Nehemiya
1 Amajambo ya Nehemiya+ mwene Hakaliya: Mu kwezi kwa Kisilevu+, mu mwaka ugira mirongo ibiri+, nari mu kirimba Shushani+. 2 Maze Hanani+ umwe muri bene wacu arinjira, we n’abandi bagabo bavuye muri Yuda, hanyuma ntangura kubabaza+ amakuru y’Abayuda+, abari baracitse kw’icumu+, amasigarira y’abari barajanywe mu bunyagano+, n’amakuru ya Yeruzalemu. 3 Nuko bambwira bati: “Abasigaye, amasigarira y’abari barajanywe mu bunyagano, hariya mu ntara y’ubutware+, bamerewe nabi cane+ kandi bari mu ceyi+; uruhome+ rwa Yeruzalemu rwarasenyutse, amarembo yaho+ na yo yaraturijwe umuriro.”
4 Ncumva ayo majambo, nca ndicara ntangura kurira, mara imisi ngandaye; nguma nisonzesha+ nongera nsenga imbere y’Imana y’amajuru+. 5 Maze mvuga nti: “Ewe Yehova Mana y’amajuru, Mana ihambaye kandi iteye ubwoba+, igumya isezerano+ ku bayikunda+ kandi bakagumya amabwirizwa yayo+ ikongera ikabagirira ubuntu bwuzuye urukundo, 6 ndakwinginze, ugutwi kwawe kwumvirize+ n’amaso yawe yuguruke, kugira ngo wumvirize isengesho ry’umusavyi wawe+, iryo ndiko ntura imbere yawe uyu musi, ku murango no mw’ijoro+, ku vyerekeye bene Isirayeli abasavyi bawe, natura+ ibicumuro+ vya bene Isirayeli twagucumuyeko. Twaracumuye, jewe n’inzu ya dawe+. 7 Vy’ukuri twarakoze nabi imbere yawe+ kandi ntitwagumije amabwirizwa+ n’ingingo nyobozi+ n’ingingo z’ubutungane*+ wategetse biciye kuri Musa umusavyi wawe+.
8 “Ndakwinginze wibuke+ ijambo wategetse Musa umusavyi wawe uti: ‘Nimwahemuka, nzobasanzaza mu bisata vy’abantu+. 9 Nimwamara kungarukako+ mukagumya amabwirizwa yanje+, mukayashitsa+, naho abashwiragiye banyu bazoba bari ku mpera y’amajuru, nzobegeranya ndabakuyeyo+, ndabazane+ ata gukeka ahantu natoye ngo izina ryanje rihabe+.’ 10 Vyongeye, ni abasavyi bawe+ bakaba n’abantu bawe+, abo wacunguje ububasha bwawe+ buhambaye n’ikiganza cawe gikomeye+. 11 Ewe Yehova, ndakwinginze ugutwi kwawe kwumvirize isengesho ry’umusavyi wawe n’isengesho+ ry’abasavyi bawe bahimbarwa no gutinya izina ryawe+; ndakwinginze uhe umusavyi wawe kuroranirwa uno musi+, utume aba uwo kwumvirwa akagongwe imbere y’uyu mugabo+.”
Ico gihe nari uwuhereza ibinyobwa+ umwami.