Zaburi
Ku muyobozi, ku bicurarangisho vy’imirya+. Agahibongozo ka Dawidi.
4 Iyo mpamagaye, nunyishure, ewe Mana yanje igororotse+!
Mu marushwa nuntegurire ahagutse.
Ngirira ubutoni+, wumve isengesho ryanje.
2 Yemwe bana b’abantu, ubuninahazwa bwanje+ buzoba ubwo gutukwa gushika ryari,
Mu gihe muguma mukunda ibintu ata co bimaze,
Mu gihe muguma murondera ikinyoma? Sela.
3 Nimumenye rero ko Yehova atazobura gutonesha intahemuka yiwe+;
Yehova ubwiwe azokwumva ninamuhamagara+.
4 Mute umutwe, ariko ntimucumure+.
Muvugire mu mutima wanyu, ku gitanda canyu+, mugume mucereje. Sela.