Zaburi
Ku muyobozi, kuri Muti-labeni. Agahibongozo ka Dawidi.
א [ʼAlefu]
ב [Beti]
4 Kuko washikije urubanza rwanje n’imburano zanje+;
Wicaye ku ntebe y’ubwami, uca imanza mu bugororotsi+.
ג [Gimelu]
5 Wahambariye amahanga+, waranduye umubisha+.
Izina ryabo warihanaguye gushika igihe kitagira urugero, mbere ibihe bidahera+.
6 Wa mwansi we, ukugirwa umusaka kwawe kwarangutse rwose+,
Mbere n’ibisagara waranduye+.
No kuvugwa ntibazokwongera kuvugwa+.
ה [Heʼ]
7 Nayo Yehova, azovyagira gushika igihe kitagira urugero+,
Ashimangire intebe yiwe y’ubwami ku bw’urubanza+.
8 Kandi ubwiwe azocira urubanza ubutaka bwimbuka, mu bugororotsi+;
Azosomera urubanza imiryango y’amahanga mu kugororoka+.
ו [Vau]
9 Yehova azocika ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi kuri uwo wese ajanjaguwe+,
Ahantu hakirurutse hatagira inkomanzi mu bihe vy’amarushwa+.
ז [Zayini]
12 Kuko, niyarondera amaraso yasheshwe+ abo ntazobura kubibuka+;
Ntashobora kwibagira amaborogo y’abarushwa+.
ח [Heti]
13 Ngirira ubutoni, Yehova we; raba amarushwa yanje ntezwa n’abanyanka+,
Wewe unduza ukankura mu marembo y’urupfu+,
14 Kugira ngo menyeshe ibikorwa vyawe vyose bibereye gushemezwa+
Mu marembo+ y’umukobwa wa Siyoni+,
Kugira nezererwe ubukiriro bwawe+.
ט [Teti]
16 Yehova amenyekanira ku rubanza yashikije+.
Umubisha afashwe n’igikorwa c’amaboko yiwe+.
Higayoni*. Sela.
י [Yodi]
כ [Kafu]