Zaburi
Akaririmbo k’intimba ka Dawidi, ako yaririmbiye Yehova ku vyerekeye amajambo ya Kushi Umubenyamini.
7 Ewe Yehova Mana yanje+, muri wewe ni ho nahungiye+.
Nkiza abampama bose, undokore+,
2 Kugira ntihagire uwuntabagura nka kurya intambwe igira+,
Akanshikura igihe ata murokozi ariho+.
3 Ewe Yehova Mana yanje, nimba ibi narabikoze+,
Nimba hariho akarenganyo na gakeyi mu biganza vyanje+,
4 Nimba narishuye ikibi uwunyihora+,
Canke nimba naranyaze uwo wese anyanka mugabo ntaroranirwe+,
Nahamvye ubuzima bwanje abukandagire,
Atume ubuninahazwa bwanje buba mu mukungugu. Sela.
7 Kandi ikoraniro ry’imiryango y’amahanga nirigukikuze,
Nawe wisubirire iyo hejuru urirwanye.
8 Yehova ubwiwe azosomera urubanza ibisata vy’abantu+.
Ncira urubanza, Yehova we, nk’uko ubugororotsi bwanje buri+,
10 Inkinzo yanje iri ku Mana+, Umukiza w’ab’umutima ugororotse+.
12 Nimba umuntu atigaruye+, inkota yayo izoyikarisha+,
Umuheto wayo ntizobura kuwugonda, iwutegurire kurasa+.