora uyu musi+.” 31 Maze Bati-sheba arunama, mu maso hiwe hakora hasi, akubita inkoro hasi+ imbere y’umwami hanyuma avuga ati: “Umukama wanje Umwami Dawidi nabeho gushika igihe kitagira urugero*+!”
32 Umwami Dawidi aca avuga ati: “Nimumpamagarire Zadoki+ umuherezi na Natani umuhanuzi na Benaya+ mwene Yehoyada.” Nuko binjira imbere y’umwami. 33 Maze umwami ababwira ati: “Nimujane n’abasuku+ b’umukama wanyu, hanyuma mushire Salomo umuhungu wanje ku nyumpu yanje y’ingore+ muheze mumumanukane i Gihoni+. 34 Maze Zadoki umuherezi na Natani umuhanuzi bamurobanuze amavuta*+ ng’aho, abe umwami wo kuganza Isirayeli; namwe muvuze inzamba+, hanyuma muvuge muti: ‘Umwami Salomo nabeho+!’ 35 Muheze muduge mumukurikiye, hanyuma yinjire aheze yicare ku ntebe y’ubwami yanje; ni we azoba umwami mu kibanza canje, kandi ni we nzoshinga igikorwa co kuba indongozi ya Isirayeli n’iya Yuda.” 36 Benaya mwene Yehoyada aca yishura umwami ati: “Amen+! Yehova Imana y’umukama wanje umwami na we nyene avuge gutyo+. 37 Nk’uko nyene Yehova yabanye n’umukama wanje umwami+, abe ari ko abana na Salomo+, kandi atume intebe y’ubwami yiwe iba iyikomeye+ kuruta intebe y’ubwami y’umukama wanje Umwami Dawidi.”
38 Nuko Zadoki+ umuherezi na Natani+ umuhanuzi na Benaya+ mwene Yehoyada n’Abakereti+ n’Abapeleti+ baramanuka, bashira Salomo ku nyumpu y’ingore y’Umwami Dawidi+ hanyuma bamujana i Gihoni+. 39 Zadoki umuherezi atora rero ihembe ry’amavuta+ mw’ihema+ araheza ayarobanuza+ Salomo; batangura kuvuza inzamba, maze abantu bose basemerera bati: “Umwami Salomo nabeho+!” 40 Hanyuma abantu bose baraduga bamukurikiye, kandi abantu bariko bavuza imyironge+ bongera banezerwa akanyamuneza kenshi+, ku buryo isi+ isaduka kubera urwamo rwabo.
41 Nuko Adoniya n’abatumire bose bari kumwe na we bumva nya rwamo, mu gihe bari barangije kurya+. Yowabu yumvise ijwi ry’inzamba, aca avuga ati: “Urwo rwamo rw’igisagara kiri mu ntureka+ rusobanura iki?” 42 Akiriko aravuga, erega, Yonatani+ mwene Abiyatari umuherezi araza. Maze Adoniya avuga ati: “Niwinjire, kuko uri umugabo w’intwari, kandi ukaba uzanye inkuru nziza+.” 43 Mugabo Yonatani arishura, abwira Adoniya ati: “Oya! Umukama wacu Umwami Dawidi yimitse Salomo amugira umwami+. 44 Umwami yamurungikanye rero na Zadoki umuherezi na Natani umuhanuzi na Benaya mwene Yehoyada n’Abakereti n’Abapeleti, baraheza bamushira ku nyumpu y’ingore y’umwami+. 45 Maze Zadoki umuherezi na Natani umuhanuzi bamurobanuza amavuta i Gihoni aba umwami+; mu nyuma bava ng’aho, baduga banezerewe, kandi igisagara kiri mu ntureka. Urwo ni rwo rwamo mwumvise+. 46 Vyongeye, Salomo yicaye ku ntebe y’ubwami y’ingoma+. 47 Ikindi kandi, abasuku b’umwami baje kwipfuriza ineza umukama wacu Umwami Dawidi bati: ‘Imana yawe itume izina rya Salomo ryakaka kuruta izina ryawe, kandi itume intebe y’ubwami yiwe iba iyihambaye kuruta intebe y’ubwami yawe+!’ Umwami yaciye yunama ku gitanda+. 48 Ibi ni vyo kandi umwami yavuze: ‘Hahezagirwe+ Yehova Imana ya Isirayeli, we uno musi yatanze uwo kwicara ku ntebe y’ubwami yanje, amaso yanje bwite avyibonera+!’”
49 Nuko abatumire bose bari kumwe na Adoniya batangura kujugumira, maze barahaguruka baragenda, umwe wese ajana inzira yiwe+. 50 Nayo Adoniya, aratinya kubera Salomo. Arahaguruka rero, aragenda maze acakira amahembe y’igicaniro*+. 51 Mu nyuma Salomo amenyeshwa ngo: “Ehe Adoniya asigaye atinya Umwami Salomo; kandi ehe yafashe amahembe y’igicaniro, avuga ati: ‘Umwami Salomo nabanze andahire yuko atazokwicisha inkota umusuku wiwe.’” 52 Salomo aca avuga ati: “Niyaba umugabo w’intwari, nta gashatsi na kamwe+ kiwe kazokorokera hasi; mugabo niyabonekamwo ikibi+, azobwirizwa rero gupfa+.” 53 Nuko Umwami Salomo atuma abantu kumumanura kuri nya gicaniro. Maze araza, yunamira Umwami Salomo; hanyuma Salomo amubwira ati: “Genda i muhira iwawe+.”