Yobu
3 Inyuma y’ivyo ni ho Yobu yateranura akanwa, agatangura guhamagarira akabi ku musi wiwe+. 2 Yobu rero avuga ati:
3 “Umusi navukiyeko uragapfa+,
Na rya joro umuntu yavuga ngo: ‘Umuntu w’umugabo yasamwe inda!’
4 Uwo musi, nucike umwiza.
Imana ntikawurondere iri iyo hejuru,
Eka n’umuco w’umurango ntugakayanganire kuri wo.
5 Umwiza n’igitutu kizitanye nibiwusabe uvyegukire.
Igicu c’imvura nikibe hejuru yawo.
Ibitera umusi gucura umwiza nibiwutere ubwoba+.
6 Iryo joro, umuzimagiza nuricakire+;
Ntirigahimbarwe mu misi y’umwaka;
Ntirikinjire mu gitigiri c’amezi*.
9 Inyenyeri z’agahwibi karyo nizicure umwiza;
Niririndire umuco ariko ntuboneke;
Kandi ntirikabone imishwarara y’umutwenzi.
13 Kuko ubu mba nariryamiye singire inkomanzi+;
Mba narisinziririye rero; mba niruhukiye+
14 Hamwe n’abami be n’abajanama b’isi+,
Barya biyubakira ibibanza vy’umusaka+,
15 Canke hamwe n’abaganwa bafise inzahabu,
Barya buzuza amazu yabo ifeza;
16 Canke, nka kurya kw’inda ikorotse mu mpisho+, simba narabayeho,
Nka kurya kw’abana batabonye umuco+.
21 Kubera iki hari abarindira urupfu, ariko ntiruze+,
Naho baguma bimba baruhiga kuruta uko bahiga itunga ryanyegejwe?
22 Barya banezerwa akamwemwe kakabasya,
Barigina kubera ko baronse imva.
24 Kuko iminiho yanje yitangira imbere ibifungurwa vyanje+,
Amaborogo yanje na yo akarindimuka+ nk’amazi;
25 Kuko natinye ikintu giteye ubwoba, none kinjeko;
Kandi ico nari mfitiye ubwoba ni co kinshikiye+.
26 Sinari mbuze amaganya, canke ngo mbure inkomanzi,
Eka sinari nduhutse, yamara ivyago biraje.”