2 Abami
17 Mu mwaka ugira cumi na kabiri wa Ahazi umwami wa Yuda, Hosheya+ mwene Ela aba umwami wa Isirayeli i Samariya+ imyaka icenda. 2 Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova, yamara atari nk’abami ba Isirayeli bari baramwitangiye imbere+. 3 Ni we Shalumaneseri+ umwami wa Ashuri+ yaduze gutera, maze Hosheya aba umusuku wiwe hanyuma atangura kumuha ikibuguro+. 4 Ariko umwami wa Ashuri yubura umugambi mubi+ muri Hosheya, kuko yari yatumye intumwa ku mwami wa Misiri+ yitwa So, kandi akaba ataduganira ikibuguro umwami wa Ashuri nko mu myaka yo hambere. Ku bw’ivyo umwami wa Ashuri aramwugarana, aguma amuboheye mu nzu y’ibohero+.
5 Hanyuma umwami wa Ashuri aduga gutera igihugu cose yongera aduga i Samariya, amara imyaka itatu ahasugereje+. 6 Mu mwaka ugira icenda wa Hosheya, umwami wa Ashuri afata Samariya+ maze ajana Isirayeli mu bunyagano+ i Ashuri; abashira i Hala+ n’i Habori, iruhande y’uruzi Gozani+ no mu bisagara vy’Abamedi+ ngo babeyo.
7 Ivyo vyabaye kubera yuko bene Isirayeli bari bacumuye+ kuri Yehova Imana yabo, uwari yarabaduganye abakuye mu gihugu ca Misiri, munsi y’ukuboko kwa Farawo umwami wa Misiri+, maze batangura gutinya izindi mana+; 8 nuko baguma bagendera mu vyagezwe+ vy’amahanga Yehova yari yarirukanye imbere ya bene Isirayeli, no mu vyagezwe vy’abami ba Isirayeli, ivyo bari barashinze; 9 nuko bene Isirayeli batangura kuja mu bintu bitari bigororotse kuri Yehova Imana yabo+ kandi baguma biyubakira ibibanza bikirurutse+ mu bisagara vyabo vyose, kuva ku munara+ w’inderetsi gushika mu gisagara gikingijwe ibihome; 10 baguma bishingira inkingi nyeranda+ n’ibikingi vyeranda+ ku murambi wose ukirurutse+ no munsi y’igiti gitotahaye cose+; 11 kandi ng’aho kuri ivyo bibanza bikirurutse vyose babandanya kuhafumbishiriza umwotsi w’ibimazi nk’amahanga+ Yehova yari yaratwaye mu bunyagano kubera bo, baguma bakora ibintu bibi kugira ngo bababaze+ Yehova.
12 Kandi babandanya gukorera ibigirwamana vy’umwanda+, ivyo Yehova yari yarababwiye ku bivyerekeye ati: “Ntimuze mukore ico kintu+”; 13 Yehova aguma aburira+ Isirayeli+ na Yuda+ biciye ku bahanuzi+ biwe bose no ku mubonyi+ wese, ati: “Nimuhindukire muve mu nzira zanyu mbi+ maze mugumye amabwirizwa yanje+, ivyagezwe vyanje+, mwisunze itegeko ryose+ nategetse ba sogokuruza banyu+ nkongera nkarirungikira mwebwe biciye ku basavyi banje abahanuzi+”; 14 nuko ntibumviriza mugabo baguma bakomantaza amazosi yabo+ nk’amazosi ya ba sekuruza babo batari barizeye+ Yehova Imana yabo; 15 babandanya guta ingingo nyobozi ziwe n’isezerano+ ryiwe yari yaragiranye na ba sekuruza babo n’ivyibutsa+ vyiwe yari yarakoresheje mu kubaburira, hanyuma batangura gukurikira ibigirwamana vy’imburakimazi+ maze ubwabo bacika imburakimazi+, egome, mu kwigana amahanga yari irya n’ino yabo, ayo Yehova yari yarabategetse ku biyerekeye ngo ntibaze bakore nka yo+.
16 Nuko baguma baheba amabwirizwa+ yose ya Yehova Imana yabo hanyuma batangura kwihingurira ibishushanyo vyo mu cuma gishongeshejwe+, inyana zibiri+, no guhingura igikingi ceranda+, maze batangura kwunamira ingabo zose zo mu majuru+ no gukorera Bayali+; 17 kandi babandanya gucisha abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro+ no kuragura+ no kurondera ibimenyetso bitara ibizoba+, kandi baguma bigurisha+ kugira ngo bakore ivyari bibi mu maso ya Yehova, ngo bamubabaze+.
18 Ku bw’ivyo Yehova arurumbira ishavu+ rwose Isirayeli, bituma abakura mu maso yiwe+. Ntiyasigaza n’umwe kiretse umuryango wa Yuda wonyene+.
19 Mbere na Yuda ntiyagumije amabwirizwa ya Yehova Imana yabo+, mugabo batangura kugendera mu vyagezwe vya Isirayeli+, ivyo bano bari barashinze. 20 Nuko Yehova ata uruvyaro+ rwa Isirayeli rwose kandi aguma abateza amarushwa yongera abatanga mu kuboko kw’abasahuzi, gushika abataye bakava imbere yiwe+. 21 Kuko yashikuye Isirayeli ku nzu ya Dawidi, maze bimika Yerobowamu+ mwene Nebati aba umwami; nuko Yerobowamu akevya Isirayeli ireka gukurikira Yehova, abacumurisha igicumuro gikomeye+. 22 Nuko bene Isirayeli batangura kugendera mu bicumuro vya Yerobowamu vyose, ivyo yari yarakoze+. Ntibava muri vyo, 23 gushika Yehova akuye Isirayeli mu maso yiwe+, nk’uko yari yaravuze biciye ku basavyi biwe bose abahanuzi+. Isirayeli ija rero mu bunyagano i Ashuri ivuye ku butaka bwayo, gushika n’uyu musi+.
24 Mu nyuma umwami wa Ashuri azana abantu abakuye i Babiloni+ n’i Kuti n’i Ava+ n’i Hamati+ n’i Sefaruvayimu+, abashira mu bisagara vy’i Samariya+ mu kibanza ca bene Isirayeli ngo babeyo; nuko batangura kwigarurira Samariya no kuba mu bisagara vyaho. 25 Maze batanguye kubayo, ntibatinya+ Yehova. Ku bw’ivyo Yehova abarungikamwo intambwe+, na zo zikaza zirabica. 26 Batuma rero ku mwami wa Ashuri bati: “Ya mahanga wajana mu bunyagano ukayashira mu bisagara vya Samariya ntiyamenye uburyo bwo gusenga Imana y’ico gihugu, ku buryo iguma ibarungikamwo intambwe+; kandi ehe ziriko zirabica, kuko ata n’umwe azi uburyo bwo gusenga Imana y’ico gihugu.”
27 Umwami wa Ashuri aca ategeka ati: “Nimurungikeyo umwe mu baherezi+ mwakuyeyo mukajana mu bunyagano, kugira ngo aje kubayo maze abigishe uburyo bwo gusenga Imana y’ico gihugu.” 28 Nuko umwe mu baherezi bari barakuwe i Samariya bakajanwa mu bunyagano araza maze atangura kuba i Beteli+, hanyuma aba uwo kubigisha ingene babwirizwa gutinya Yehova+.
29 Ariko ihanga rimwerimwe ryose ukwaryo ryihingurira imana yaryo bwite+, baraheza bazishira mu nzu yo ku bibanza bikirurutse Abasamariya bari barakoze, ihanga rimwerimwe ryose ukwaryo, mu bisagara vyabo babamwo. 30 Abantu b’i Babiloni bahingura Sukoti-benoti; abantu b’i Kuti+ bahingura Nerugali; abantu b’i Hamati na bo bahingura Ashima. 31 Nayo Abava+, bahingura Nibuhazi na Tarutaki; Abasefaruvi+ baraturirira abahungu babo mu muriro+ ku bwa Adarameleki na Anameleki imana za Sefaruvayimu. 32 Nuko baba abatinya Yehova, kandi bafata abo mu bantu basanzwe babigirira abaherezi+ b’ibibanza bikirurutse, maze bano baba abo kubakorera mu nzu yo mu bibanza bikirurutse. 33 Baratinya Yehova+, mugabo bagasenga imana zabo bwite+, bisunze uburyo bwo gusenga bw’amahanga bari barakuwemwo bakajanwa mu bunyagano+.
34 Gushika n’uyu musi bakora bisunze uburyo bwo gusenga bwabo bwa kera+. Nta n’umwe yatinya Yehova+ kandi nta n’umwe yakora yisunze ivyagezwe vyiwe n’ingingo z’ubutungane* ziwe+ n’itegeko+ ryiwe n’ibwirizwa+ Yehova yari yarategetse bene Yakobo+, uwo yahinduriye izina rikaba Isirayeli+; 35 igihe Yehova yagirana isezerano+ na bo akongera akabategeka ati: “Ntimuze mutinye izindi mana+, kandi ntimuze muzunamire canke ngo muzikorere canke ngo muzishikanire ibimazi+. 36 Mugabo Yehova, we yabaduganye abakuye mu gihugu ca Misiri akoresheje ububasha bwinshi n’ukuboko kuramvuye+, ni we mukwiye gutinya+, ni we mukwiye kwunamira+, kandi ni we mukwiye gushikanira ibimazi+. 37 Ingingo nyobozi+ n’ingingo z’ubutungane+ n’itegeko n’ibwirizwa yabandikiye+, muze mwame mwitwararika kubishitsa+; ntimuze mutinye izindi mana. 38 Isezerano nagiranye namwe, ntimuze muryibagire+; ntimuze mutinye izindi mana+. 39 Mugabo Yehova+ Imana yanyu aze abe ari we mutinya, kuko ari we azobarokora akabakura mu kuboko kw’abansi banyu bose+.”
40 Ariko ntibagamburutse, mugabo bǎkora bisunze uburyo bwo gusenga bwabo bwa kera+. 41 Ayo mahanga yaratinya Yehova+, mugabo agakorera ibishusho vyayo bibajwe. Nayo abahungu babo n’abuzukuru babo, gushika n’uyu musi bakora nk’uko ba sekuruza babo bari barakoze.