Esiteri
5 Nuko ku musi ugira gatatu+ Esiteri yambara camikazi+, hanyuma ahagarara mu kigo c’indani+ c’inzu y’umwami aharabana n’inzu y’umwami, mu gihe umwami yari yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami mu nzu y’umwami aharabana n’ubwinjiriro bw’inzu. 2 Umwami akimara kubona Esiteri umwamikazi ahagaze mu kigo, Esiteri agira ubutoni+ mu maso yiwe, ku buryo umwami amutunga agakoni k’ubutware k’inzahabu+ kari mu kuboko kwiwe. Esiteri aregera rero, akora kw’isonga ry’ako gakoni.
3 Maze umwami amubwira ati: “Ni amaki ga Esiteri mwamikazi, kandi ushaka gusaba iki+? Niyo coba ica kabiri c’ubwami+, uragihabwa!” 4 Esiteri na we avuga ati: “Nimba umwami abona ko ari vyiza, azanane na Hamani+ uyu musi ku nzimano+ namuteguriye.” 5 Nuko umwami avuga ati: “Bwire Hamani agire ningoga+, nk’uko Esiteri avuze.” Mu nyuma umwami na Hamani baza ku nzimano Esiteri yari yateguye.
6 Amaherezo umwami abwira Esiteri mu gihe c’inzimano y’umuvinyu ati: “Ugomba iki+? Uragihabwa! Ushaka gusaba iki? Niyo coba ica kabiri c’ubwami, uragihabwa!” 7 Esiteri aca yishura ati: “Ico ngomba be n’ico nshaka gusaba ni iki: 8 Nimba ngize ubutoni mu maso y’umwami+ kandi nimba umwami abona ko ari vyiza kumpa ico ngomba akongera akagira nk’uko ndamusavye, umwami na Hamani bazoze ku nzimano nzobatereka ejo, maze ejo nzogira nk’uko umwami avuze+.”
9 Hamani rero asohoka kuri uwo musi anezerewe+ kandi aryohewe mu mutima; mugabo Hamani akibona Morudekayi mw’irembo ry’umwami+ akabona kandi yuko atahagurutse+ be n’uko atajugumiye kubera we+, aca yuzura ubushangashirwe+ kubera Morudekayi. 10 Ariko Hamani arigumya, yinjira mu nzu yiwe. Maze atumako abagenzi biwe na Zereshi+ umugore wiwe; 11 Hamani abiganira ubuninahazwa bw’ubutunzi+ bwiwe n’igitigiri kinini c’abahungu biwe+ n’ikintu cose umwami yari yaramugirishije mukuru be n’ingene yari yamushize hejuru y’abaganwa n’abasuku b’umwami+.
12 Hamani abandanya kuvuga ati: “Vyongeye, Esiteri umwamikazi nta wundi yinjije ari kumwe n’umwami ku nzimano yari yateguye atari jewe+, kandi n’ejo+ na ho nyene natumiwe iwe hamwe n’umwami. 13 Mugabo ivyo vyose—nta na kimwe muri vyo kimbumba nkibona Morudekayi Umuyuda yicaye mw’irembo ry’umwami.” 14 Zereshi umugore wiwe n’abagenzi biwe bose baca bamubwira bati: “Nibategure igiti+ kireha n’amatambwe* mirongo itanu. Maze ejo mu gitondo+ uzobwire umwami bakimanikeko Morudekayi+. Hanyuma uze winjirane n’umwami ku nzimano unezerewe.” Nuko ico kintu kiboneka ko ari ciza+ imbere ya Hamani, maze ategeka ko bategura nya giti+.