Ezekiyeli
15 Ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 2 “Mwana w’umuntu, igiti c’umuzabibu+, egome, agashami kaco, gitandukaniye he n’ikindi giti cose hagati mu biti vy’ikibira? 3 Mbega kirakurwamwo umwamba wo gukoresha igikorwa kanaka? Canke mbega baragikuramwo urumambo rwo kumanikako igikoresho co mu nzu ico ari co cose? 4 Erega ni ico gushirwa mu muriro kikaba inkwi+. Amasonga yaco yompi umuriro urayarigata, no hagati yaco hagasha+. None hari igikorwa na kimwe cokoreshwa? 5 Raba! Iyo gikomeye, nta gikorwa na kimwe gikoreshwa. Hari akantu iyo umuriro wakirigase kigasha! Hari ikindi gikorwa vy’ukuri cokoreshwa+?”
6 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Nka kurya kw’igiti c’umuzabibu hagati mu biti vy’ikibira, ico natanze ku muriro ngo kibe inkwi, ni ko natanze ababa i Yeruzalemu+. 7 Kandi nabarabishijeko mu maso hanje+. Bavuye mu muriro, mugabo umuriro ni wo uzobarigata+. Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova, ninaberekezako mu maso hanje ngo ndabereke+.’”
8 “‘Kandi igihugu nzokigira igiharabuga+, kuko bahemutse+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”