Yosuwa
5 Abami bose b’Abamori+ bari ku ruhande rwa Yorodani rwo mu burengero, n’abami bose b’Abanyakanani+ bari iruhande y’ikiyaga, bakimara kwumva yuko Yehova yari yakamije amazi ya Yorodani imbere ya bene Isirayeli gushika bamaze kujabuka, imitima yabo ica itangura gushonga+, ntibasubira kugira umutima rugabo kubera bene Isirayeli+.
2 Ico gihe nyene, Yehova abwira Yosuwa ati: “Niwihingurire imbugita z’ibuye ry’isare, usubire kugenyera+ bene Isirayeli ubugira kabiri.” 3 Nuko rero Yosuwa yihingurira imbugita z’ibuye ry’isare, agenyerera bene Isirayeli i Gebeyati-hayaraloti+. 4 Iki ni co catumye Yosuwa agira iryo genyera: abantu bose bavuye mu Misiri, ab’igitsina-gabo, abarwanyi bose, bari barapfiriye+ mu gahinga ku nzira igihe bari bavuye mu Misiri. 5 Kuko abantu bose bavuyeyo bari baragenyerewe, mugabo abantu bose bavukiye mu gahinga, ku nzira, igihe bari bavuye mu Misiri ntibari baragenyerewe. 6 Kuko bene Isirayeli bari bamaze imyaka mirongo ine+ bagendagenda mu gahinga, gushika ihanga ryose ry’abarwanyi bavuye mu Misiri batumvirije ijwi rya Yehova rirangiye, abo Yehova yarahiye yuko atokwigeze areka ngo babone igihugu+ Yehova yari yararahiye ba sekuruza babo ko azokiduha+, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 7 Mugabo yahagurukije abahungu babo mu kibanza cabo+. Bano ni bo Yosuwa yagenyereye, kubera ko batari bagenyereye, kuko batari barabagenyereye ku nzira.
8 Nuko ihanga ryose rihejeje kugenyerwa, baguma bicaye mu kibanza cabo mw’ikambi gushika bagaruye agatege+.
9 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: “Uno musi nakuye iceyi ca Misiri kuri mwebwe+.” Aho hantu rero bahita Gilugali+ gushika n’uyu musi.
10 Nuko bene Isirayeli babandanya gukambika i Gilugali; bahimbaza pasika* ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi+, ku mugoroba, mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko. 11 Ku musi w’inyuma ya pasika, batangura kurya ku mwimbu w’ico gihugu, udutsima tutarimwo umwambiro+ n’intete zicishijwe ku muriro, kuri uwo musi nyene. 12 Nuko manu* ireka kuboneka ku musi ukurikira, igihe bari bariye ku mwimbu w’ico gihugu; manu ntiyasubira kuboneka ku bwa bene Isirayeli+, maze batangura kurya ku mwimbu w’igihugu ca Kanani muri uwo mwaka+.
13 Yosuwa ari hafi ya Yeriko, araramura amaso araraba, maze abona ng’aho hari umugabo+ yari ahagaze imbere yiwe, yasokoye inkota yiwe ayifise mu kuboko+. Yosuwa rero aja iyo ari, amubwira ati: “Uri ku ruhande rwacu canke ku rw’abaturwanya?” 14 Na we avuga ati: “Oya, ahubwo jewe ubu naje bwa mukuru w’ingabo za Yehova+.” Yosuwa aca yubarara hasi+, akubita inkoro hasi maze amubwira ati: “Umukama wanje agira abwire iki umusavyi wiwe?” 15 Nya mukuru w’ingabo za Yehova na we abwira Yosuwa ati: “Kura inkweto* zawe ku birenge vyawe, kuko ahantu uhagaze ari heranda.” Yosuwa aca agira kuno+.