ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 42
  • Bibiliya y’isi nshasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli 42:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Iyo ni “inyubakwa y’amaja mu burengero.”

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 40:2; 41:1
  • +Ezk 40:20; Ivh 11:2
  • +Ezk 42:13
  • +Ezk 41:12, 15

Ezekiyeli 42:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 41:10
  • +2Ng 7:3; Ezk 40:18
  • +Ezk 41:16

Ezekiyeli 42:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 42:11

Ezekiyeli 42:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 6:8; Ezk 41:6

Ezekiyeli 42:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 41:12
  • +Ezk 42:1

Ezekiyeli 42:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 42:4

Ezekiyeli 42:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 42:9

Ezekiyeli 42:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 42:1
  • +Gh 16:5; Gus 21:5; Ezk 40:46
  • +Lw 6:16; 7:6; 10:13; 24:9; Gh 18:10
  • +Lw 2:3; Gh 18:9; Neh 13:5

Ezekiyeli 42:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 28:40; 29:8; Lw 8:13; Ezk 44:19
  • +Yes 61:10

Ezekiyeli 42:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 40:6

Ezekiyeli 42:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 40:5

Ezekiyeli 42:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 40:5
  • +Ezk 45:2
  • +Lw 10:10; Ezk 22:26; 44:23; 2Kr 6:17; Ivh 21:27

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 42:1Ezk 40:2; 41:1
Ezk. 42:1Ezk 40:20; Ivh 11:2
Ezk. 42:1Ezk 42:13
Ezk. 42:1Ezk 41:12, 15
Ezk. 42:3Ezk 41:10
Ezk. 42:32Ng 7:3; Ezk 40:18
Ezk. 42:3Ezk 41:16
Ezk. 42:4Ezk 42:11
Ezk. 42:61Bm 6:8; Ezk 41:6
Ezk. 42:10Ezk 41:12
Ezk. 42:10Ezk 42:1
Ezk. 42:11Ezk 42:4
Ezk. 42:12Ezk 42:9
Ezk. 42:13Ezk 42:1
Ezk. 42:13Gh 16:5; Gus 21:5; Ezk 40:46
Ezk. 42:13Lw 6:16; 7:6; 10:13; 24:9; Gh 18:10
Ezk. 42:13Lw 2:3; Gh 18:9; Neh 13:5
Ezk. 42:14Kv 28:40; 29:8; Lw 8:13; Ezk 44:19
Ezk. 42:14Yes 61:10
Ezk. 42:15Ezk 40:6
Ezk. 42:16Ezk 40:5
Ezk. 42:20Ezk 40:5
Ezk. 42:20Ezk 45:2
Ezk. 42:20Lw 10:10; Ezk 22:26; 44:23; 2Kr 6:17; Ivh 21:27
  • Bibiliya y’isi nshasha
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
Bibiliya y’isi nshasha
Ezekiyeli 42:1-20

Ezekiyeli

42 Arahava aransohora+, anjana mu kigo c’inyuma ancishije mu nzira ija mu buraruko+. Araheza anzana ku mazu y’ivyumba vy’uburiro+ yari imbere ya wa mwanya washizwe ukwawo+, akaba n’imbere ya ya nyubakwa*, mu buraruko. 2 Imbere y’uburebure bw’amatambwe ijana hari ubwinjiriro bwo mu buraruko, ubwaguke bukaba bwari amatambwe mirongo itanu. 3 Imbere y’amatambwe mirongo ibiri yo mu kigo c’indani+ be n’imbere ya rya saso+ ryo ku kigo c’inyuma, hari utubaraza+ tubangabanganye, mu magorofa atatu. 4 Kandi imbere y’ivyumba vy’uburiro hari inzira y’amatambwe cumi mu bwaguke amaja indani+, hakaba n’akayira k’itambwe rimwe, aminjiriro yavyo akaba yaraba mu buraruko. 5 Ku vyerekeye ivyumba vy’uburiro, ivyo hejuru vyari bigufi, kuko utubaraza twabirya ikibanza, bikaba bigufi kuruta ivyo hasi be n’ivyo hagati, ku bijanye na nya nyubakwa. 6 Kuko vyari mu magorofa atatu+, kandi nta nkingi vyari bifise nka za nkingi z’ibigo. Ni co gituma hagenda ikibanza kiruta icagenda ku vyo hasi no ku vyo hagati.

7 Kandi uruhome rw’amabuye rwo hanze rwari rwegeranye n’ivyumba vy’uburiro amaja mu kigo c’inyuma imbere y’ibindi vyumba vy’uburiro. Uburebure bwarwo bwari amatambwe mirongo itanu. 8 Kuko uburebure bw’ivyumba vy’uburiro vy’amaja ku kigo c’inyuma bwari amatambwe mirongo itanu, kandi raba, imbere y’urusengero bwari amatambwe ijana. 9 Kandi munsi y’ivyo vyumba vy’uburiro, urwinjiriro rwari amaja mu buseruko, iyo umuntu yinjiye abigana avuye mu kigo c’inyuma.

10 Mu bwaguke bw’uruhome rw’amabuye rw’ikigo amaja mu buseruko, imbere ya wa mwanya washizwe ukwawo+ n’imbere ya ya nyubakwa, hari ivyumba vy’uburiro+. 11 Kandi hari inzira imbere yavyo isa n’iya vya vyumba vy’uburiro vy’amaja mu buraruko+: ukwo ni ko uburebure bwavyo bwari be n’ubwaguke bwavyo; kandi imiryango yavyo isohoka yarasa, imigero yavyo igasa, n’aminjiriro yavyo agasa. 12 Nka kumwe kw’aminjiriro y’ivyumba vy’uburiro vy’amaja mu bumanuko, ni ko ubwinjiriro bwo ku mutwe w’inzira bwari bumeze, ari yo nzira y’imbere y’uruhome rw’amabuye bijanye, amaja mu buseruko, iyo umuntu yinjiye abigana+.

13 Araheza ambwira ati: “Ivyumba vy’uburiro vyo mu buraruko be n’ivyo mu bumanuko vy’imbere ya wa mwanya washizwe ukwawo+, ni vyo vyumba vy’uburiro vyeranda, aho abaherezi begera+ Yehova barira ibintu vyeranda rwose+. Ni ho bashira ibintu vyeranda rwose n’ishikanwa ry’intete n’ishikanwa ry’igicumuro be n’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha, kuko aho hantu ari heranda+. 14 Abaherezi nibinjira, ntibazoheza ngo basohoke bave ahantu heranda ngo baje mu kigo c’inyuma, ahubwo impuzu zabo basanzwe bakoramwo bazohora bazishira ng’aho+, kuko ari ikintu ceranda. Bazokwambara izindi mpuzu+, babone kwegera ivy’abantu.”

15 Nuko arangiza gupima ingero z’inzu y’indani, hanyuma anzana hanze ancishije mu nzira y’irembo rifise uruhande rw’imbere ruraba mu buseruko+, araheza arahagera irya n’ino.

16 Agera uruhande rwo mu buseruko akoresheje irenga ryo kugeresha. Yari amarenga amajana atanu hose, hakoreshejwe irenga ryo kugeresha+.

17 Agera uruhande rwo mu buraruko, ruba amarenga amajana atanu hose, hakoreshejwe irenga ryo kugeresha.

18 Uruhande rwo mu bumanuko ararugera, ruba amarenga amajana atanu, hakoreshejwe irenga ryo kugeresha.

19 Arazunguruka, aja ku ruhande rwo mu burengero. Agera amarenga amajana atanu, hakoreshejwe irenga ryo kugeresha.

20 Arahagera impande zaho uko ari zine. Hari hafise uruhome ruhakikuje+, hakagira uburebure bw’amarenga amajana atanu n’ubwaguke bw’amarenga amajana atanu+, kugira ngo habe urugabano hagati y’iceranda n’igihumanye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika