21 Yobu arishura ati:
2 “Umviriza ijambo ryanje mwitonze,
Bibabere ukwirurwa.
3 Nimunyihanganire, nanje mvuge+;
Ninaheza kuvuga, umwe wese muri mwebwe abone gutwengera mw’ijigo.
4 Nayo jewe, mbega amaganya yanje aturwa umuntu?
Canke ni kuki umutima wanje biwukundira kwihangana?
5 Nimuhindukirire iyo ndi mundabe mwumiwe,
Mushire ukuboko ku munwa+.
6 Iyo ndavyibutse, nca mpagarika umutima,
Inyama zanje zigahinda agashitsi.
7 Kuki ababisha babandanya kubaho+,
Bagasaza, kandi bakaminuza mu butunzi+?
8 Uruvyaro rwabo rurashimangiye iruhande yabo, bavyibonera,
N’ababakomokako barashimangiye mu maso yabo.
9 Inzu zabo ni amahoro masa, ubwoba zirabaza+,
Kandi inkoni y’Imana ntiri kuri bo.
10 Ishūri yiwe irimya igafatisha, ntipfisha ubusa imbuto zayo;
Inka yiwe iravyara+, ntiramburura.
11 Baguma bâhura uduhungu twabo dutoyi kurya kw’umukuku,
Abana babo b’abahungu bakikina amatavu.
12 Baguma bashira ijwi hejuru hariko n’akagoma n’inanga+,
Bakaguma banezerewe kw’ijwi ry’umwironge.
13 Bamara imisi yabo biryohererwa+,
Maze mu kanya bakamanuka mu kuzimu.
14 Babwira Imana y’ukuri bati: ‘Tuveko+!
Ntitwahimbawe no kumenya inzira zawe+.
15 Mushoboravyose ni iki, ngo tumukorere+?
Bitwungura iki kuba twaramwituye+?’
16 Raba! Ukumererwa neza kwabo ntikuri mu bubasha bwabo+.
Impanuro y’ababisha yagumye kure yanje+.
17 Ni kangahe itara ry’ababisha rizima+,
Vyongeye, ni kangahe icago kibazako?
Ni kangahe mw’ishavu ryayo itanga umugabane w’agatikizo+?
18 Boba bacika ibikumbi imbere y’umuyaga+,
Bagacika kandi nk’umuguruka usahuwe n’umuyaga w’ikirura?
19 Ibintu bibabaza vy’umuntu Imana izobibikira abana biwe+;
Izomuhemba ku buryo abimenya+.
20 Amaso yiwe azobona ukuyama kwiwe,
Kandi azonywa ku bushangashirwe bwa Mushoboravyose+.
21 None azohimbarwa n’iki mu nzu yiwe mu nyuma ziwe,
Igihe igitigiri c’amezi yiwe kizoba caciwemwo kubiri+?
22 Mbega azokwigisha Imana ubumenyi+
Kandi ubwayo ari yo icira urubanza abahambaye+?
23 Uyo azopfa yikwiye rwose+,
Ata co yinona namba, yitekaniye,
24 Amatako yiwe asigaye yuzuye ibinure,
Umusokoro w’amagufa yiwe na wo uguma ubomvye.
25 Uwundi na we azopfa umutima wiwe udundumiwe,
Atararya ku bintu vyiza+.
26 Bazoryama hamwe mu mukungugu+
Inyo na zo zibiremeko nk’igipfukisho+.
27 Erega ndazi neza ivyiyumviro vyanyu
N’imigambi mwokoresha mu kungirira nabi+.
28 Kuko muvuga ngo: ‘Inzu y’umunyacubahiro iri hehe,
Ihema riri hehe, insago z’ababisha ziri hehe+?’
29 Mbega ntimwabajije abagira ingendo mu mayira?
Ntimusuzuma neza ibimenyetso vyabo,
30 Yuko ku musi w’ivyago umubi azigurizwa+,
Ku musi w’uburake akarokorwa?
31 Ni nde azomubwira ivy’inzira yiwe amaso mu yandi+?
Kandi ni nde azomuhembera ivyo we ubwiwe yakoze+?
32 Ariko we, azojanwa kw’itongo ry’abapfuye+,
Maze ku mva bagume baharinze.
33 Ibinonko vyo mu mwonga bizomusosera+,
Azokwegera inyuma yiwe abantu bose+,
Kandi abamwitangiye imbere ntibagira igitigiri.
34 Ewe kuntu ari ivy’ubusa rero kuba mugerageza kumpoza+,
N’inyishu zanyu zikaguma ari nk’ubuhemu!”