Esiteri
4 Nuko Morudekayi+ amenya ibintu vyose vyari vyakozwe+; maze Morudekayi atantamura impuzu ziwe, yambara igunira*+ yongera yishirako iminyota+ hanyuma arasohoka aja hagati mu gisagara araheza araboroga n’ijwi rirenga n’intuntu+. 2 Amaherezo ashika imbere y’irembo ry’umwami+, kuko ata n’umwe yashobora kwinjira mw’irembo ry’umwami yambaye igunira. 3 Kandi mu ntara z’ubutware zitandukanye zose+, ahantu hose ijambo ry’umwami n’itegeko ryiwe vyashika, haba ukugandara+ gukomeye mu Bayuda, n’ukwisonzesha+ n’amarira n’amaborogo. Nuko benshi basanza amagunira+ n’iminyota+ ngo bibabere uburiri. 4 Inkumi za Esiteri n’inkone+ ziwe ziza rero kubimumenyesha. Umwamikazi agira umubabaro mwinshi cane. Maze arungika impuzu ngo bambike Morudekayi bongere bamwambure igunira ryiwe. Ariko ntiyazemera+. 5 Esiteri aca ahamagara Hataki+, umwe mu nkone z’umwami, uwo umwami yari yarashizeho ngo amukorere, maze amuha itegeko ku bijanye na Morudekayi, kugira ngo amenye ico ivyo bisigura n’ivyo ari vyo.
6 Hataki arasohoka rero aja iyo Morudekayi ari mu kibanza ca bose c’igisagara cari imbere y’irembo ry’umwami. 7 Maze Morudekayi amumenyesha ibintu vyose vyari vyamushikiye+ be n’ido n’ido ry’amahera Hamani yari yavuze ko azotangira Abayuda ngo aje mu kigega c’umwami+, kugira barandurwe+. 8 Ya kopi+ y’urwandiko rw’itegeko ryari ryatanzwe muri Shushani+ ngo bazimanganywe, arayimuha kugira ayereke Esiteri yongere abimumenyeshe, no kugira ngo amutegeke+ kwinjira aho umwami ari hanyuma atakambe amusaba ubutoni+ yongere asabire igisata ciwe+ imbere y’umwami ata handi biciye.
9 Hataki+ arinjira rero, amenyesha Esiteri amajambo ya Morudekayi. 10 Maze Esiteri avugana na Hataki, amutegeka kubwira Morudekayi+ ati: 11 “Abasuku b’umwami bose n’abantu bo mu ntara z’ubutware z’umwami barazi yuko umugabo wese canke umugore wese yinjira aho umwami ari mu kigo c’indani+ adahamagawe, itegeko ryiwe rimwe+ ari iry’uko yicwa; umwami amutunze agakoni k’ubutware k’inzahabu, ni ho gusa abandanya kubaho+. Ariko jewe, ubu haciye imisi mirongo itatu ntarahamagarwa ngo ninjire aho umwami ari.”
12 Nuko bamenyesha Morudekayi amajambo ya Esiteri. 13 Maze Morudekayi avuga ko bishura Esiteri bati: “Ntiwiyumvire mu mutima wawe yuko urugo rw’umwami rworwo ruzorusimba mu bandi Bayuda bose+. 14 Kuko niwapfa kwinumira muri iki gihe, ugutabarwa n’ukurokorwa kw’Abayuda kuzoboneka kuvuye ahandi hantu+; mugabo wewe n’inzu ya so muzoyogera. Vyongeye, hari uwuzi ko icatumye ushikira icubahiro c’ubwamikazi atoba ari ukugira uhaseruke mu gihe nk’iki+?”
15 Nuko Esiteri avuga ko bishura Morudekayi bati: 16 “Genda ukoranye Abayuda bose bari i Shushani+ hanyuma mwisonzeshe+ ku bwanje, mumare imisi itatu+ mutarya canke ngo munywe, ijoro n’umurango. Na jewe ndi kumwe n’inkumi zanje+, nzokwisonzesha gutyo nyene; nzoheza rero ninjire aho umwami ari, naho biteye kubiri n’itegeko; ninaba mbwirizwa gupfa+, mpfe.” 17 Morudekayi aca aragenda, akora yisunze ivyo Esiteri yari yamutegetse vyose.