2 Abami
14 Mu mwaka ugira kabiri wa Yehowasi+ mwene Yehowahazi umwami wa Isirayeli, Amaziya+ mwene Yehowasi umwami wa Yuda aba umwami. 2 Yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo ibiri n’icenda aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yehowadini+ w’i Yeruzalemu. 3 Abandanya gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+, yamara atari nka Dawidi sekuruza wiwe+. Akora yisunze ivyo se wiwe Yehowasi yari yarakoze vyose+. 4 Ibibanza bikirurutse ni vyo gusa bitazimanganye+. Abantu bari bagishikanira ibimazi bakongera bagafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse+. 5 Ubwami bukimara gukomera mu kuboko kwiwe, atangura kwica+ abasuku biwe bari barishe umwami se wiwe+. 6 Mugabo abana b’abo bicanyi ntiyabica, nk’uko ivyanditswe mu gitabu c’itegeko rya Musa biri, iryo Yehova yategetse, mu kuvuga+ ati: “Ba se ntibaze bicwe bahowe abana babo, kandi abana ntibaze bicwe bahowe ba se; mugabo umwe wese aze yicwe ahowe igicumuro ciwe bwite+.” 7 Ni we yiciye Abanyedomu+ mu Mubande w’Umunyu+, abagabo ibihumbi cumi; afata Sela mu ntambara, hanyuma bahita Yokiteyeli, gushika n’uyu musi.
8 Ico gihe ni ho Amaziya yatuma intumwa kuri Yehowasi mwene Yehowahazi, Yehowahazi wa Yehu, umwami wa Isirayeli ati: “Nuze duhangane+.” 9 Yehowasi umwami wa Isirayeli aca atuma kuri Amaziya umwami wa Yuda ati: “Icatsi c’amahwa cari muri Libani catumye kw’isederi+ ryari muri Libani giti: ‘Nuhe umukobwa wawe umuhungu wanje amubere umugore.’ Ariko igikoko co mu gahinga cari muri Libani kirarengana, gikandagira ico catsi c’amahwa+. 10 Nkako, warasasitse+ Edomu maze umutima wawe ugushira hejuru+. Nunezererwe iteka ryawe+ kandi wibere mu nzu yawe. Kubera iki none worinda kwinjira mu matati+ kandi ibintu bitoroshe+, ukabwirizwa gutemba, ugatembana na Yuda?” 11 Mugabo Amaziya ntiyumviriza+.
Nuko Yehowasi umwami wa Isirayeli araduga, maze barahangana+, we na Amaziya umwami wa Yuda, bahanganira i Beti-shemeshi+ hegukira Yuda. 12 Maze Yuda iratsindwa imbere ya Isirayeli+, ku buryo bahunga, umwe wese akaja kw’ihema ryiwe. 13 Amaziya umwami wa Yuda mwene Yehowasi, Yehowasi wa Ahaziya, ni we Yehowasi umwami wa Isirayeli yafatiye i Beti-shemeshi, baza i Yeruzalemu maze aca igihengeri mu ruhome rwa Yeruzalemu, kw’Irembo rya Efurayimu+, gushika kw’Irembo ryo mu Mfuruka+, igihengeri c’amatambwe* amajana ane. 14 Atora inzahabu zose n’ifeza zose n’ibintu vyose vyari mu nzu ya Yehova+ no mu matunga y’inzu y’umwami n’abagizwe imbohe, araheza asubira i Samariya.
15 Nayo ibisigaye mu vya Yehowasi, ivyo yakoze be n’ubushobozi bwiwe n’ukuntu yarwanye na Amaziya umwami wa Yuda, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli? 16 Amaherezo Yehowasi aryama hamwe na ba sekuruza+ hanyuma ahambwa i Samariya+ hamwe n’abami ba Isirayeli, maze Yerobowamu+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
17 Amaziya+ mwene Yehowasi umwami wa Yuda abandanya kubaho imyaka cumi n’itanu inyuma y’urupfu rwa Yehowasi+ mwene Yehowahazi umwami wa Isirayeli+. 18 Nayo ibisigaye mu vya Amaziya, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda+? 19 Amaherezo i Yeruzalemu baja hamwe mu mugambi mubi+ kugira ngo bamurwanye, na we ahungira i Lakishi+; mugabo batuma abamukurikira i Lakishi hanyuma bamwicirayo+. 20 Nuko bamutwara ku mafarasi maze ahambwa+ i Yeruzalemu hamwe na ba sekuruza biwe mu Gisagara ca Dawidi+. 21 Maze abantu bose bo muri Yuda batora Azariya+, ico gihe akaba yari afise imyaka cumi n’itandatu+, bamugira umwami mu kibanza ca se Amaziya+. 22 Ni we yubatse Elati+ maze ayisubiza kuri Yuda inyuma y’aho umwami aryamiye hamwe na ba sekuruza biwe.
23 Mu mwaka ugira cumi na gatanu wa Amaziya mwene Yehowasi umwami wa Yuda, Yerobowamu+ mwene Yehowasi umwami wa Isirayeli aba umwami i Samariya imyaka mirongo ine n’umwe. 24 Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova. Ntiyava mu bicumuro vyose vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yacumurishije Isirayeli+. 25 Ni we yasubijeho urubibe rwa Isirayeli, kuva ku bwinjiriro bwa Hamati+ gushika ku kiyaga co muri Araba+, nk’uko ijambo rya Yehova Imana ya Isirayeli ryari, uwari yaravuze biciye ku musavyi wiwe Yona+ mwene Amitayi, umuhanuzi yava i Gati-heferi+. 26 Kuko Yehova yari yarabonye amarushwa ababaje rwose ya Isirayeli+. Nta wutagira gitabara canke uwutagira ico amaze yariho, eka nta n’uwo gutabara Isirayeli yariho+. 27 Kandi Yehova yari yarasezeranye kudahanagura izina rya Isirayeli munsi y’ijuru+. Nuko arabakiza+ biciye ku kuboko kwa Yerobowamu mwene Yehowasi.
28 Nayo ibisigaye mu vya Yerobowamu n’ivyo yakoze vyose be n’ubushobozi bwiwe, ingene yarwanye n’ingene yasubije Damasiko+ na Hamati+ kuri Yuda muri Isirayeli, none ntivyanditswe mu gitabu c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli? 29 Amaherezo Yerobowamu aryama hamwe na ba sekuruza, hamwe n’abami ba Isirayeli, maze Zekariya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.