Ezekiyeli
14 Nuko abagabo bo mu bahumure ba Isirayeli baza aho ndi, bicara imbere yanje+. 2 Maze ijambo rya Yehova rinzako, riti: 3 “Mwana w’umuntu, ku bijanye n’abo bagabo, bazanye ku mutima wabo ibigirwamana vyabo vy’umwanda, kandi bashize imbere y’amaso yabo igitsitaza candurutsa ikosa ryabo+. Mbega nemere vy’ukuri gusiguzwa na bo+? 4 Nuvugane na bo rero, ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Hagize umuntu n’umwe wo mu nzu ya Isirayeli azana ku mutima wiwe ibigirwamana vyiwe vy’umwanda+, agashira imbere y’amaso yiwe igitsitaza candurutsa ikosa ryiwe, kandi vy’ukuri akaza ku muhanuzi, jewe Yehova nzokwemera mvyurirwe umutima wo kumwishura kuri ico kintu nisunze ibigirwamana vyiwe indiri vy’umwanda+, 5 kugira ngo ncakire ab’inzu ya Isirayeli ku mutima wabo+, kuko banyikuyeko biciye ku bigirwamana vyabo vy’umwanda, bose hamwe+.”’
6 “Bwira rero inzu ya Isirayeli uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nimugaruke, muhindukire muve ku bigirwamana vyanyu vy’umwanda+, muhindukize amaso yanyu muyakure ku bintu vyanyu vyose biteye ishishi+; 7 kuko umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli canke wo muri ba kavamahanga babayeho muri Isirayeli ari ba kavamahanga, anyikurako akareka kunkurikira+, akazana ku mutima wiwe ibigirwamana vyiwe vy’umwanda, agashira imbere y’amaso yiwe igitsitaza candurutsa ikosa ryiwe, kandi akaza vy’ukuri ku muhanuzi kunsiguza ivyiwe+, jewe Yehova ndemera nkavyurirwa umutima wo kumwiyishurira. 8 Nzorabisha mu maso hanje kuri uwo muntu+, ndamugire ikimenyetso+ n’iciro ry’imigani+, kandi nzomurandura koko hagati mu bantu banje+; kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.”’
9 “‘Nayo umuhanuzi, niyahendwa akagira vy’ukuri ijambo avuga, jewe Yehova ni je nzoba nahenze uwo muhanuzi+; kandi nzomuramvurirako ukuboko kwanje, ndamuzimanganye hagati mu gisata canje Isirayeli+. 10 Kandi bazobwirizwa kwikorera ikosa ryabo+. Ikosa rya nyene gusiguza rizoba cokimwe n’ikosa rya nya muhanuzi+, 11 kugira ngo ab’inzu ya Isirayeli ntibongere kwangara ngo bareke kunkurikira+, kandi ntibongere kwihumanisha ibigabitanyo vyabo vyose. Bazoba koko abantu banje, nanje nzoba Imana yabo,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze+.”
12 Ijambo rya Yehova ribandanya kunzako, riti: 13 “Mwana w’umuntu, ku bijanye n’igihugu, nicancumurako mu gukora ivy’ubuhemu+, nanje nzokiramvurirako ukuboko kwanje, mvune inkoni zaco zitungîrwako imikate imeze nk’ikigōmbo+, kandi nzokirungikako ikigoyi+, ndandure muri co icitwa umuntu yakuwe mw’ivu be n’igitungwa+.” 14 “‘Kandi iyo aba bagabo batatu, Nowa+, Daniyeli+ na Yobu+ baja kuba bari hagati muri co, abo ubwabo bokijije ubuzima bwabo kubera ubugororotsi bwabo+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze+.”
15 “‘Canke hamwe nocisha mu gihugu ibikoko biryana+, bikagihekura vy’ukuri+, kigacika igiharabuga vy’ukuri, ata n’umwe arengana kubera ivyo bikoko+, 16 abo bagabo batatu bakaba bari hagati muri co, ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘nta bahungu canke abakobwa borokora; bo ubwabo ni bo gusa borokoka, igihugu na co kigacika igiharabuga+.’”
17 “‘Canke hamwe noteza inkota ico gihugu+, nkavuga vy’ukuri nti: “Inkota nice mu gihugu,” maze nkarandura vy’ukuri muri co icitwa umuntu yakuwe mw’ivu be n’igitungwa+, 18 naho abo bagabo batatu bobaye bari hagati muri co+, ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘ntiborokoye abahungu canke abakobwa, mugabo bo ubwabo ni bo gusa borokotse+.’”
19 “‘Canke hamwe norungika ikiza kuri ico gihugu+, nkagisukako vy’ukuri ubushangashirwe bwanje kumwe n’amaraso+, kugira ngo ndakiranduremwo icitwa umuntu yakuwe mw’ivu be n’igitungwa, 20 naho Nowa+, Daniyeli+ na Yobu+ bobaye bari hagati muri co+, ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘nta muhungu canke umukobwa borokoye; abo ubwabo borokoye ubuzima bwabo kubera ubugororotsi bwabo+.’”
21 “Kuko ibi ari vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ukwo nyene ni ko bizomera nihaba za manza zanje zine z’ubugesera+—inkota n’ikigoyi n’igikoko kiryana be n’ikiza+—izo nzorungika vy’ukuri kuri Yeruzalemu kugira ngo ndaharandure icitwa umuntu yakuwe mw’ivu be n’igitungwa+. 22 Mugabo, ehe ntihazobura gusigara muri co umugwi w’abacitse kw’icumu, abasohorwa muri co+. Abahungu n’abakobwa, ehe ng’aba! Basohoka baza aho muri, kandi muzobwirizwa kubona inzira yabo be n’ivyo bakora+. Kandi ntimuzobura guhozwa ku bijanye n’icago nzoba nateje Yeruzalemu, mbere ivyo nzoba nahateje vyose.’”
23 “‘Ntibazobura kubahoza nimwabona inzira yabo be n’ivyo bakora; kandi muzomenya vy’ukuri yuko ivyo ntegerezwa kuhakorera ntazoba nabikoze ata mvo,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze+.”