1 Ngoma
14 Nuko Hiramu+ umwami wa Tiro+ arungika intumwa kuri Dawidi, n’ibiti vy’amasederi+ n’abubatsi b’impome n’abakora mu vy’ibiti, kugira ngo bamwubakire inzu+. 2 Dawidi amenya rero ko Yehova yari yamushimangiye+ bwa mwami wa Isirayeli, kuko ingoma yiwe yari yashizwe hejuru rwose kubera igisata ciwe Isirayeli+.
3 Nuko Dawidi yabira abandi bagore+ i Yeruzalemu, maze Dawidi avyara abandi bahungu n’abakobwa+. 4 Aya ni yo mazina y’abana yaronkeye i Yeruzalemu: Shamuwa+ na Shobabu+, Natani+ na Salomo+, 5 na Ibuhari+ na Elishuwa na Elipeleti+, 6 na Noga na Nefegi+ na Yafiya, 7 na Elishama+ na Beyeliyada na Elifeleti+.
8 Nuko Abafilisitiya bumva yuko Dawidi yari yarobanujwe amavuta ngo abe umwami wa Isirayeli yose+. Abafilisitiya bose baca baduga kurondera Dawidi+. Dawidi avyumvise, aca asohoka kubarwanya. 9 Abafilisitiya na bo barashika maze baguma bagaba ibitero mu kiyaya co hasi ca Refayimu+. 10 Dawidi asiguza Imana+, ati: “Nduge kurwanya Abafilisitiya, nawe urabatanga ata gukeka mu kuboko kwanje?” Yehova aca amubwira ati: “Duga, nanje ndabatanga ata gukeka mu kuboko kwawe.” 11 Dawidi aduga rero i Bayali-perazimu+, maze abasasikira ng’aho. Nuko Dawidi avuga ati: “Imana y’ukuri yaciye igihengeri mu bansi banje biciye ku kuboko kwanje, nk’igihengeri giciwe n’amazi.” Ni co catumye aho hantu+ bahita Bayali-perazimu. 12 Nuko bata ng’aho imana zabo+. Hanyuma Dawidi atanga itegeko, maze zituririrwa mu muriro+.
13 Mu nyuma Abafilisitiya bongera kugaba igitero mu kiyaya co hasi+. 14 Dawidi aca yongera gusiguza+ Imana, maze Imana y’ukuri imubwira iti: “Ntuduge inyuma yabo. Bazunguruke, uheze ushike kuri bo imbere y’ibisaka vy’imibaka+. 15 Niwumva urwamo rw’imirindi hejuru ya nya bisaka vy’imibaka+, uce usohoka uje mu rugamba+, kuko Imana y’ukuri izoba yakugiye imbere+ kugira ngo isasike ikambi y’Abafilisitiya.” 16 Dawidi agira rero nk’uko Imana y’ukuri yari yamutegetse+, basasika ikambi y’Abafilisitiya kuva i Gibeyoni+ gushika i Gezeri+. 17 Nuko ukuba rurangiranwa kwa Dawidi+ gutangura gukwiragira mu bihugu vyose, kandi Yehova ubwiwe atuma amahanga yose amutinya+.