Ezekiyeli
15 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, igiti c’umuzabibu gitandukaniye he n’ibindi biti vyose? Gitandukaniye he n’amashami y’ibiti vyo mu kibira? 3 Mbega covamwo igiti cokora igikorwa kanaka? Canke abantu baragikuramwo urumambo rwo kumanikako ibikoresho? 4 Erega bagiterera mu muriro bakagicana, umuriro ukagiturira impande zose no hagati hagasha. None hari ikindi kiba kikimaze? 5 Kikiri cose, nta kintu na kimwe cashobora gukoreshwa. Hari akantu umuriro wagituriye kigasha kigahera!»
6 «Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nka kurya kw’igiti c’umuzabibu mu biti vyo mu kibira, ico nageneye kuba inkwi zo gucana, ni ko nzogira ababa i Yeruzalemu+. 7 Nafashe ingingo yo kubarwanya. Barakize umuriro mugabo umuriro nyene ni wo uzobamara. Abo bantu ninabarwanya, muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”»
8 «“Kandi igihugu nzokigira umusaka+ kuko bahemutse+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»