ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 34
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Ubutumwa bw’urubanza Zedekiya yaciriwe (1-7)

      • Barenga kw’isezerano ryo kurekura abashumba (8-22)

Yeremiya 34:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Nebukadirezari.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:1; Yr 32:2; 39:1; 52:4

Yeremiya 34:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:11; Yr 37:1
  • +Yr 21:10; 32:28, 29; 39:8

Yeremiya 34:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 37:17; 39:5
  • +2Bm 25:6, 7; Ezk 12:13

Yeremiya 34:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 17:16

Yeremiya 34:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 4:5
  • +Mik 1:13
  • +Yos 15:20, 35

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2007, rup. 14

Yeremiya 34:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 21:2

Yeremiya 34:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 24:7
  • +Kv 13:3

Yeremiya 34:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 21:2; Lw 25:10, 39-42; Gus 15:12

Yeremiya 34:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «namwe murisubiyeko uno musi.»

Yeremiya 34:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 19:12

Yeremiya 34:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «indwara.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 21:2; Lw 25:10
  • +2Bm 25:3; Yr 21:7
  • +Yr 15:2, 4; 29:18

Yeremiya 34:18

Utujambo tw'epfo

  • *

    Uwo wari umugenzo wa kera wagirwa mu kwemeza isezerano.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 15:10, 17

Yeremiya 34:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:26; Zb 79:2; Yr 16:4

Yeremiya 34:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:6, 7; Int 4:20
  • +Yr 37:5

Yeremiya 34:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:9, 10; Yr 32:29; 39:8
  • +Lw 26:33; Yr 44:2

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 34:12Bm 25:1; Yr 32:2; 39:1; 52:4
Yer. 34:22Ng 36:11; Yr 37:1
Yer. 34:2Yr 21:10; 32:28, 29; 39:8
Yer. 34:3Yr 37:17; 39:5
Yer. 34:32Bm 25:6, 7; Ezk 12:13
Yer. 34:5Ezk 17:16
Yer. 34:7Yr 4:5
Yer. 34:7Mik 1:13
Yer. 34:7Yos 15:20, 35
Yer. 34:8Kv 21:2
Yer. 34:13Kv 24:7
Yer. 34:13Kv 13:3
Yer. 34:14Kv 21:2; Lw 25:10, 39-42; Gus 15:12
Yer. 34:16Lw 19:12
Yer. 34:17Kv 21:2; Lw 25:10
Yer. 34:172Bm 25:3; Yr 21:7
Yer. 34:17Yr 15:2, 4; 29:18
Yer. 34:18It 15:10, 17
Yer. 34:20Gus 28:26; Zb 79:2; Yr 16:4
Yer. 34:212Bm 25:6, 7; Int 4:20
Yer. 34:21Yr 37:5
Yer. 34:222Bm 25:9, 10; Yr 32:29; 39:8
Yer. 34:22Lw 26:33; Yr 44:2
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 34:1-22

Yeremiya

34 Yehova yaravuganye na Yeremiya, igihe Nebukadinezari* umwami wa Babiloni n’ingabo ziwe zose n’ubwami bwose aganza bwo kw’isi, hamwe n’amahanga yose, bariko barwanya Yeruzalemu n’ibisagara vyose bihakikuje+. Yavuze ati:

2 «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Genda uvugane na Zedekiya+ umwami w’Ubuyuda, umubwire uti: ‘Yehova avuze ati: “Ngira ntange iki gisagara ku mwami wa Babiloni, kandi azogiturira+. 3 Ntuzomucarukana kuko uzofatwa ata kabuza bakagushikana ku mwami wa Babiloni+. Uzomubona amaso mu yandi, muvugane imbonankubone, kandi uzoja i Babiloni+.” 4 Ariko rero Zedekiya mwami w’Ubuyuda, niwumve ijambo rya Yehova: “Yehova avuze ku bikwerekeye ati: ‘Ntuzokwicishwa inkota. 5 Uzokwipfira+ amahoro, kandi nibaguhamba, bazoturira imibavu nk’uko babigiriye ba sogokuruza, abami ba kera bakwitangiye imbere. Bazokuririra bavuga bati: “Yoo, databuja!” Ivyo bizoba kuko “ari jewe ndabivuze”, ni ko Yehova avuze.’”’”»

6 Nuko umuhanuzi Yeremiya abwira Zedekiya umwami w’Ubuyuda ayo majambo yose, ayamubwirira i Yeruzalemu. 7 Ico gihe ingabo z’umwami wa Babiloni zariko zirwanya Yeruzalemu n’ibisagara vyose vy’Ubuyuda vyari bisigaye+, ni ukuvuga Lakishi+ na Azeka+. Mu bisagara vyo mu Buyuda bikingijwe ibihome, ni vyo vyonyene vyari bisigaye.

8 Yehova yaravuganye na Yeremiya inyuma y’aho umwami Zedekiya amariye kugirana isezerano n’abantu bose bari i Yeruzalemu kugira ngo bahe umwidegemvyo abashumba+. 9 Umwe wese yategerezwa kurekura umushumba canke umushumbakazi wiwe w’Umuheburayo, kugira ntihagire uwubandanya gukoresha Umuyuda mwenewabo nk’umushumba. 10 Nuko abatware bose n’abantu bose baragamburuka. Bari basezeranye yuko umwe wese yorekuye abashumba n’abashumbakazi biwe ntibabe bakibashumbira. Baragamburutse, barabarekura. 11 Mugabo mu nyuma, bagarukana abashumba n’abashumbakazi bari barekuye, basubira kubagira abashumba ku nguvu. 12 Nuko Yehova avugana na Yeremiya. Yehova avuga ati:

13 «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Naragiranye isezerano na ba sogokuruza banyu+ ku musi nabakura mu gihugu ca Misiri aho mwari abashumba*+, mvuga nti: 14 ‘Imyaka indwi niyarangira, umwe wese muri mwebwe aze arekure Umuheburayo mwenewabo azoba yaguze akamukorera imyaka itandatu. Aze amurekure yidegemvye+.’ Mugabo ba sogokuruza banyu ntibanyumvirije canke ngo bantege amatwi. 15 Namwe muherutse kwisubirako* mukora ivyo mbona ko bigororotse, muha benewanyu umwidegemvyo, mugira n’isezerano imbere yanje mu nzu yitirirwa izina ryanje. 16 Mugabo mwaciye mwongera kwisubirako muhumanya izina ryanje+, mugarukana abashumba banyu n’abashumbakazi banyu mwari mwarekuye bakaja iyo bashaka. Mwasubiye kubagira abashumba ku nguvu.”

17 Yehova avuze rero ati: “Ntimwangamburukiye igihe mwaha umwidegemvyo benewanyu na bagenzi banyu+. Nanje rero ngira ndabahe umwidegemvyo wo kwicwa n’inkota, ikiza* n’inzara+”, ni ko Yehova avuze, “kandi nzotuma mucika akajoreza imbere y’ubwami bwose bwo kw’isi+. 18 Ibi ni vyo bizoshikira abarenze kw’isezerano ryanje, ntibashitse ibiri mw’isezerano bagize imbere yanje igihe bacamwo kubiri inyana, bagaca hagati y’ibihimba vyayo*+, 19 ni ukuvuga abatware bo mu Buyuda, abatware b’i Yeruzalemu, abakozi bo ku kirimba, abaherezi n’abanyagihugu bose baciye hagati y’ibihimba vy’iyo nyana: 20 nzobatanga ku bansi babo no ku barondera kubica, kandi imivyimba yabo izoribwa n’inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi+. 21 Zedekiya umwami w’Ubuyuda n’abatware biwe, nzobatanga ku bansi babo no ku barondera kubica no ku ngabo z’umwami wa Babiloni+ ziriko zirava iwanyu+.”

22 Yehova avuze ati: “Ngira ntange itegeko, ndabagarukane muri iki gisagara, bakirwanye, bagifate maze bagiturire+. Nzotuma ibisagara vyo mu Buyuda bicika agahinga, bisigare ata wubibamwo+.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika