Mariko
2 Ariko haciye imisi mikeyi yongera kwinjira i Kaperinawumu, maze bivugwa ko Yezu ari iwabo+. 2 Nuko abantu benshi bakoranira ng’aho, kugeza n’aho ata kibanza gisigara, habe no hambavu y’umuryango, hanyuma atangura kubabwira ijambo ry’Imana+. 3 Buno abantu baza bamuzaniye ikimuga kireruwe na bane+. 4 Mugabo kubera batashoboye kugishikana aho Yezu ari kubera isinzi, bakurako ibisakazo hejuru y’aho yari ari, hanyuma bamaze kuhatobora, bururutsa inderuzo nya kimuga cari kiryamyeko+. 5 Maze Yezu abonye ukwizera+ kwabo, abwira ico kimuga ati: “Kibondo, ibicumuro vyawe birababariwe+.” 6 Kandi hari bamwe mu banditsi bari bicaye ng’aho, biyumvira mu mitima yabo+ bati: 7 “Kubera iki uyu mugabo avuga gutyo? Ararogose. Ni nde ashoboye kubabarira ibicumuro atari umwe, ari we Mana+?” 8 Mugabo Yezu atahura buno nyene mu muzirikanyi wiwe yuko bariko biyumvira gutyo muri bo, ababwira ati: “Kubera iki muriko mwiyumvira ivyo bintu mu mitima yanyu+? 9 Icoroshe ni ikihe? Ni ukubwira ico kimuga ngo: ‘Ibicumuro vyawe birababariwe,’ canke kuvuga ngo: ‘Haguruka utore inderuzo yawe utambuke+’? 10 Mugabo kugira mumenye yuko Umwana w’umuntu+ afise ububasha bwo kubabarira ibicumuro kw’isi+,”... abwira nya kimuga ati: 11 “Ndabikubwiye: Haguruka, tora inderuzo yawe witahire+.” 12 Aca arahaguruka, buno nyene atora inderuzo yiwe, asohoka bose bamubona+, bose bagwa mu gahundwe, baninahaza Imana, bavuga bati: “Ntitwari bwigere tubona ikintu nk’ico+.”
13 Yongera gusohoka aja iruhande y’ikiyaga; isinzi ryose riguma riza kuri we, na we atangura kubigisha. 14 Mugabo ariko ararengana, abona Lewi+ mwene Alufayo yicaye ku biro vy’ikori, amubwira ati: “Nkurikira.” Na we arahaguruka aramukurikira+. 15 Mu nyuma, Yezu yari ku meza mu nzu y’uwo, kandi abatozakori+ n’abacumuzi benshi bari bicaranye na we be n’abigishwa biwe, kuko bari bahari ari benshi hanyuma batangura kumukurikira+. 16 Mugabo abanditsi b’Abafarizayo* babonye ko ariko asangira n’abacumuzi be n’abatozakori, batangura kubwira abigishwa biwe bati: “Mbega arasangira n’abatozakori be n’abacumuzi+?” 17 Yezu ngo avyumve, ababwira ati: “Abakomeye ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera. Sinaje guhamagara abagororotsi, ahubwo naje guhamagara abacumuzi+.”
18 Ico gihe abigishwa ba Yohani n’Abafarizayo barisonzesha. Nuko baraza, bamubwira bati: “Ni kubera iki abigishwa ba Yohani n’abigishwa b’Abafarizayo bisonzesha, mugabo abigishwa bawe ntibisonzeshe+?” 19 Yezu na we ababwira ati: “None igihe umukwe akiri kumwe n’abagenzi biwe, boshobora kwisonzesha+? Umwanya bakiri kumwe n’umukwe ntibashobora kwisonzesha+. 20 Mugabo hazoza imisi aho umukwe azokurwa muri bo; bazoheza rero bisonzeshe kuri uwo musi+. 21 Nta wushonera ikiremo c’impuzu nshasha* ku mpuzu yo hejuru ishaje; abigize, inkomezi zaco zose zirakwega nya mpuzu yo hejuru, igishasha kigakwega igishaje, ugutabuka kugaca kwunyuka+. 22 Vyongeye, nta muntu ashira umuvinyu mushasha mu mikuza y’inshato ishaje; abigize, nya muvinyu uraturitsa ya mikuza y’inshato, umuvinyu n’imikuza bigahomba vyose+. Mugabo umuvinyu mushasha bawushira mu mikuza y’inshato mishasha+.”
23 Ikindi gihe yariko aca mu mirima y’ingano kw’isabato, abigishwa biwe batangura kugenda bamyoza+ uduhundo tw’intete+. 24 Nuko Abafarizayo bamubwira bati: “Ehe raba! Ni kubera iki bariko bakora ibitemewe gukorwa kw’isabato+?” 25 Na we ababwira ati: “Mbega none ntimurigera musoma ico Dawidi+ yakoze igihe yabura ibifungurwa agasonza, we hamwe n’abantu bari kumwe na we+? 26 Ingene yinjiye mu nzu y’Imana, muri ya nkuru ya Abiyatari+ umukuru w’abaherezi, akarya imikate ishirwa imbere y’Imana*+, kikaba ari ikintu ata n’umwe yemerewe+ kurya kiretse abaherezi, hanyuma agahako n’abantu bari kumwe na we+?” 27 Abandanya rero kubabwira ati: “Isabato yabayeho ku bw’umuntu+, si umuntu yabayeho ku bw’isabato+; 28 ku bw’ivyo rero Umwana w’umuntu ni Umukama mbere w’isabato+.”