12 Yobu arishura ati:
2 “Ni ukuri mwebwe ni mwe bantu,
Ubukerebutsi buzopfana namwe+!
3 Na jewe mfise umutima+ nkamwe.
Sindi munsi yanyu+;
Ni nde adafise ibintu nk’ivyo?
4 Ncitse umuntu w’akamenyo kuri mugenziwe+,
Uwuhamagara Imana ngo imwishure+.
Umugororotsi, uwutagirako umugayo, abaye akamenyo.
5 Mu vyiyumviro, uwutagira amaganya akengera ukuzimangana+;
Guteguriwe ab’ibirenge binyoganyoga+.
6 Amahema y’abanyazi nta maganya agira+,
Kandi abatera Imana gushangashirwa bifitiye umutekano
Ufiswe n’uwuzanye imana mu kuboko kwiwe+.
7 Ariko, ndakwinginze ubaze ibitungwa, bizokwigisha+;
N’ibiremwa vy’amababa vyo mu kirere, bizokubwira+.
8 Canke, niwegere isi, izokwigisha+;
N’amafi yo mu kiyaga+ azobikumenyesha.
9 Ni nde muri abo bose atazi neza
Yuko ukuboko kwa Yehova ari kwo kwakoze ivyo+,
10 Umwe afise mu kuboko kwiwe ubuzima+ bw’umuntu wese muzima
Be n’impwemu y’umubiri wose w’umuntu+?
11 Mbega ugutwi ntigucaca amajambo+
Nk’uko amagage+ ahonja ibifungurwa?
12 Mbega ubukerebutsi ntiburi mu basaza+
N’ugutegera kukaba mu bwinshi bw’imisi?
13 Iwe ni ho habarizwa ubukerebutsi n’ubushobozi+;
Ni we afise impanuro n’ugutegera+.
14 Raba! Arasambura, ntihagire uwubaka+;
Arugara vyose ku muntu, ntivyuguruke+.
15 Raba! Atangira amazi agakama+;
Yayarungika na ho, agahindura isi+.
16 Iwe hari inkomezi n’ubukerebutsi ngirakamaro+;
Uwukora amakosa n’uwuhuvya+ ni abiwe;
17 Atuma abajanama bagenda ibirenge bisa+,
Agatuma abacamanza bagwara ibisazi.
18 Imvuto z’abami arazibohora+,
Akababohera umukaba mu mafyinga.
19 Atuma abaherezi bagenda ibirenge bisa+,
Abicaye bagashika na bo akabatembagaza+;
20 Yaka ijambo abizigirwa,
Agakuraho ukwiyumvira neza kw’abatama;
21 Asuka agakengerwe ku banyacubahiro+,
Umukanda w’abanyabubasha akawutuburura;
22 Ashira ahabona ibintu vyimbitse abikuye mu mwiza+,
Igitutu kizitanye akakizana ku muco;
23 Atera amahanga kuba ayakomeye kugira ayarandure+;
Yāgura amahanga kugira ayashorere agende;
24 Akuraho umutima w’abakuru b’abanyagihugu,
Ngo atume bayerera ahagaragara+, hatagira inzira.
25 Barakabakaba mu mwiza+, ahatagira umuco,
Ngo atume bayerera nk’imborerwa+.