Guharura
24 Balamu abonye ko vyari vyiza mu maso ya Yehova guhezagira Isirayeli, ntiyagenda, nko ku zindi ncuro+, kurondera ibimenyetso bibi na bimwe bitara ibizoba+, mugabo yerekeza mu maso hiwe mu gahinga. 2 Balamu araramuye amaso akabona Isirayeli acumbitse akurikije imiryango yiwe+, impwemu y’Imana ica iza kuri we+. 3 Maze avuga ijambo ryiwe ry’akagani+ ati:
“Ijambo rya Balamu mwene Beyori,
Be n’ijambo ry’umuntu w’umugabo afise ijisho rikanuye+,
4 Ijambo ry’uwumva amajambo y’Imana+,
Uwabonye iyerekwa rya Mushoboravyose+
Igihe yagwa, amaso yiwe akanuye+:
5 Ese ukuntu amahema yawe asa neza, ewe Yakobo, amataberenakulo yawe, ewe Isirayeli+!
Nk’imirima iri iruhande y’uruzi+.
Nk’ibiterwa vy’imibazibazi Yehova yateye,
Nk’amasederi ari iruhande y’amazi+.
7 Amazi aguma aseseka avuye mu ndobo ziwe zibiri z’inshato,
Kandi imbuto yiwe iri iruhande y’amazi menshi+.
Eka umwami+ wiwe azoba hejuru kuruta Agagi+,
Kandi ubwami bwiwe buzoshirwa hejuru+.
8 Imana imukuye mu Misiri;
Afise ubunyarutsi bw’ishūri y’inyeshamba+.
Azoyigiza amahanga, abamuhahaza+
Amagufa yabo azoyahekenya+, kandi azobamenaguza imyampi yiwe+.
9 Yarunamye, yararyamye nk’intambwe,
Kandi, nk’intambwe, ni nde yubahuka kumuvyura+?
Abaguhezagira ni abahezagiwe+,
Abakuvuma na bo ni ibivume+.”
10 Ishavu rya Balaki rica rirurumbira Balamu, akubita amashi ku yandi+, hanyuma Balaki abandanya kubwira Balamu ati: “Naguhamagaye ngo uvume+ abansi banje, none ehe wabahezagiye uherezako izi ncuro zitatu zose. 11 Ubu rero iruka uje iwawe. Nari nibwiye yuko ntobuze kugutera iteka+, mugabo ehe Yehova atumye udaterwa iteka.”
12 Balamu na we abwira Balaki ati: “Mbega sinabwiye n’intumwa zawe wantumyeko nti: 13 ‘Naho Balaki yompa inzu yiwe yuzuye ifeza n’inzahabu, sinoshobora kurenga itegeko rya Yehova ngo ngire ico nkora, caba ciza canke kibi kivuye mu mutima wanje bwite; ico Yehova ari buvuge cose ni co nzovuga+’? 14 Ubu rero, ehe ngiye ku bantu banje. Enda nuze, ndakugire inama+ y’ivyo aba bantu bazokorera abantu bawe mu nyuma, kw’iherezo ry’imisi+.” 15 Nuko avuga ijambo ryiwe ry’akagani+ ati:
“Ijambo rya Balamu mwene Beyori,
Ijambo ry’umuntu w’umugabo afise ijisho rikanuye+,
16 Ijambo ry’uwumva amajambo y’Imana+,
N’uwuzi ubumenyi bwa Musumbavyose . . .
Yarabonye iyerekwa rya Mushoboravyose+
Igihe yagwa, amaso yiwe akanuye+:
Nzomwitegereza, mugabo si hafi.
Inyenyeri+ izova muri Yakobo koko,
Kandi agakoni k’ubutware kazohaguruka koko kavuye muri Isirayeli+.
Kandi azomenagura imisaya y’umutwe wa Mowabu+
N’agahanga k’abahungu bose b’uruhagarara rw’intambara.
18 Kandi Edomu azokwigarurirwa+,
Egome, Seyiri+ azokwigarurirwa n’abansi biwe+,
Mu gihe Isirayeli azokwerekana umutima rugabo wiwe.
20 Abonye Amaleki, ashishikara ijambo ryiwe ry’akagani ati+:
“Amaleki yari uwa mbere mu mahanga+,
Mugabo iherezo ryiwe mu nyuma rizoba uguhona+.”
21 Abonye Abanyakeni+, ashishikara ijambo ryiwe ry’akagani ati:
“Aho uba hararamba, kandi ikibanza ubamwo kiri ku rutare.
22 Mugabo hazoba uwo gutongora Kayine+.
Hazoca igihe kingana iki imbere y’uko Ashuri agutwara uri imbohe+?”
23 Nuko ashishikara ijambo ryiwe ry’akagani ati:
“Mbega amagorwa! Ni nde azorokoka Imana niyatuma biba+?
24 Hazoba imeri zivuye ku nkengera ya Kitimu+;
Kandi ata gukeka zizoteza amarushwa Ashuri+,
Kandi zizoteza koko amarushwa Eberi.
Mugabo na we nyene uburuhiro azoyogera.”
25 Inyuma y’ivyo Balamu arahaguruka aragenda, asubira iwe+. Balaki na we nyene arigira.