Kuvayo
24 Hanyuma abwira Musa ati: “Duga aho Yehova ari, wewe na Aroni, Nadabu na Abihu+ na mirongo irindwi+ mu bagabo b’inararibonye ba Isirayeli, kandi mutegerezwa kwunama muri nka hariya. 2 Musa wenyene ni we azokwegera Yehova; ariko bo ntibakwiye kwegera, kandi abantu ntibakwiye kudugana na we+.”
3 Maze Musa araza, yiganira abantu amajambo yose ya Yehova n’ingingo z’ubutungane zose+, abantu bose baca bishura n’ijwi rimwe, bati: “Amajambo yose Yehova avuze turiteguriye kuyakora+.” 4 Nuko Musa yandika amajambo ya Yehova yose+. Maze avyuka kare mu gitondo, yubaka ku ntango y’umusozi igicaniro be n’inkingi cumi na zibiri zihuye na ya miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli+. 5 Inyuma y’ivyo atuma imisore yo muri bene Isirayeli, bashikana amashikanwa aturirwa, batanga n’amashūri bwa bimazi, bwa bimazi vy’ugusangira+ bihabwa Yehova. 6 Musa araheza afata ica kabiri c’amaraso agishira mu mabakure+, ikindi ca kabiri c’amaraso akimijagira ku gicaniro+. 7 Amaherezo afata igitabu c’isezerano+, agisomera mu matwi y’abantu+. Maze bavuga bati: “Ivyo Yehova avuze vyose turiteguriye kubikora no kubigamburuka+.” 8 Nuko Musa afata ya maraso, ayamijagira ku bantu+, avuga ati: “Ng’aya amaraso y’isezerano+ Yehova agiranye namwe ku bijanye n’aya majambo yose.”
9 Hanyuma Musa na Aroni, Nadabu na Abihu na mirongo irindwi mu bagabo b’inararibonye ba Isirayeli baraduga, 10 barabona Imana ya Isirayeli+. Munsi y’ibirenge vyayo hari ikintu kimeze nk’isaso ry’amabuye ya safiro, kimeze kandi nk’amajuru ubwayo mu butyoroke+. 11 Kandi ntiyabanguriye ukuboko kwiwe abo banyacubahiro bo muri bene Isirayeli+, mugabo berekwa Imana y’ukuri+, hanyuma bararya, baranywa+.
12 Maze Yehova abwira Musa ati: “Duga aho ndi ku musozi ugumeyo, kuko ngomba kuguha ibisate vy’amabuye n’itegeko n’ibwirizwa ntegerezwa kwandika vyo kubigisha+.” 13 Nuko Musa na Yosuwa umusuku wiwe barahaguruka, hanyuma Musa aduga ku musozi w’Imana y’ukuri+. 14 Ariko yari yabwiye abagabo b’inararibonye ati: “Mwebwe nimuturindirire aha hantu gushika tugarutse aho muri+. Kandi ehe Aroni na Huru+ bari kumwe namwe. Uwo wese afise imburano, nabegere+.” 15 Nuko Musa aduga ku musozi mu gihe igicu cari kiwupfutse+.
16 Ubuninahazwa bwa Yehova+ bubandanya kuba ku musozi Sinayi+, ca gicu na co kibandanya kuwupfuka kumara imisi itandatu. Amaherezo ku musi ugira indwi, ahamagarira Musa hagati muri nya gicu+. 17 Ku maso ya bene Isirayeli, ukuntu ubuninahazwa bwa Yehova bwasa, wamengo ni umuriro urigata+, kw’isonga ry’umusozi. 18 Maze Musa yinjira hagati muri nya gicu, aduga ku musozi+. Musa aguma ku musozi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine+.