ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 10
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Abalewi: ibirimwo

      • Nadabu na Abihu bicwa n’umuriro uvuye kuri Yehova (1-7)

      • Amategeko y’abaherezi ajanye no kurya no kunywa (8-20)

Abalewi 10:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 6:23; 1Ng 24:2
  • +Kv 30:34, 35; Lw 16:12
  • +Kv 30:9; Lw 10:9; 16:1, 2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/5/2004, rup. 22

Abalewi 10:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 16:35
  • +Gh 26:61

Abalewi 10:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 19:22

Abalewi 10:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 6:18

Abalewi 10:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 21:10

Abalewi 10:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «amavuta yo kurobanuza.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 28:41; Lw 8:12; 21:11, 12

Abalewi 10:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «iyaruka.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 44:21

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/11/2014, rup. 17

    1/12/2004, rup. 21-22

    15/5/2004, rup. 22

Abalewi 10:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 44:23

Abalewi 10:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 33:10; 2Ng 17:8, 9; Neh 8:7, 8; Mal 2:7

Abalewi 10:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 6:14, 16
  • +Lw 21:22

Abalewi 10:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 6:26; Gh 18:10

Abalewi 10:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ikidari», «inkoro.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 22:13; Gh 18:11
  • +Kv 29:26-28; Lw 7:31, 34; 9:21

Abalewi 10:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga kuzungagiza ujana imbere n’inyuma.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Kr 9:13

Abalewi 10:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 9:3, 15

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2011, rup. 12

Abalewi 10:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 6:25, 26; Ezk 44:29

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2011, rup. 12

Abalewi 10:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 6:29, 30

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2011, rup. 12

Abalewi 10:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 9:8, 12

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2011, rup. 12

Abalewi 10:20

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/2/2011, rup. 12

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Lew. 10:1Kv 6:23; 1Ng 24:2
Lew. 10:1Kv 30:34, 35; Lw 16:12
Lew. 10:1Kv 30:9; Lw 10:9; 16:1, 2
Lew. 10:2Gh 16:35
Lew. 10:2Gh 26:61
Lew. 10:3Kv 19:22
Lew. 10:4Kv 6:18
Lew. 10:6Lw 21:10
Lew. 10:7Kv 28:41; Lw 8:12; 21:11, 12
Lew. 10:9Ezk 44:21
Lew. 10:10Ezk 44:23
Lew. 10:11Gus 33:10; 2Ng 17:8, 9; Neh 8:7, 8; Mal 2:7
Lew. 10:12Lw 6:14, 16
Lew. 10:12Lw 21:22
Lew. 10:13Lw 6:26; Gh 18:10
Lew. 10:14Lw 22:13; Gh 18:11
Lew. 10:14Kv 29:26-28; Lw 7:31, 34; 9:21
Lew. 10:151Kr 9:13
Lew. 10:16Lw 9:3, 15
Lew. 10:17Lw 6:25, 26; Ezk 44:29
Lew. 10:18Lw 6:29, 30
Lew. 10:19Lw 9:8, 12
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abalewi 10:1-20

Abalewi

10 Mu nyuma, abahungu ba Aroni ari bo Nadabu na Abihu+, umwe wese atora agapanu kiwe kajako umuriro maze badushirako umuriro n’imibavu+. Baraheza bazana imbere ya Yehova umuriro utemewe+, uwo atari yarabategetse gukoresha. 2 Umuriro uvuye imbere ya Yehova uca urabaturira+, bapfira imbere ya Yehova+. 3 Musa aca abwira Aroni ati: «Ni bimwe nyene Yehova yavuga ati: “Abaza hafi yanje+ bakwiye kwibuka ko ndi mweranda, kandi abantu bose bakwiye kuninahaza.”» Aroni aguma ahoze.

4 Nuko Musa ahamagara Mishayeli na Elizafani, abahungu ba Uziyeli+ sewabo wa Aroni, ababwira ati: «Ingo mukure benewanyu ahantu heranda, mubajane inyuma y’ikambi.» 5 Baca baraza, babaterura bacambaye ya makanzu yabo maze babajana inyuma y’ikambi, nk’uko Musa yari yababwiye.

6 Musa aca abwira Aroni n’abahungu biwe bari basigaye, ari bo Eleyazari na Itamari ati: «Ntimureke gutunganya imishatsi yanyu canke ngo mutabure impuzu zanyu+, ahandiho mwopfa kandi bigatuma Imana ishavurira ishengero ryose. Benewanyu, ni ukuvuga ishengero ryose ry’Abisirayeli, bazoririra abo Yehova yicishije umuriro. 7 Ntimuhirahire ngo muve ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, ahandiho mwopfa, kuko amavuta meranda* ya Yehova ari kuri mwebwe+.» Baca bakora nk’uko Musa ababwiye.

8 Hanyuma Yehova abwira Aroni ati: 9 «Mwe n’abahungu bawe ntimuze mwinjire mw’ihema ry’ibonaniro mwanyoye umuvinyu canke izindi nzoga+ kugira ntimupfe. Iryo ni itegeko ryamaho uko urunganwe* rwanyu ruzogenda rurakurikirana. 10 Ivyo bizotuma mushobora gutandukanya iceranda n’ikitari ceranda, igihumanye n’ikidahumanye+. 11 Bizotuma kandi mushobora kwigisha Abisirayeli amategeko yose Yehova yabahaye biciye kuri Musa+.»

12 Musa aca abwira Aroni n’abahungu biwe bari basigaye, ari bo Eleyazari na Itamari ati: «Mu mashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro, nimutore ivyasigaye kw’ishikanwa ry’intete, mubikoremwo imikate itarimwo umwambiro. Iyo mikate mukwiye kuyirira hafi y’igicaniro+, kuko ari myeranda cane+. 13 Mubwirizwa kuyirira ahantu heranda+ kuko ari umugabane wanyu n’abahungu banyu, uvuye ku mashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro. Ivyo ni vyo Imana yantegetse. 14 Wewe n’abahungu bawe n’abakobwa bawe+ muzorya kandi akameme* k’ishikanwa bazungagiza be n’itako ry’umugabane mweranda+. Muzobirira ahantu hadahumanye kuko ari umugabane mwahawe mwe n’abahungu bawe, uvuye ku bimazi vyo gusangira Abisirayeli batanga. 15 Bazozana itako ry’umugabane mweranda n’akameme k’ishikanwa bazungagiza hamwe n’ibinure vy’amashikanwa bashikanisha umuriro, kugira batange ishikanwa bazungagiza* imbere ya Yehova. Ako kameme n’iryo tako bizoba umugabane wawe n’abahungu bawe ibihe bidahera+, nk’uko Yehova yabitegetse.»

16 Hanyuma Musa arondera hose ya mpene y’ishikanwa ry’igicumuro+, asanga yahiye iratokombera. Aca ashavurira cane Eleyazari na Itamari, abahungu ba Aroni bari basigaye, ababwira ati: 17 «Kuki mutaririye ishikanwa ry’igicumuro ahantu heranda+, kandi ari ikintu ceranda cane yabahaye kugira mwikorere ikosa ry’ishengero mwongere muritangire impongano* imbere ya Yehova? 18 Raba nta n’umwe yinjije amaraso yayo ahantu heranda+. Mwabwirizwa kuyirira ahantu heranda nk’uko nabitegetswe.» 19 Aroni yishura Musa ati: «Ni vyo uno musi abantu bashikaniye Yehova ishikanwa ry’igicumuro n’ishikanwa riturirwa+. Ariko uravye ivyanshikiye, wumva vyari guhimbara Yehova iyo ndya kw’ishikanwa ry’igicumuro uno musi?» 20 Musa yumvise iyo nyishu, aca abona ko vyumvikana.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika