Ezekiyeli
9 Nuko asemerera mu matwi yanje n’ijwi rirenga, ati: “Nimwigize hafi abitaho igisagara, umwe wese n’ikirwanisho ciwe mu kuboko kwiwe, ku bwo guhonya!”
2 Ngize ntya, mbona abagabo batandatu baza bava amaja kw’irembo ryo haruguru+ riraba mu buraruko, umwe wese afise mu kuboko kwiwe ikirwanisho ciwe co kumenagura; kandi hagati muri bo hari umugabo umwe yambaye ilino+, afise mu mafyinga agahembe k’irangi k’umunyamabanga; nuko baraza, bahagarara iruhande ya ca gicaniro c’umujumpu+.
3 Nayo ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli+, buraduzwa bukurwa hejuru y’abakerubi*+, abo bwari hejuru, bujanwa ku rwinjiriro rw’inzu+, maze atangura gusemerera abwira nya mugabo yari yambaye ilino+, umwe yari afise mu mafyinga agahembe k’irangi k’umunyamabanga. 4 Hanyuma Yehova amubwira ati: “Nuce hagati mu gisagara, hagati muri Yeruzalemu, ushire ikimenyetso ku ruhanga rw’abantu baniha bakongera bakaboroga+ kubera ibintu biteye ishishi vyose biriko bikorerwa hagati muri co+.”
5 Abo bandi ababwira numva, ati: “Nimuce mu gisagara mumukurikiye, mwice. Ijisho ryanyu ntiryumve akagongwe, kandi ntimugire impuhwe+. 6 Umutama, umusore, umwigeme w’isugi, umwana muto n’abagore+, mwice, emwe, muhonye. Mugabo umuntu wese ariko ikimenyetso ntimumwegere+, kandi muhere aheranda hanje+.” Nuko bahera ku batama bari imbere ya nya nzu+. 7 Ababwira kandi ati: “Nimuhumanye iyi nzu, ibigo muvyuzuze abagandaguwe+. Hogi nimugende!” Nuko baragenda mu gisagara barica.
8 Maze bakiriko barica, mugabo jewe ngasigara, nca ngwa nubamye+, ndasemerera nti: “Yoo+, ewe Mukama Segaba Yehova! Mbega ugira uhonye abasigaye bose ba Isirayeli mu gusuka ubushangashirwe bwawe kuri Yeruzalemu+?”
9 Nuko ambwira ati: “Ikosa ry’inzu ya Isirayeli na Yuda+ rirakomeye cane rwose+; igihugu cuzuye ugusesa amaraso+, kandi igisagara cuzuye ubuhetarare+; kuko bavuze ngo: ‘Yehova yarahevye igihugu+, kandi Yehova ntabona+.’ 10 Nanje rero, ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe+, eka nta n’impuhwe+ nzogira. Inzira yabo sinzobura kuyizana ku mutwe wabo+.”
11 Maze wa mugabo yambaye ilino, umwe yari afise mu mafyinga agahembe k’irangi, agarukana ijambo ati: “Nakoze nk’uko wantegetse+.”