Ezekiyeli
3 Araheza ambwira ati: “Mwana w’umuntu, ico uronka, ukirye. Rya uwo muzingo+, hanyuma ugende, ubwire inzu ya Isirayeli.”
2 Nuko nasamika akanwa kanje, na we andisha uwo muzingo+. 3 Hanyuma ambwira ati: “Mwana w’umuntu, gaburira inda yawe, kugira ngo wuzuze amara yawe uwo muzingo nguhaye.” Nanje ntangura kuwurya, maze mu kanwa kanje usosa nk’ubuki+.
4 Abandanya kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, genda, winjire hagati mu nzu+ ya Isirayeli, ubabwire amajambo yanje. 5 Kuko utarungitswe ku gisata c’abantu b’imvugo itumvikana+ canke b’ururimi ruremereye+: urungitswe ku nzu ya Isirayeli, 6 si ku bisata vyinshi vy’abantu b’imvugo itumvikana canke b’ururimi ruremereye, abo udashobora kwumva amajambo yabo ngo utegere+. Iyaba ari bo nari ngutumyeko, abo bokwumvirije ivyo uvuga+. 7 Nayo ab’inzu ya Isirayeli, ntibazoshaka kukwumviriza, kuko badashaka kunyumviriza+; kuko ab’inzu ya Isirayeli bose ari ab’umutwe ukomantaye n’umutima ukomantaye+. 8 Raba! Mu maso hawe ndahakomantaje neza na neza nko mu maso habo+, n’uruhanga rwawe ndarukomantaje neza na neza nk’uruhanga rwabo+. 9 Uruhanga rwawe ndarugize nk’idiyama, ndarukomantaje kurusha ibuye ry’isare+. Ntukabatinye+, kandi mu maso habo ntihakaguce ivutu+, kuko ari inzu y’ingarariji+.”
10 Hanyuma ambwira ati: “Mwana w’umuntu, amajambo yanje yose ngira nkubwire, yashire mu mutima wawe+, wumvishe amatwi yawe. 11 Kandi genda, winjire hagati mu bajanywe mu bunyagano+, hagati mu bana b’igisata cawe, ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze,’ bumva canke batumva+.”
12 Maze impwemu iranterura+, nca ntangura kwumva inyuma yanje urwamo rw’ivumbuka rikomeye, numva ngo+: “Hahezagirwe ubuninahazwa bwa Yehova aho ari+.” 13 Kandi hari urwamo rw’amababa ya vya binyabuzima yakoranako hafi na hafi+, n’urwamo rwa ya makurudumu iruhande cane yavyo+, be n’urwamo rw’ivumbuka rikomeye. 14 Ya mpwemu iranterura+, irantwara, ku buryo ngenda mbabaye, nshangashiwe mu mutima, kandi ukuboko kwa Yehova kwari kuri jewe kwari gukomeye+. 15 Nuko ninjira hagati mu bajanywe mu bunyagano i Teli-abibu, ababa+ hafi y’uruzi Kebari+, ntangura kuba aho bari babaye; mba ng’aho imisi indwi, njumarariwe hagati muri bo+.
16 Maze iyo misi indwi iheze, ijambo rya Yehova rinzako, riti:
17 “Mwana w’umuntu, nakugize inderetsi y’inzu ya Isirayeli+; uzokwumva ijambo riva mu kanwa kanje, nawe ubaburire ibivuye kuri jewe+. 18 Ninabwira umubisha nti: ‘Ntuzobura gupfa+,’ nawe ukareka kumuburira vy’ukuri no kuvuga kugira ngo umuburire ave mu nzira yiwe y’ububisha, abone kuzigamirwa ubuzima+, uwo mubisha azopfira mw’ikosa ryiwe+, mugabo amaraso yiwe nzoyishuza mu kuboko kwawe+. 19 Mugabo wewe, niwaburira umubisha+, na we ntahindukire vy’ukuri ngo ave mu bubisha bwiwe no mu nzira yiwe y’ububisha, we azopfa azize ikosa ryiwe+; mugabo wewe, uzoba urokoye ubuzima bwawe+. 20 Kandi umugororotsi niyahindukira akava mu bugororotsi bwiwe+, agakora koko ibigoramye, nanje nkabwirizwa gushira igitsitaza imbere yiwe+, we azopfa kubera yuko utamuburiye. Azopfa azize igicumuro ciwe+, kandi ibikorwa vyiwe vy’ubugororotsi yakoze ntibizokwibukwa+, mugabo amaraso yiwe nzoyishuza mu kuboko kwawe+. 21 Nayo wewe, nimba uburiye umuntu w’umugororotsi ngo ntacumure+, kandi vy’ukuri akirinda gucumura, ntazobura kubandanya kubaho kuko yari yaburiwe+, kandi wewe uzoba urokoye ubuzima bwawe+.”
22 Maze ukuboko kwa Yehova kuza kuri jewe ng’aho, araheza ambwira ati: “Haguruka, uje mu kiyaya c’umubande+, ni ho ndi buvuganire nawe.” 23 Nuko ndahaguruka, nja mu kiyaya c’umubande, maze ngize ntya, mbona ubuninahazwa bwa Yehova buhagaze ng’aho+, nka bwa buninahazwa nari nabonye hafi ya rwa ruzi Kebari+, nca ngwa nubamye+. 24 Maze impwemu iranyinjiramwo+, impagarika ku birenge vyanje+, hanyuma atangura kuvugana nanje, ati:
“Ingo, wugaranirwe mu nzu yawe. 25 Kandi wewe ga mwana w’umuntu, ehe bazogushirako imigozi koko, bayikuboheshe, ku buryo udashobora gusohoka ngo uje hagati muri bo+. 26 Ururimi rwawe nzorumatanya n’amagage y’akanwa kawe+, kandi ntuzobura gucika ikiragi+, kandi ntuzobabera uwutanga igikangiro+, kuko ari inzu y’ingarariji+. 27 Ariko ninavugana nawe, nzoteranura akanwa kawe, ubabwire uti+: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze.’ Uwumva niyumve+, uwanka na we yanke, kuko abo ari inzu y’ingarariji+.