ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 1
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Abalewi: ibirimwo

      • Ishikanwa riturirwa (1-17)

Abalewi 1:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 40:34

Abalewi 1:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «abahungu ba Isirayeli.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 22:18-20

Abalewi 1:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 15:19, 21; Mal 1:14
  • +2Kr 9:7

Abalewi 1:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «kugira rimubere impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).

Abalewi 1:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Heb 10:11
  • +Heb 9:13, 14

Abalewi 1:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 7:8

Abalewi 1:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 6:12

Abalewi 1:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ibinure bikikuje amafyigo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 18:23

Abalewi 1:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga kuva mw’ivi gushika ku kirenge.

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ry’akamoto karuhura kuri.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 8:20, 21; Gh 15:2, 3

Abalewi 1:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 4:4
  • +Lw 12:6; 22:18-20

Abalewi 1:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:16-18; Lw 8:18-21; 9:12-14

Abalewi 1:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 5:7; 12:8; Lk 2:24

Abalewi 1:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Yayirya urwara mw’izosi igakomereka ariko ntiridenduke.

Abalewi 1:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «iminyota inuze.» Yari iminyota ivanze n’ibinure vy’ibimazi.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 27:3; Lw 4:11, 12; 6:10

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Lew. 1:1Kv 40:34
Lew. 1:2Lw 22:18-20
Lew. 1:3Gus 15:19, 21; Mal 1:14
Lew. 1:32Kr 9:7
Lew. 1:5Heb 10:11
Lew. 1:5Heb 9:13, 14
Lew. 1:6Lw 7:8
Lew. 1:7Lw 6:12
Lew. 1:81Bm 18:23
Lew. 1:9It 8:20, 21; Gh 15:2, 3
Lew. 1:10It 4:4
Lew. 1:10Lw 12:6; 22:18-20
Lew. 1:11Kv 29:16-18; Lw 8:18-21; 9:12-14
Lew. 1:14Lw 5:7; 12:8; Lk 2:24
Lew. 1:16Kv 27:3; Lw 4:11, 12; 6:10
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abalewi 1:1-17

Abalewi

1 Yehova ahamagara Musa, avugana na we ari mw’ihema ry’ibonaniro+. Amubarira ati: 2 «Bwira Abisirayeli* uti: “Nihagira uwipfuza guha Yehova ishikanwa rivuye mu bitungwa, akwiye kuzana inka, intama canke impene+.

3 Niyatanga ishikanwa riturirwa rivuye mu nka, akwiye kuzana ishuri itagira akanenge+. Azoyizana imbere ya Yehova ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro avyishakiye+. 4 Azorambika ikiganza ku mutwe w’iryo shikanwa riturirwa, kandi Imana izokwemera iryo shikanwa ryiwe kugira ababarirwe ibicumuro* yakoze.

5 Bazokererera iyo shuri imbere ya Yehova. Abahungu ba Aroni ari bo baherezi+, bazoshikanira Imana amaraso yayo bongere bayamijagire ku mpande zose z’igicaniro+ kiri ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. 6 Iyo shuri y’ishikanwa riturirwa bazoyikurako urushato bongere bayikatagure mu bipande+. 7 Abahungu ba Aroni ari bo baherezi, bazoshira umuriro ku gicaniro+ hanyuma bashireko inkwi. 8 Bazopanga ku gicaniro ibipande vy’iyo shuri y’ishikanwa riturirwa+, biri kumwe n’umutwe wayo n’ibinure* vyayo, hejuru y’inkwi ziri ku muriro. 9 Amara yayo n’amaguru* yayo bazobironga mu mazi hanyuma umuherezi abiturire vyose bifumbe umwotsi ku gicaniro. Ni ishikanwa riturirwa, ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza* Yehova+.

10 Niyatanga ishikanwa riturirwa rivuye mu busho bw’intama canke bw’impene+, akwiye kuzana isuguru itagira akanenge+. 11 Bazoyikererera imbere ya Yehova mu buraruko bw’igicaniro. Abahungu ba Aroni ari bo baherezi, bazoca bamijagira amaraso yayo ku mpande zose z’igicaniro+. 12 Bazoyikatagura mu bipande hanyuma umuherezi apange ku gicaniro ibipande vyayo biri kumwe n’umutwe wayo n’ibinure vyayo, hejuru y’inkwi ziri ku muriro. 13 Amara yayo n’amaguru yayo bazobironga mu mazi hanyuma umuherezi abiturire vyose bifumbe umwotsi ku gicaniro. Ni ishikanwa riturirwa, ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova.

14 Ariko niyaha Yehova ishikanwa riturirwa rigizwe n’inyoni, akwiye kuzana intunguru canke inuma zikiri nto+. 15 Umuherezi azozana iyo nyoni ku gicaniro, ayice umutwe* hanyuma ayiturire ifumbe umwotsi ku gicaniro, ariko amaraso yayo azoyareka amiminukire ku ruhande rw’igicaniro. 16 Azoyikurako agatorero n’amoya abite hirya y’igicaniro amaja mu buseruko, mu kibanza batamwo iminyota*+. 17 Azoyisaturira hagati y’amababa yayo ariko ntaze ayicemwo kubiri. Azoca ayiturira ifumbe umwotsi ku gicaniro, hejuru y’inkwi ziri ku muriro. Ni ishikanwa riturirwa, ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika