Kuvayo
3 Hanyuma Musa aba umwungere w’umukuku wa Yetiro+, umuherezi wa Midiyani, uwo yari abereye umukwe+. Igihe yari ashoreye umukuku ku ruhande rw’uburengero bw’agahinga, yaratevye ashika ku musozi w’Imana y’ukuri+, i Horebu+. 2 Maze umumarayika wa Yehova aramubonekera mu rubeya rw’umuriro hagati mu gisaka c’amahwa+. Agumye yitegereza, abona ca gisaka c’amahwa kiriko kiraka umuriro yamara ntigishe. 3 Musa aca avuga ati: “Reka nkevye, nkenguze iki gitangaza gihambaye, menye igituma kirya gisaka c’amahwa kidasha ngo gitokombere+.” 4 Yehova abonye ko akebeje ngo akenguze, ako kanya Imana iramuhamagara hagati muri ca gisaka c’amahwa, iti: “Musa! Musa!”, na we ati: “Ndi hano+.” 5 Maze ivuga iti: “Ntiwegere ng’aha. Kura inkweto* zawe ku birenge vyawe, kuko ahantu uhagaze ari ubutaka bweranda+.”
6 Ibandanya kuvuga iti: “Ndi Imana ya so, Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+.” Maze Musa ahisha mu maso hiwe, kuko yatinya kuraba Imana y’ukuri. 7 Nuko Yehova yongerako ati: “Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amaborogo yabo kubera ababahindagiza ku bikorwa; kuko nzi neza imibabaro barimwo+. 8 Ndamanutse rero kubarokora mu kuboko kw’Abanyamisiri+, ndabadugane ndabakure muri ico gihugu, ndabajane mu gihugu ciza kandi cagutse, igihugu gitemba amata n’ubuki+, ahantu h’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abaperizi n’Abahiwi n’Abayebusi+. 9 Ubu rero, amaborogo ya Isirayeli yanshikiriye, kandi nabonye n’agahahazo Abanyamisiri babahaharisha+. 10 None rero nuze, ngutume kuri Farawo, ukure mu Misiri abantu banje, bene Isirayeli+.”
11 Ariko Musa abwira Imana y’ukuri ati: “Jewe ndi nde ngo nje kwa Farawo, ngo nkure bene Isirayeli mu Misiri+?” 12 Nuko ivuga iti: “Kuko nzoba ndi kumwe nawe+, kandi iki ni co kizokubera ikimenyetso c’uko ari jewe nagutumye+: Niwamara gukura abo bantu mu Misiri, muzokorera Imana y’ukuri kuri uyu musozi+.”
13 Yamara Musa abwira Imana y’ukuri ati: “Dufate ko ubu nshitse kuri bene Isirayeli, nkababwira nti: ‘Imana ya ba sogokuruza banyu yabantumyeko,’ na bo bakambwira bati: ‘Izina ryayo ni nde+?’ Nobabwira iki?” 14 Imana ica ibwira Musa iti: “NZOCIKA ICO NZOCIKA+.” Yongerako iti: “Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘NZOCIKA yabantumyeko+.’” 15 Maze Imana yongera kubwira Musa iti:
“Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, Imana ya Aburahamu+, Imana ya Izahaki+ n’Imana ya Yakobo+, yabantumyeko.’ Iryo ni ryo zina ryanje gushika igihe kitagira urugero*+, kandi ico ni co cibutso canje iyaruka ku rindi+. 16 Wewe genda, ukoranye abagabo b’inararibonye ba Isirayeli, ubabwire uti: ‘Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu yambonekeye+, Imana ya Aburahamu, Izahaki na Yakobo, avuga ati: “Sinzobura kubitaho+ no kwitaho ivyo muriko murakorerwa mu Misiri. 17 Ni co gituma mvuze nti: Nzobadugana ndabakure mu marushwa+ mutezwa n’Abanyamisiri, ndabajane mu gihugu c’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori+ n’Abaperizi n’Abahiwi n’Abayebusi+, igihugu gitemba amata n’ubuki+.”’
18 “Kandi ntibazobura kwumviriza ijwi ryawe+; nawe uzoje ku mwami wa Misiri, wewe n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli, mumubwire muti: ‘Yehova Imana y’Abaheburayo+ yabonanye natwe+. Ubu rero, turakwinginze uturekure, dushaka kugenda urugendo rw’imisi itatu mu gahinga, kandi dushaka gushikanira ikimazi Yehova Imana yacu+.’ 19 Kandi jewe ubwanje, ndazi neza yuko umwami wa Misiri atazobaha uruhusha rwo kugenda bidaciye ku kiganza gikomeye+. 20 Nanje nzobwirizwa kuramvura ukuboko kwanje+, nkubitishe Misiri ibikorwa vyanje vy’agatangaza vyose nzokorera hagati muri yo; maze inyuma y’ivyo azobarekura+. 21 Kandi nzoha abo bantu kugira ubutoni mu maso y’Abanyamisiri; kandi nimwagenda, ntimuzogenda iminwe misa+. 22 Umugore wese aze asabe umubanyi wiwe n’umugore abayeho ari kavamahanga mu nzu iwe, ibintu vy’ifeza n’ivy’inzahabu n’imitamana; muze muvyambike abahungu banyu n’abakobwa banyu, kandi mutegerezwa gukoba Abanyamisiri+.”