ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 9
  • Bibiliya y’isi nshasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Kuvayo 9:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 5:1; 8:1

Kuvayo 9:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 4:23; 8:2; Zb 68:21; Img 6:15

Kuvayo 9:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 7:4; 8:19; 1Sm 5:7; Zb 39:10; Ivk 13:11
  • +Zb 78:48
  • +Kv 9:15; Zb 78:50; Ezk 14:21; Am 4:10

Kuvayo 9:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 8:22; 10:23; 11:7; 12:13; Yes 65:13; Mal 3:18

Kuvayo 9:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 8:23; Zb 76:12

Kuvayo 9:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 78:48

Kuvayo 9:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 4:21; 1Sm 6:6; Yb 9:4; Img 29:1; Dn 5:20; Rm 9:18

Kuvayo 9:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 11:3; 19:28

Kuvayo 9:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 13:18; Gus 28:35; Yb 2:7

Kuvayo 9:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:27

Kuvayo 9:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 7:11; 8:18; 2Tm 3:8

Kuvayo 9:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 4:21; 8:32; 14:17; Yos 11:20; 2Ng 36:13; Zb 75:5

Kuvayo 9:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 7:15
  • +Kv 7:16

Kuvayo 9:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 8:10; Gus 33:26; 2Sm 7:22; Zb 71:19; 83:18; Yes 45:5; 46:9; Yr 10:7

Kuvayo 9:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 3:20; 9:3

Kuvayo 9:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 14:17; Img 16:4
  • +Yos 2:10; 1Ng 16:24; Yes 63:12; Mal 1:11; Rm 9:17

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2005, rup. 21-22

    Umwigisha, rup. 29-30

    Senga Imana, rup. 62-63

Kuvayo 9:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yb 9:4; Yes 37:23

Kuvayo 9:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 78:47; 105:32

Kuvayo 9:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 10:11

Kuvayo 9:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 22:3; Yon 3:5

Kuvayo 9:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 7:23

Kuvayo 9:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 7:19; 8:5
  • +Kv 10:5; Yb 38:22; Zb 78:47; 105:32

Kuvayo 9:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 148:8; Yes 30:30

Kuvayo 9:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 9:18

Kuvayo 9:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 105:33

Kuvayo 9:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 8:22; 9:4

Kuvayo 9:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Sm 26:21; Zb 12:2; Mt 27:4
  • +Zb 129:4; 145:17; Dn 9:14; Rm 2:5

Kuvayo 9:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 8:8; 10:17; Ivk 8:24

Kuvayo 9:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 8:22; Ezr 9:5; Zb 143:6
  • +Gus 10:14; Zb 24:1; 50:12; 1Kr 10:26

Kuvayo 9:30

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Img 16:6; Yes 26:10; Lk 16:31

Kuvayo 9:31

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya 21.

  • *

    Sayiri ni igiterwa kimeze nk’ingano.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Rs 1:22

Kuvayo 9:32

Utujambo tw'epfo

  • *

    Kusemeti ni ubwoko bw’ingano bwarimwa mu Misiri ha kera.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 28:25; Ezk 4:9

Kuvayo 9:33

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 10:18; Yak 5:17

Kuvayo 9:34

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 4:21; 8:15; Gus 2:30; Yos 11:20; Rm 9:18

Kuvayo 9:35

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 7:4; 8:15

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Kuv. 9:1Kv 5:1; 8:1
Kuv. 9:2Kv 4:23; 8:2; Zb 68:21; Img 6:15
Kuv. 9:3Kv 7:4; 8:19; 1Sm 5:7; Zb 39:10; Ivk 13:11
Kuv. 9:3Zb 78:48
Kuv. 9:3Kv 9:15; Zb 78:50; Ezk 14:21; Am 4:10
Kuv. 9:4Kv 8:22; 10:23; 11:7; 12:13; Yes 65:13; Mal 3:18
Kuv. 9:5Kv 8:23; Zb 76:12
Kuv. 9:6Zb 78:48
Kuv. 9:7Kv 4:21; 1Sm 6:6; Yb 9:4; Img 29:1; Dn 5:20; Rm 9:18
Kuv. 9:8It 11:3; 19:28
Kuv. 9:9Lw 13:18; Gus 28:35; Yb 2:7
Kuv. 9:10Gus 28:27
Kuv. 9:11Kv 7:11; 8:18; 2Tm 3:8
Kuv. 9:12Kv 4:21; 8:32; 14:17; Yos 11:20; 2Ng 36:13; Zb 75:5
Kuv. 9:13Kv 7:15
Kuv. 9:13Kv 7:16
Kuv. 9:14Kv 8:10; Gus 33:26; 2Sm 7:22; Zb 71:19; 83:18; Yes 45:5; 46:9; Yr 10:7
Kuv. 9:15Kv 3:20; 9:3
Kuv. 9:16Kv 14:17; Img 16:4
Kuv. 9:16Yos 2:10; 1Ng 16:24; Yes 63:12; Mal 1:11; Rm 9:17
Kuv. 9:17Yb 9:4; Yes 37:23
Kuv. 9:18Zb 78:47; 105:32
Kuv. 9:19Yos 10:11
Kuv. 9:20Img 22:3; Yon 3:5
Kuv. 9:21Kv 7:23
Kuv. 9:22Kv 7:19; 8:5
Kuv. 9:22Kv 10:5; Yb 38:22; Zb 78:47; 105:32
Kuv. 9:23Zb 148:8; Yes 30:30
Kuv. 9:24Kv 9:18
Kuv. 9:25Zb 105:33
Kuv. 9:26Kv 8:22; 9:4
Kuv. 9:271Sm 26:21; Zb 12:2; Mt 27:4
Kuv. 9:27Zb 129:4; 145:17; Dn 9:14; Rm 2:5
Kuv. 9:28Kv 8:8; 10:17; Ivk 8:24
Kuv. 9:291Bm 8:22; Ezr 9:5; Zb 143:6
Kuv. 9:29Gus 10:14; Zb 24:1; 50:12; 1Kr 10:26
Kuv. 9:30Img 16:6; Yes 26:10; Lk 16:31
Kuv. 9:31Rs 1:22
Kuv. 9:32Yes 28:25; Ezk 4:9
Kuv. 9:33Kv 10:18; Yak 5:17
Kuv. 9:34Kv 4:21; 8:15; Gus 2:30; Yos 11:20; Rm 9:18
Kuv. 9:35Kv 7:4; 8:15
  • Bibiliya y’isi nshasha
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
  • 32
  • 33
  • 34
  • 35
Bibiliya y’isi nshasha
Kuvayo 9:1-35

Kuvayo

9 Ku bw’ivyo, Yehova abwira Musa ati: “Injira kwa Farawo, umubwire+ uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana y’Abaheburayo avuze: “Rekura abantu banje, bankorere. 2 Mugabo niwabandanya wanka kubarekura kandi ukaguma ubafashe+, 3 ehe ukuboko kwa Yehova+ kuraje ku bitungwa vyawe+ biri mw’ishamba. Hazotera ikiza+ gikaze cane ku mafarasi, ku ndogobwa, ku ngamiya, ku busho no ku mukuku. 4 Kandi Yehova azokwerekana koko ubudasa hagati y’ibitungwa vya Isirayeli n’ibitungwa vya Misiri, kandi nta kintu na kimwe mu vyegukira bene Isirayeli vyose kizopfa+.”’” 5 Vyongeye, Yehova ashinga igihe, ati: “Ejo Yehova azokora ico kintu mu gihugu+.”

6 Nuko Yehova akora ico kintu ku musi ukurikira, ubwoko bwose bw’ibitungwa vya Misiri birapfa+; mugabo nta na kimwe mu bitungwa vya bene Isirayeli capfuye. 7 Maze Farawo atuma kuraba: erega, nta na kimwe mu bitungwa vya Isirayeli cari capfuye. Yamara umutima wa Farawo ubandanya gukomantara+, ntiyarekura abantu.

8 Inyuma y’ivyo, Yehova abwira Musa na Aroni ati: “Nimwitorere umusengesenge wo mw’itanure+ wuzuye ibiganza vyanyu vyompi, hanyuma Musa awuterere mu kirere, mu maso ya Farawo. 9 Na wo uzocika intumo ku gihugu cose ca Misiri, kandi uzocika ibihute vy’ibivyimba bituragurika+, ku muntu no ku gikoko mu gihugu cose ca Misiri.”

10 Nuko batora umusengesenge wo mw’itanure, bahagarara imbere ya Farawo, maze Musa awuterera mu kirere, uca ucika ibihute vy’ibivyimba+, bituragurika ku muntu no ku gikoko. 11 Abaherezi b’abanyamageza ntibashobora guhagarara imbere ya Musa kubera ibihute, kuko vyari vyasheshe kuri nya baherezi b’abanyamageza no ku Banyamisiri bose+. 12 Mugabo Yehova arareka umutima wa Farawo ucika intabarirwa, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yabwiye Musa+.

13 Maze Yehova abwira Musa ati: “Vyuka kare mu gitondo uhagarare imbere ya Farawo+, umubwire uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana y’Abaheburayo avuze: “Rekura abantu banje bankorere+. 14 Kuko ubu ngira ndungike ivyago vyanje vyose bikubite umutima wawe, bije no ku basavyi bawe, no ku bantu bawe, kugira umenye ko mw’isi yose ata n’umwe ariho ameze nkanje+. 15 Kuko ubu mba naratumye ukuboko kwanje nkagukubitisha ikiza wewe n’abantu bawe, ukazimanganywa kw’isi+. 16 Ariko mu vy’ukuri, iki ni co catumye ndakureka ukabaho+: ni ukugira nkwereke ububasha bwanje no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+. 17 Mbega n’ubu uracagira ubwibone ku bantu banje mu kutabarekura+? 18 Ehe ngira ntume ejo nk’aya mango hagwa urubura rukaze cane, urubura ata rumeze nka rwo rwigeze kubaho mu Misiri kuva umusi yashingwa gushika n’ubu+. 19 Ubu rero tuma, bugamike ibitungwa vyawe vyose n’ibintu vyawe vyose biri mw’ishamba. Nayo umuntu wese n’igikoko cose bizosangwa mw’ishamba bidakoranirijwe mu nzu, urubura+ ruzobigwako, bipfe.”’”

20 Umuntu wese mu basavyi ba Farawo yatinye ijambo rya Yehova yarahungishirije abasavyi biwe n’ibitungwa vyiwe mu mazu+, 21 mugabo umuntu wese atashize umutima kuri iryo jambo rya Yehova, yarekeye abasavyi biwe n’ibitungwa vyiwe mw’ishamba+.

22 Yehova rero abwira Musa ati: “Ramvura ukuboko kwawe+ werekeza mu majuru, kugira ngo urubura+ rugwe ku gihugu cose ca Misiri, ku muntu no ku gikoko, no ku vyatsi vyose vyo mw’itongo mu gihugu ca Misiri.” 23 Nuko Musa aramvura inkoni yiwe ayerekeza mu majuru; maze Yehova arekura imituragaro n’urubura+, umuriro na wo ushungurukira kw’isi, Yehova aguma agwisha urubura ku gihugu ca Misiri. 24 Nuko haza urubura, n’umuriro urabagiza hagati muri rwo. Rwari rukaze cane ku buryo ata rumeze nka rwo rwari bwigere rubaho mu gihugu cose ca Misiri kuva cacika ihanga+. 25 Nuko urubura rukubita igihugu cose ca Misiri. Urubura rukubita ikintu cose cari mw’ishamba, uhereye ku muntu ugashika ku gikoko, n’ubwoko bwose bw’ibimera vyo mw’ishamba; kandi rutabagaza ubwoko bwose bw’ibiti vyo mw’ishamba+. 26 Mu ntara ya Gosheni gusa, aho bene Isirayeli bari, ni ho hataguye urubura na rukeyi+.

27 Amaherezo Farawo atuma guhamagara Musa na Aroni, ababwira ati: “Ubu ho nacumuye+. Yehova aragororotse+, twe n’abantu banje ni twe turi mu makosa. 28 Inginga Yehova imituragaro y’Imana n’urubura bisigeho+. Nzoba rero niteguriye kubarekura, kandi ntimuzoba mukigumye ng’aha.” 29 Nuko Musa amubwira ati: “Nkimara gusohoka nkava mu gisagara, ndasanzira ibiganza Yehova+. Imituragaro iraza guhagarara, n’urubura ntiruzoba rukibandanya, kugira umenye ko isi ari iya Yehova+. 30 Nayo weho n’abasavyi bawe, nsanzwe nzi ko n’ico gihe mutaza gutinya kubera Yehova Imana+.”

31 Igiterwa c’ilino* be na sayiri* vyari vyakubiswe, kuko sayiri yari ihundo, ilino na ryo rikaba ryari urushurwe+. 32 Mugabo ingano na kusemeti*+ ntivyari vyakubiswe, kuko vyera bitevye. 33 Musa aca arasohoka igisagara avuye kwa Farawo, araheza asanzira ibiganza Yehova, maze imituragaro n’urubura bitangura guhagarara, n’imvura ntiyasubira kugwa kw’isi+. 34 Aho Farawo aboneye ko imvura n’urubura n’imituragaro vyahagaze, yongera gucumura no gukomantaza umutima wiwe+, we hamwe n’abasavyi biwe. 35 Nuko umutima wa Farawo ubandanya kuba intabarirwa, ntiyarekura bene Isirayeli, nk’uko Yehova yari yavuze biciye kuri Musa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika