ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 31
  • Bibiliya y’isi nshasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli 31:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 46:2; Ezk 29:2

Ezekiyeli 31:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 80:10; Yes 37:24; Ezk 17:3
  • +Yes 10:33
  • +Dn 4:10
  • +Ezk 17:22

Ezekiyeli 31:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 17:5

Ezekiyeli 31:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 37:35
  • +Dn 4:12

Ezekiyeli 31:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 84:3
  • +Ezk 17:23; Dn 4:21

Ezekiyeli 31:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Dn 4:22; Am 2:9

Ezekiyeli 31:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 2:8; 13:10; Zb 80:10; Ezk 28:13
  • +Zb 37:35

Ezekiyeli 31:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Dn 4:21
  • +Img 28:22

Ezekiyeli 31:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ijambo ku rindi ni “wabaye.”

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 23:12
  • +Yr 50:31; Ezk 28:17; Dn 4:30

Ezekiyeli 31:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 30:11; Hab 1:6
  • +Gus 18:12

Ezekiyeli 31:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 32:5
  • +Dn 4:14

Ezekiyeli 31:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 18:6; Ezk 29:5; 32:4

Ezekiyeli 31:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 82:7
  • +Zb 63:9; Ezk 32:18

Ezekiyeli 31:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ivh 18:9

Ezekiyeli 31:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 14:15
  • +Yes 14:8; Ezk 31:9
  • +Ezk 32:31

Ezekiyeli 31:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 32:21
  • +Int 4:20; Ezk 30:6; 32:31

Ezekiyeli 31:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 32:19
  • +Ezk 31:9
  • +1Sm 2:7

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 31:2Yr 46:2; Ezk 29:2
Ezk. 31:3Zb 80:10; Yes 37:24; Ezk 17:3
Ezk. 31:3Yes 10:33
Ezk. 31:3Dn 4:10
Ezk. 31:3Ezk 17:22
Ezk. 31:4Ezk 17:5
Ezk. 31:5Zb 37:35
Ezk. 31:5Dn 4:12
Ezk. 31:6Zb 84:3
Ezk. 31:6Ezk 17:23; Dn 4:21
Ezk. 31:7Dn 4:22; Am 2:9
Ezk. 31:8It 2:8; 13:10; Zb 80:10; Ezk 28:13
Ezk. 31:8Zb 37:35
Ezk. 31:9Dn 4:21
Ezk. 31:9Img 28:22
Ezk. 31:10Mt 23:12
Ezk. 31:10Yr 50:31; Ezk 28:17; Dn 4:30
Ezk. 31:11Ezk 30:11; Hab 1:6
Ezk. 31:11Gus 18:12
Ezk. 31:12Ezk 32:5
Ezk. 31:12Dn 4:14
Ezk. 31:13Yes 18:6; Ezk 29:5; 32:4
Ezk. 31:14Zb 82:7
Ezk. 31:14Zb 63:9; Ezk 32:18
Ezk. 31:15Ivh 18:9
Ezk. 31:16Yes 14:15
Ezk. 31:16Yes 14:8; Ezk 31:9
Ezk. 31:16Ezk 32:31
Ezk. 31:17Ezk 32:21
Ezk. 31:17Int 4:20; Ezk 30:6; 32:31
Ezk. 31:18Ezk 32:19
Ezk. 31:18Ezk 31:9
Ezk. 31:181Sm 2:7
  • Bibiliya y’isi nshasha
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
Bibiliya y’isi nshasha
Ezekiyeli 31:1-18

Ezekiyeli

31 Nuko mu mwaka ugira cumi na rimwe, mu kwezi kugira gatatu, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, ijambo rya Yehova ryongera kunzako, riti: 2 “Mwana w’umuntu, bwira Farawo umwami wa Misiri be n’isinzi ryiwe+ uti:

“‘Ni nde musa mu kuntu uri agahambaye? 3 Raba! Umwashuri, isederi i Libani+, irifise amashami meza+, rikagira igisaka c’inzitane gitanga igitutu, rikaba rirerire mu gihagararo+, ku buryo ubushorishori bwaryo buba mu bicu+. 4 Amazi ni yo yatumye riba rinini+; inyenga y’amazi yatumye riba rirerire. Biciye ku migezi yayo, iyo nyenga yagendagenda irya n’ino y’aho ryari ritewe; kandi yarungika imihora yayo ku biti vyose vyo mu gahinga. 5 Ni co catumye riba rirerire mu gihagararo kuruta ibindi biti vyose vyo mu gahinga+.

“‘Amashami yaryo yagumye agwirirana, amasango yaryo na yo aguma aba maremare kubera amazi menshi mu migende yaryo+. 6 Ku mashami yaryo ni ho ibiremwa biguruka vyose vyo mu kirere vyarika+, munsi y’amasango yaryo na ho akaba ari ho ibikoko vyo mu gahinga bivyarira+, kandi mu gitutu caryo ni ho amahanga y’abantu benshi yibera. 7 Rirahava riba ryiza mu kuntu ari agahambaye+, mu burebure bw’amababi yaryo, kuko imizi yaryo yari ku mazi menshi. 8 Ayandi masederi ntaho yari ahwaniye na ryo mu murima w’Imana+. Nayo ibiti vy’imiberoshi, ntaho vyasa na ryo ku bijanye n’amashami yaryo. N’ibiti vy’imyarumoni ntaho vyasa na ryo uravye amasango. Nta kindi giti mu murima w’Imana casa na ryo mu bwiza bwaryo+. 9 Narigize ryiza mu bwinshi bw’amababi yaryo+, kandi ibindi biti vyose vyo muri Edeni, ivyari mu murima w’Imana y’ukuri, vyaguma birigirira agashari+.’

10 “Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ko ryabaye* rirerire mu gihagararo, ku buryo rishira ubushorishori bwaryo mu bicu+, umutima waryo na wo ukishira hejuru kubera ikireho caryo+, 11 nanje rero nzoritanga mu kuboko kw’intwazagitugu y’amahanga+. Ntazobura kurirwanya. Nzoryirukana nisunze ububisha bwaryo+. 12 Ab’ahandi, intwazamukazo z’amahanga, bazoryicira, kandi abantu bazorihebera ku misozi; amababi yaryo ntazobura kugwa mu mibande yose, udushami twaryo na two tuvunagurikire mu nzira z’imigezi zose zo kw’isi+. Ibisata vyose vy’abantu bizomanuka bivuye mu gitutu caryo, birihebe+. 13 Ku mutumba waryo waguye hasi ni ho ibiremwa biguruka vyo mu kirere vyose bizokwibera, kandi ku masango yaryo ni ho ibikoko vyose vyo mu gahinga bizobarizwa+; 14 kugira ngo ntihagire na kimwe mu biti bivomerewe kiba kirekire mu gihagararo, canke ngo gishikane ubushorishori bwaco mu bicu, no kugira ngo ntihagire ikinywa amazi na kimwe gihaguruka ngo kibirwanye mu kireho, kuko vyose bitazobura guheberwa urupfu+, bigaheberwa ca gihugu co munsi epfo+, hagati mu bana b’abantu, bigaheberwa abamanuka muri ca cobo.’

15 “Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Umusi rizomanuka mu kuzimu, sinzobura gutuma haba ikigandaro+. Kubera ryo, nzopfuka inyenga y’amazi, kugira ngo nzibire imigezi yayo no kugira ngo nya mazi menshi atangirwe; kubera ryo, nzotuma i Libani hacura umwiza, kandi kubera ryo ibiti vyo mu gahinga bizoyama. 16 Nihumvikana ijwi ry’ugutemba kwaryo, nzotigitisha koko amahanga ninarimanukana mu kuzimu hamwe n’abamanuka muri ca cobo+, kandi muri ca gihugu co munsi epfo, ibiti vyose vyo muri Edeni+, ivy’intorwa kandi vyiza kuruta ibindi vyose vy’i Libani, ibinywa amazi vyose, bizohozwa+. 17 Na vyo nyene vyamanukanye na we mu kuzimu+, mu bagandagujwe inkota, be n’ababaye mu gitutu ciwe nk’uruvyaro rwiwe, hagati mu mahanga+.’

18 “‘Ni nde none musa muri ubwo buryo mu buninahazwa+ no mu kuntu uri agahambaye mu biti vyo muri Edeni+? Ariko ntuzobura kumanukanwa mu gihugu co munsi epfo+, hamwe n’ibiti vyo muri Edeni. Hagati mu batagenyerewe ni ho uzoryama hamwe n’abagandagujwe inkota. Uwo ni Farawo be n’isinzi ryiwe ryose,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika