Yobu
36 Elihu arabandanya ati:
2 “Nyihanganire gatoyi, ndakumenyeshe
Ko hakiriho amajambo yo kuvugira Imana.
4 Kuko amajambo yanje mu vy’ukuri atari ikinyoma;
Umwe atagira akanenge mu bumenyi+ ari kumwe na wewe.
5 Raba! Imana irakomeye+, nta we izota nk’akanuka;
Irakomeye mu bubasha bw’ugutahura;
6 Ntizozigamira ubuzima umubisha+,
Mugabo urubanza rw’abarushwa izoruca mu kuri+.
7 Ntizokura amaso yayo ku mugororotsi+;
Mbere n’abami bari ku ntebe y’ubwami+,
Na bo nyene izobavyagiza ibihe bidahera, bashirwe hejuru.
9 Ni ho izobabwira uburyo bakora
N’ibigabitanyo vyabo, kuko bigira agahambaye.
10 Ugutwi kwabo izogupfukura ngo kwumve uguhimirizwa+,
Kandi izovuga ko bakwiye guhindukira bagaheba ibintu bibabaza+.
15 Izotabara umurushwa mu marushwa yiwe,
Kandi izopfukura ugutwi kwabo mu gahahazo.
16 Izoguhendahenda igukure mu kanwa k’amarushwa+!
Ahagutse+, atari ahaga, ni ho hazogasubirira,
Kandi ukwirura kw’imeza yawe kuzokwuzura ibinure+.
18 Kuko uraraba neza ubushangashirwe+ ntibuguhendahende ngo uje mu gukoma amashi y’inzigo,
Kandi incungu+ nini ntiguhuvye.
19 Mbega ugutabaza kwawe hari ico kuzomara+? Oya, habe no mu marushwa
N’utwigoro twawe dukomeye twose nta co tuzomara+.
20 Ntuhezagirike wipfuza ijoro,
Kugira ibisata vy’abantu vyomoke bive aho vyari.
21 Wiyubare ntuhindukire ngo uje ku bintu bibabaza+,
Kuko ivyo ari vyo wahisemwo ukabirutisha amarushwa+.
22 Raba! Imana ikora mu buryo buhanitse ikoresheje ububasha bwayo;
Ni nde mwigisha ameze nka yo?