Guharura
3 Iyi ni yo yari imiryango* ya Aroni na Musa igihe Yehova yavugana na Musa ku musozi Sinayi+. 2 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Aroni: imfura yari Nadabu, hagakurikira Abihu+, Eleyazari+ na Itamari+. 3 Ayo ni yo mazina y’abahungu ba Aroni, abaherezi barobanujwe amavuta* kandi bimitswe mw’ibanga ry’ubuherezi+. 4 Ariko Nadabu na Abihu bapfiriye imbere ya Yehova igihe bashikana umuriro utemewe imbere ya Yehova+ mu bugaragwa bwa Sinayi. Nta bana bari bafise. Eleyazari+ na Itamari+ bagumye ari abaherezi bari kumwe na Aroni se wabo.
5 Maze Yehova abwira Musa ati: 6 «Zana Abalewi+, ubashikirize Aroni umuherezi kugira bamufashe+. 7 Bazofasha Aroni n’ishengero ryose mu gukora ibikorwa bajejwe bijanye n’ihema ryeranda, babikorere imbere y’ihema ry’ibonaniro. 8 Bazokwitwararika ibikoresho vyose+ vy’ihema ry’ibonaniro bongere bafashe Abisirayeli mu gukora ibikorwa bajejwe bijanye n’ihema ryeranda+. 9 Abalewi uze ubashikirize Aroni n’abahungu biwe. Ni ingabire Aroni yahawe ivuye mu Bisirayeli+. 10 Aroni n’abahungu biwe uze ubashinge ibikorwa vy’ubuherezi+. Umuntu wese azokwegera ahantu heranda atabifitiye uburenganzira* azoca yicwa+.»
11 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 12 «Ntoye Abalewi mu Bisirayeli mu kibanza c’imfura zose z’Abisirayeli+. Abalewi bazoba abanje. 13 Imfura zose ni izanje+. Umusi nica imfura zose mu gihugu ca Misiri+, narishiriye ku ruhande* ivyavutse ubwa mbere vyose muri Isirayeli, haba mu bantu canke mu bitungwa+. Bizoba ivyanje. Ndi Yehova.»
14 Yehova yongera kubwira Musa mu bugaragwa bwa Sinayi+ ati: 15 «Niwandike Abalewi wisunze imiryango yabo n’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo. Uzokwandika umuhungu wese afise ukwezi kumwe kuduga+.» 16 Musa aca arabandika nk’uko Yehova yari yabimutegetse. 17 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Lewi: Gerushoni, Kohati na Merari+.
18 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Gerushoni hisunzwe imiryango yabo: Libuni na Shimeyi+.
19 Abahungu ba Kohati hisunzwe imiryango yabo bari Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli+.
20 Abahungu ba Merari hisunzwe imiryango yabo bari Mahili+ na Mushi+.
Iyo ni yo yari imiryango y’Abalewi hisunzwe imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo.
21 Abakomotse kuri Gerushoni ni umuryango w’Abalibuni+ n’uw’Abashimeyi. Iyo ni yo yari imiryango y’Abagerushoni. 22 Abahungu bose banditswe bafise ukwezi kumwe kuduga bari 7.500+. 23 Imiryango y’Abagerushoni yakambika inyuma y’ihema ryeranda+, amaja mu burengero. 24 Umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango y’Abagerushoni yari Eliyasafu umuhungu wa Layeli. 25 Ibikorwa Abagerushoni+ bari bajejwe kw’ihema ry’ibonaniro kwari ukwitwararika ihema ryeranda+, ibitambara vyo kuripfuka+, irido*+ yo ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, 26 ibitambara+ vyo ku ruzitiro, irido*+ yo kw’irembo ry’uruzitiro rukikuje ihema ryeranda n’igicaniro, imigozi y’ihema n’ibikorwa vyose bijanye n’ivyo bikoresho.
27 Abakomotse kuri Kohati ni umuryango w’Abamuramu, uw’Abizihari, uw’Abaheburoni n’uw’Abuziyeli. Iyo ni yo yari imiryango y’Abakohati+. 28 Abahungu bose bafise ukwezi kumwe kuduga bari 8.600. Bari bajejwe kwitwararika ahantu heranda+. 29 Imiryango y’Abakohati yakambika mu bumanuko bw’ihema ryeranda+. 30 Umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango y’Abakohati yari Elizafani umuhungu wa Uziyeli+. 31 Bari bajejwe kwitwararika isandugu+, imeza+, ico baterekako amatara+, ibicaniro+, ibikoresho+ bakoresha ahantu heranda, irido*+ n’ibikorwa vyose bijanye n’ivyo bikoresho+.
32 Eleyazari+ umuhungu wa Aroni umuherezi ni we yatwara abakuru b’Abalewi. Ni we yahagarikira abajejwe ibikorwa vy’ahantu heranda.
33 Abakomotse kuri Merari ni umuryango w’Abamahili n’uw’Abamushi. Iyo ni yo yari imiryango y’Abamerari+. 34 Abahungu bose banditswe bafise ukwezi kumwe kuduga bari 6.200+. 35 Umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango y’Abamerari yari Zuriyeli umuhungu wa Abihayili. Bakambika mu buraruko bw’ihema ryeranda+. 36 Abamerari bari bajejwe kwitwararika ibizingiti*+ vy’ihema ryeranda, udukoni twavyo+, inkingi zavyo+, udutafari dutoboye twavyo, ibikoresho vyavyo vyose+ n’ibikorwa vyose bijanye n’ivyo bikoresho+. 37 Bari bajejwe kandi kwitwararika inkingi zari zikikuje ikigo n’udutafari dutoboye twazo+, imambo* zazo n’imigozi yazo.
38 Musa na Aroni hamwe n’abahungu biwe ni bo bakambika mu buseruko bw’ihema ryeranda, imbere y’ihema ry’ibonaniro. Bari bajejwe kwitwararika ahantu heranda mu kibanza c’Abisirayeli. Umuntu wese yegereye aho hantu atabifitiye uburenganzira* yabwirizwa kwicwa+.
39 Abalewi bose b’abahungu bafise ukwezi kumwe kuduga bari 22.000. Musa na Aroni babanditse bisunze imiryango yabo nk’uko Yehova yari yabategetse.
40 Maze Yehova abarira Musa ati: «Andika abahungu bose b’imfura b’Abisirayeli bafise ukwezi kumwe kuduga+, ubaharure wongere ugire urutonde rw’amazina yabo. 41 Nunshirire ku ruhande Abalewi mu kibanza c’imfura zose z’Abisirayeli+, n’ibitungwa vyose vy’Abalewi mu kibanza c’ibitungwa vyose vy’Abisirayeli vyavutse ubwa mbere*+. Ndi Yehova.» 42 Musa aca yandika imfura zose z’Abisirayeli nk’uko Yehova yari yabimutegetse. 43 Abahungu bose b’imfura yanditse bafise ukwezi kumwe kuduga bari 22.273.
44 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 45 «Shira ku ruhande Abalewi mu kibanza c’imfura zose z’Abisirayeli, n’ibitungwa vy’Abalewi mu kibanza c’ibitungwa vy’Abisirayeli. Abalewi bazoba abanje. Ndi Yehova. 46 Kugira ucungure+ Abisirayeli b’imfura 273 barenga ku Balewi+, 47 uzotora shekeli* zitanu kuri umwumwe wese+, wisunze shekeli y’akarorero y’aheranda*. Shekeli imwe ingana na gera* 20+. 48 Ayo mahera uzoca uyaha Aroni n’abahungu biwe, nk’ikiguzi c’abo barengako.» 49 Musa araheza atora ayo mahera yo gucungura abarenga ku gitigiri c’Abalewi. 50 Atora ayo mahera yo gucungura imfura z’Abisirayeli, ni ukuvuga shekeli 1.365 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda. 51 Musa aca aha ayo mahera Aroni n’abahungu biwe nk’uko Yehova yari yabivuze. Akora nk’uko Yehova yari yabimutegetse.