Amosi
8 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: ehe hari igisimbo c’ivyamwa vyo mu ci+. 2 Araheza ambaza ati: “Ubona iki+ ga Amosi?” Nanje nti: “Igisimbo c’ivyamwa vyo mu ci+.” Hanyuma Yehova ambwira ati: “Iherezo ryashitse ku bantu banje Isirayeli+. Sinzogenda nsubiye kubababarira+. 3 ‘Kandi indirimbo zo mu rusengero zizoba umuborogo kuri uwo musi+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. ‘Hazoba imivyimba myinshi+. Emwe, ahantu hose, bazoyishiburira hanze—cwe!’
4 “Nimwumve ibi mwebwe murondera gusūmira umworo n’akanwa kanyu+, kugira ngo muzimanganye kw’isi abatekereza+, 5 mukavuga ngo: ‘Mbega imboneko y’ukwezi izorengana ryari+ ngo twigurishirize intete+? Be n’isabato+, ngo twidandarize intete, kugira ngo tugabanye ingero ya efa+, tuduze shekeli kandi tuzirike umunzane w’uruhendo+, 6 kugira ngo tugure abantu batobato ifeza igaragara, umworo na we ikiguzi c’umwambaro w’inkweto, ngo twigurishirize umucafu w’intete+?’
7 “Yehova arahiye Ubukuru bwa Yakobo+, ati: ‘Sinzokwigera nibagira ibikorwa vyabo vyose+. 8 Mbega ivyo si vyo bizotuma igihugu gihagarika umutima+, n’uwukibamwo wese akabwirizwa kugandara+, bigatuma kandi cose kiduga nka Nili, kigasebagirika hanyuma kikadwibira nka Nili yo mu Misiri+?’
9 “‘Kandi uku ni ko bizoba kuri uwo musi,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Nzotuma izuba rirenga ku mutaga w’amaminangohe+, nteze igihugu umwiza ku musi umuco ari wose. 10 Imisi mikuru yanyu nzoyihindura ikigandaro+, n’indirimbo zanyu zose ndazihindure akaririmbo k’intimba, nzane amagunira* ku mafyinga yose, n’imitwe yose iharangurwe+; nzotuma bimera nk’igihe bagandarira umwana w’ikinege+, iherezo ryavyo rimere nk’umusi w’akabonge.’
11 “‘Ehe imisi iraje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze: ‘nzorungika ikigoyi mu gihugu, ikigoyi atari ic’umukate, n’inyota atari iy’amazi, ahubwo ikigoyi n’inyota vyo kwumva amajambo ya Yehova+. 12 Kandi ntibazobura kudandabagirana kuva ku kiyaga gushika ku kindi, no kuva mu buraruko gushika mu burasirazuba. Bazoguma banyuragira irya n’ino barondera ijambo rya Yehova, ariko ntibazorironka+. 13 Kuri uwo musi abigeme bezabeza b’isugi, eka n’imisore, bazorabikwa n’inyo ta+, 14 abarahira icaha ca Samariya+, bakavuga ngo: “Turahiye ukubaho kw’imana ya we, ewe Dani+!”, kandi ngo: “Turahiye ukubaho kw’inzira y’i Beyeri-sheba+!” Ntibazobura kugwa, kandi ntibazokwongera guhaguruka+.’”