1 Ngoma
21 Maze Shetani ahagurukira Isirayeli, asunikira+ Dawidi guharūra Isirayeli. 2 Nuko Dawidi abwira Yowabu+ n’abakuru b’abantu ati: “Gende muharure+ Isirayeli kuva i Beyeri-sheba+ gushika i Dani+ muheze munzanire ivyo mwaharuye kugira ngo menye igitigiri cabo+.” 3 Mugabo Yowabu avuga ati: “Yehova yongere ku bantu biwe abangana na bo incuro ijana+. Mbega ga mukama wanje umwami, bose si abasuku b’umukama wanje? None umukama wanje aronderera iki ivyo+? Kubera iki yokwegera Isirayeli ukwagirwa n’icaha?”
4 Ariko ijambo ry’umwami+ rinesha Yowabu, ku buryo Yowabu asohoka+ akagendagenda muri Isirayeli yose, hanyuma aza i Yeruzalemu+. 5 Nuko Yowabu aha Dawidi igitigiri c’abantu bari banditswe; Isirayeli yose yarimwo abagabo umuliyoni n’ibihumbi ijana barwanisha inkota+, Yuda na yo abagabo ibihumbi amajana ane na mirongo irindwi barwanisha inkota. 6 Mugabo Lewi+ na Benyamini ntiyari yabanditse muri bo+, kuko ijambo ry’umwami ryari ryabaye iriteye ishishi kuri Yowabu.
7 Nuko ico kintu kiba kibi mu maso y’Imana y’ukuri+, ku buryo ikubita Isirayeli. 8 Dawidi abwira rero Imana y’ukuri ati: “Nacumuye+ cane kuko nakoze ico kintu. None rero, ndakwinginze utume ikosa ry’umusavyi wawe rirengana+; kuko nakoze ivy’ubupfu rwose+.” 9 Nuko Yehova abwira Gadi+ umubonyi wa Dawidi+ ati: 10 “Genda ubwire Dawidi uti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Hari ibintu bitatu nshize imbere yawe+. Niwihitiremwo kimwe muri vyo, kugira ngo ndakikugirire+.”’” 11 Gadi yinjira rero kwa Dawidi+ hanyuma amubwira ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Niwihitiremwo, 12 nimba hazoca imyaka itatu hari ikigoyi+; canke amezi atatu ugesezwa imbere y’abarwanizi bawe+, inkota y’abansi bawe iguhamvya, canke hace imisi itatu hari inkota ya Yehova+ mu gihugu, egome, ikiza+, umumarayika wa Yehova agenda aratikiza+ mu karere kose ka Isirayeli.’ None rero nurabe ico ndi bwishure uwantumye.” 13 Nuko Dawidi abwira Gadi ati: “Birantuntuje cane. Ndakwinginze ngwe mu kuboko kwa Yehova+, kuko imbabazi ziwe ari nyinshi cane+; mugabo singwe mu kuboko kw’umuntu+.”
14 Maze Yehova arungika ikiza+ muri Isirayeli, ku buryo muri Isirayeli hagwa abantu ibihumbi mirongo irindwi+. 15 Vyongeye, Imana y’ukuri irungika umumarayika i Yeruzalemu kugira ngo ahahonye+; agitangura kuhahonya, Yehova arabibona hanyuma atangura kwicuza kubera ico cago+; maze abwira nya mumarayika yariko arahonya ati: “Birahagije+! Ubu rero numanure ukuboko kwawe.” Uwo mumarayika wa Yehova yari ahagaze hafi y’imbuga y’ikubitiro ya Orunani*+ Umuyebusi+.
16 Dawidi araramuye amaso, abona nya mumarayika wa Yehova+ ahagaze hagati y’isi n’ijuru, yasokoye inkota+ yiwe ayifise mu kuboko, ayerekeje i Yeruzalemu; maze Dawidi n’abagabo b’inararibonye, bambaye amagunira*+, baca bagwa hasi bubamye+. 17 Nuko Dawidi abwira Imana y’ukuri ati: “None si jewe navuze ngo baharure abantu, kandi si jewe nacumuye ngakora koko nabi+? Nayo izi ntama+, zakoze iki? Ewe Yehova Mana yanje, ndakwinginze ukuboko kwawe kuze kuri jewe no ku nzu ya dawe; mugabo ntikuze ku bantu bawe+, ngo kubateze ikiza.”
18 Nya mumarayika wa Yehova na we abwira Gadi+ ngo abwire Dawidi aduge gushingira igicaniro Yehova ku mbuga y’ikubitiro ya Orunani Umuyebusi+. 19 Dawidi araduga rero, akurikije ijambo rya Gadi, iryo yari avuze mw’izina rya Yehova+. 20 Muri ico gihe, Orunani+ arahindukira maze abona nya mumarayika; kandi abahungu biwe bane bari kumwe na we bariko barinyegeza. Kandi Orunani yari yamye arakubita ingano. 21 Nuko Dawidi araza gushika kwa Orunani. Orunani aravye akabona Dawidi+, aca ava kuri nya mbuga y’ikubitiro maze yunamira Dawidi, mu maso hiwe hashika hasi. 22 Maze Dawidi abwira Orunani ati: “Numpe aho hantu hari imbuga y’ikubitiro, kugira ngo ndahubakire igicaniro Yehova. Nuhampe+ ku mahera+ hakwiriye, kugira ngo ikiza+ kibone guhagarara kive ku bantu.” 23 Mugabo Orunani abwira Dawidi ati: “Nuhatware habe ahawe+, kandi umukama wanje umwami akore ico abona ko ari ciza. Ehe ntanze inka+ ngo zibe amashikanwa aturirwa, n’igikubitisho+ ngo kibe inkwi+, n’ingano bwa shikanwa ry’intete. Vyose ndabitanze+.”
24 Ariko Umwami Dawidi abwira Orunani ati: “Oya, ahubwo singenda ntahaguze amahera hakwiriye+, kuko ntari butware ivyawe kuri Yehova kugira ngo nshikane ibimazi biturirwa ata co biguzwe.” 25 Dawidi aha rero Orunani ku bw’aho hantu shekeli z’inzahabu zifise uburemere bw’amajana atandatu+. 26 Maze Dawidi yubakira igicaniro+ Yehova ng’aho hanyuma ashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vy’ugusangira, araheza atangura kwambaza Yehova+, na we amwishura akoresheje umuriro+ uvuye mu majuru, uza kuri nya gicaniro c’ishikanwa riturirwa. 27 Vyongeye, Yehova ategeka nya mumarayika+, na we aca asubiza inkota yiwe mu rwubati. 28 Ico gihe, Dawidi abonye ko Yehova amwishuriye kuri nya mbuga y’ikubitiro ya Orunani Umuyebusi, abandanya kuhashikanira ibimazi+. 29 Mugabo ya taberenakulo ya Yehova Musa yari yarakoreye mu gahinga na ca gicaniro c’ishikanwa riturirwa, ico gihe vyari ku kibanza gikirurutse c’i Gibeyoni+. 30 Kandi Dawidi ntiyari yarashoboye kuja imbere yaco kugira ngo abaze Imana, kuko yari yaragize ubwoba+ kubera inkota ya wa mumarayika wa Yehova.