Yosuwa
20 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: 2 «Bwira Abisirayeli uti: “Nimwitorere vya bisagara vy’ubuhungiro+ nababwiye biciye kuri Musa, 3 kugira ngo uwishe umuntu atabishaka canke biturutse kw’isanganya ahungireyo. Ni ho muzohungira uwuhora amaraso y’uwishwe+. 4 Uwishe umuntu aze ahungire muri kimwe muri ivyo bisagara+, ahagarare kw’irembo ryaco+ maze ashikirize ikibazo ciwe abashingantahe b’ico gisagara. Baze bamwakire mu gisagara, bamuhe aho kuba, abane na bo. 5 Uwuhora amaraso y’uwishwe niyamwoma inyuma, ntibaze rero bamumuhe kuko yishe mugenziwe biturutse kw’isanganya kandi akaba atari asanzwe amwanka+. 6 Uwo yishe umuntu aze abe muri ico gisagara gushika arengutse imbere y’ishengero*+ ngo acirwe urubanza, kandi aze agumeyo gushika umuherezi mukuru azoba ariho ico gihe apfuye+. Azoheza rero asubire mu gisagara yahunze avamwo, aje mu rugo iwe+.”»
7 Nuko batora ibisagara bikurikira*: igisagara ca Kedeshi+ kiri i Galilaya mu karere k’imisozi ka Nafutali, ica Shekemu+ kiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu, n’ica Kiriyati-Aruba+, ari co Heburoni, kiri mu karere k’imisozi ka Yuda. 8 Mu karere ka Yorodani, mu buseruko bwa Yeriko, batora igisagara ca Bezeri+ mu bugaragwa buri ku mataba yo mu karere k’umuryango wa Rubeni. Batora n’igisagara ca Ramoti+ kiri i Gileyadi mu karere k’umuryango wa Gadi, be n’igisagara ca Golani+ kiri muri Bashani mu karere k’umuryango wa Manase+.
9 Ivyo ni vyo bisagara vyashiriweho Abisirayeli bose n’abanyamahanga baba muri bo. Babishizeho kugira ngo uwo wese yishe umuntu atabishaka ahungireyo+, ntahave yicwa n’uwuhora amaraso y’uwishwe, atararenguka imbere y’ishengero ngo bamucire urubanza+.