Guharura
24 Balamu amaze kubona ko Yehova ahimbarwa* no guhezagira Abisirayeli, ntiyasubiye kugerageza kurondera ko boshikirwa n’ivyago*+. Nuko aca arahindukira, araba mu bugaragwa. 2 Araramuye amaso akabona Abisirayeli bakambitse bisunze imiryango yabo+, impwemu y’Imana ica iza kuri we+. 3 Araheza avuga ati+:
«Ijambo rya Balamu umuhungu wa Beyori,
ijambo ry’umugabo yuguruwe amaso,
4 ijambo ry’umuntu yumva ico Imana ivuze,
uwabonye ibintu yeretswe na Mushoboravyose,
akagwa hasi amaso yiwe akanura+:
6 Aragenda agashika kure nk’imyonga*+,
nk’imirima iri iruhande y’uruzi,
nk’ingagari zatewe na Yehova,
nk’amasederi ari iruhande y’amazi.
7 Amazi aguma atemba ava mu ndobo ziwe zibiri z’inshato,
Azotikiza amahanga amuhahaza+,
azojanjagura amagufa yayo, ayatobekeranishe imyampi yiwe.
9 Yarabunze, araryama nk’intambwe,
ni nde none yokwubahuka kuvyura intambwe?
Abaguhezagira barahezagiwe,
n’abakuvuma baravumwe+.»
10 Balaki aca ashavurira cane Balamu, akubita urushi ku rundi maze amubwira ati: «Naguhamagaye ngo umvumire abansi banje+, ariko raba wishinze kubahezagira izi ncuro zitatu zose. 11 Subira iwanyu ningoga. Nari nashatse kugutera iteka rikomeye+, ariko raba Yehova ararigutesheje.»
12 Balamu yishura Balaki ati: «None sinari nabwiye abo watumye 13 ko “naho wompa inzu yawe yuzuye ifeza n’inzahabu, ntashobora gukora ikintu na kimwe nishakiye* gitandukanye n’itegeko rya Yehova, caba ciza canke kibi?” Sinari nababwiye ko “nzovuga ivyo Yehova ambwira gusa+?” 14 Ubu rero ndisubiriye iwacu*. Ariko reka nkubwire ivyo aba bantu bazokorera abantu bawe muri kazoza*.» 15 Araheza avuga ati+:
«Ijambo rya Balamu umuhungu wa Beyori,
ijambo ry’umugabo yuguruwe amaso+,
16 ijambo ry’umuntu yumva ico Imana ivuze,
uwaronse ubumenyi buva kuri Musumbavyose,
uwabonye ibintu yeretswe na Mushoboravyose
igihe yagwa hasi amaso yiwe akanura:
17 Nzomubona, ariko si ubu nyene,
nzomwitegereza, ariko si muri aka kanya.
egome, Seyiri+ hazokwigarurirwa n’abansi baho+,
mu gihe Isirayeli azoba ariko yerekana ubutwari bwiwe.
20 Abonye Amaleki, aca avuga ati:
21 Abonye Abakeni+, aca avuga ati:
«Aho mwibera haratekanye, uburaro bwanyu bwubatse ku rutare.
22 Ariko Abakeni* bazoturirwa.
Mbega hasigaye igihe kingana iki ngo Ashuri ibagire imbohe?»
23 Abandanya kuvuga ati:
«Mbega amagorwa! Ni nde azorokoka Imana niyabikora?
Ariko na yo* nyene azohona buhere.»
25 Balamu+ aca aragenda asubira iwabo. Balaki na we nyene afata inzira yiwe, aragenda.