Abacamanza
2 Maze umumarayika wa Yehova+ aduga i Bokimu+ avuye i Gilugali+, avuga ati: “Narabaduganye ndabakuye mu Misiri, ndabazana mu gihugu narahiye ba sokuruza banyu+. Vyongeye, navuze nti: ‘Sinzokwigera ndenga kw’isezerano nagiranye namwe+. 2 Namwe ntimuze mugirane isezerano n’ababa muri iki gihugu+. Ibicaniro* vyabo muze mubisiturire hasi+.’ Mugabo ntimwumvirije ijwi ryanje+. Kubera iki mwakoze ivyo+? 3 Nanje rero navuze nti: ‘Sinzobirukana imbere yanyu; bazobabera koko imitego+, imana zabo na zo zibabere ikibakwegakwega+.’”
4 Umumarayika wa Yehova akimara kubwira ayo majambo bene Isirayeli bose, abantu batangura gushira amajwi yabo hejuru, bararira+. 5 Ku bw’ivyo aho hantu bahita Bokimu*. Maze batangura kuhashikanira ibimazi Yehova.
6 Igihe Yosuwa yarungika abantu, bene Isirayeli baciye bagenda, umwe wese ku ntoranwa yiwe, kugira ngo bigarurire igihugu+. 7 Nuko abantu babandanya gukorera Yehova imisi yose ya Yosuwa n’imisi yose y’abagabo b’inararibonye babandanije kubaho inyuma ya Yosuwa kandi bari barabonye igikorwa gikomeye ca Yehova cose, ico yakoreye Isirayeli+. 8 Maze Yosuwa mwene Nuni, umusavyi wa Yehova, arapfa, afise imyaka ijana na cumi+. 9 Bamuhamba rero mu karere k’intoranwa yiwe i Timunati-heresi+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu, mu buraruko bw’umusozi Gayashi+. 10 Iryo yaruka ryose na ryo rihamvya ba se+, maze inyuma yabo hahaguruka irindi yaruka ritari rizi Yehova canke igikorwa yari yarakoreye Isirayeli+.
11 Nuko bene Isirayeli batangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+ no gukorera za Bayali+. 12 Gutyo baheba Yehova Imana ya ba se yari yarabakuye mu gihugu ca Misiri+, bakurikira izindi mana mu mana z’ibisata vy’abantu vyari irya n’ino yabo+, batangura kuzunamira, ku buryo bababaza Yehova+. 13 Gutyo baheba Yehova, batangura gukorera Bayali n’ibishusho vya Ashitoreti+. 14 Ishavu rya Yehova rica rirurumbira Isirayeli+, bituma abatanga mu maboko y’abasahuzi, batangura kubasahura+; kandi atangura kubagurisha mu kuboko kw’abansi babo bari irya n’ino yabo+, ntibaba bagishobora guhagarara imbere y’abansi babo+. 15 Aho baja hose, ukuboko kwa Yehova kwarabarwanya kukabateza ivyago+, nk’uko Yehova yari yaravuze kandi nk’uko Yehova yari yarabarahiye+; nuko bagera habi rwose+. 16 Yehova yarahagurutsa rero abacamanza+, bano bakabakiza mu kuboko kw’ababasahura+.
17 Banka kwumviriza n’abacamanza babo nyene, mugabo bashurashurana+ n’izindi mana+ bongera barazunamira. Ntibateba gukevya bava mu nzira ba sekuruza babo bari baragendeyemwo mu kugamburuka amabwirizwa ya Yehova+. Ntibakora nk’ukwo. 18 Kandi Yehova abahagurukirije abacamanza+, Yehova yabana n’uwo mucamanza, akabakiza mu kuboko kw’abansi babo mu misi yose y’uwo mucamanza; kuko Yehova yicuza+ kubera ukuniha kwabo gutewe n’ababahahaza+ be n’ababaturubika.
19 Nya mucamanza apfuye, baca bahindukira bakikwegera guhona kuruta ba se mu gukurikira izindi mana kugira bazikorere bongere bazunamire+. Ntibareka ingeso zabo n’inyifato yabo y’akagagazo+. 20 Amaherezo ishavu rya Yehova rirurumbira+ Isirayeli maze avuga ati: “Kubera ko iri hanga ryahonyanze isezerano ryanje+ nategetse ba sekuruza babo kandi ntiryumvirize ijwi ryanje+, 21 nanje sinzokwongera kwirukana imbere yabo ihanga na rimwe mu mahanga Yosuwa yasize igihe yapfa+, 22 kugira ngo ndayagezeshe+ Isirayeli, ndabe nimba bazogumya canke batazogumya inzira ya Yehova mu kuyigenderamwo nk’uko ba se bayigumije.” 23 Yehova rero yararetse ayo mahanga, ntiyayirukana ningoga+, ntiyayatanga mu kuboko kwa Yosuwa.