19 Yobu arishura ati:
2 “Muzogeza ryari kuguma muntera ishavu+
No kuguma munjanjaguza amajambo+?
3 Zibaye incuro cumi mumpambarira;
Nta soni mugira kumfata nabi gutyo+.
4 Nimba data wanje nakoze ikosa+,
Ikosa ryanje ni je rizobako.
5 Nimba vy’ukuri mwihambaza kuri jewe+,
Mukerekana ko iceyi kindiko kinkwiriye+,
6 Nimumenye rero yuko Imana ari yo impubishije,
Ikanyugaranira mu rusenga rwayo rw’uruhigi+.
7 Raba! Nguma nsemerera nti: ‘Ubukazi!’ mugabo nta nyishu ndonka+;
Nguma ntabaza, mugabo nta butungane+.
8 Umunyuro wanje yawuzibije uruhome rw’amabuye+, kandi sinshobora kurengana;
Mu mabarabara yanje na ho ihashize umwiza+.
9 Ubuninahazwa bwanje yabunyambuye+,
Inkurako urugori rw’umutwe wanje.
10 Insitura impande zose, nkigira;
Irandura icizigiro canje nk’igiti.
11 Ishavu ryayo na ryo nyene rirandurumbira+,
Kandi iguma imfata nk’umurwanizi wayo.
12 Abasirikare bayo baza ari urunani bakaringaniza inzira yabo ngo bandwanye+,
Bagakambika hirya no hino y’ihema ryanje.
13 Bene wacu ibashize kure yanje+,
Abari banzi na bo barakevya, baranta.
14 Abagenzi somambike banje ntibakiriho+,
Abo nari nzi na bo banyibagiye,
15 Ababayeho ari ba kavamahanga mu nzu yanje+; abashumbakazi banje bamfata nk’uw’ahandi;
Nsigaye ndi umunyamahanga nyawe mu maso yabo.
16 Mpamagaye umusavyi wanje, ariko ntiyitaba.
Nguma ndamutakambira n’akanwa kanje ngo angirire impuhwe.
17 Impemu zanje zisigaye zishisha umugore wanje+,
Nsigaye nukira bene mama.
18 N’uduhungu dutoyi twantaye nk’akanuka+;
Mpfa guhaguruka, tugatangura kuntuka.
19 Abo mu mugwi w’abagenzi banje somambike bose banyanka urunuka+,
Abo nakunda na bo bampindutse+.
20 Amagufa yanje yumiye ku rukoba rwanje no ku nyama zanje+,
Mpunganye urukoba rw’amenyo yanje.
21 Nyumvira impuhwe na nkeyi, nyumvira impuhwe na nkeyi, emwe bagenzi+,
Kuko ukuboko kw’Imana kunkozeko+.
22 Kuki muguma mumpama nk’uko Imana impama+,
Ntimuhazwe n’inyama zanje?
23 Ese iyaba amajambo yanje yokwanditswe!
Ese iyaba yokwanditswe mu gitabu!
24 Ese iyaba yokorogoshowe mu gitandara ibihe bidahera,
N’agasáruzo k’icuma+ n’ubutare bw’isǎsu!
25 Kandi jewe ndazi neza ko umucunguzi wanje+ ari muzima,
Kandi ko niyaza mu nyuma zanje azohagarara+ ku mukungugu.
26 Kandi mu nyuma y’urukoba rwanje, urwo bashishuye,—ibi!
Naho inyama zanje zoba zampezeko, nzokwitegereza Imana,
27 Iyo mbere nzokwitegereza ku bwanje+,
N’amaso yanje akayibona koko, mugabo uw’ahandi ntazoyibona.
Amafyigo yanje yagwabiye ibwina muri jewe.
28 Kuko muvuga ngo: ‘Tuguma tumuhamira iki+?’
Kandi umuzi w’ingorane uri muri jewe.
29 Nimutinyire ubuzima bwanyu kubera inkota+,
Kuko inkota isigura ugushangashirwa kubera amakosa,
Kugira mumenye ko hariho umucamanza+.”