148 Shemeze Ya+!
Shemeze Yehova mu majuru+,
Nimumushemeze iyo hejuru+.
2 Nimumushemeze, yemwe bamarayika biwe mwese+.
Nimumushemeze, yemwe ngabo ziwe mwese+.
3 Nimumushemeze, yemwe zuba n’ukwezi+!
Nimumushemeze, yemwe nyenyeri z’umuco mwese+!
4 Nimumushemeze, yemwe majuru y’amajuru+,
Namwe mazi muri hejuru y’amajuru+.
5 Nibishemeze izina rya Yehova+;
Kuko we ubwiwe yategetse, bikaremwa+.
6 Atuma biguma bihagaze ibihe bidahera, gushika igihe kitagira urugero+.
Yatanze ingingo nyobozi, kandi ntizovaho+.
7 Nimushemeze Yehova kw’isi+,
Yemwe bikoko amahero vyo mu kiyaga namwe nyenga z’amazi mwese+,
8 Yemwe muriro n’urubura, shelegi be n’umwotsi w’umuzitanya+,
Yewe muyaga w’igihuhusi ushitsa ijambo ryiwe+,
9 Yemwe misozi namwe mirambi mwese+,
Yemwe biti vy’ivyamwa namwe masederi mwese+,
10 Yemwe bikoko vyo mw’ishamba namwe bitungwa mwese+,
Yemwe bikoko bikwega inda hasi namwe nyoni z’amababa+,
11 Yemwe bami bo mw’isi+ namwe miryango y’amahanga mwese,
Yemwe baganwa+ namwe bacamanza b’isi mwese+,
12 Yemwe misore+ namwe nyene bigeme b’isugi+,
Yemwe batama+ hamwe n’abahungu+!
13 Nibishemeze izina rya Yehova+,
Kuko izina ryiwe ryonyene ari ryo riri hejuru hadashikwa+.
Iteka ryiwe riri hejuru y’isi n’ijuru+.
14 Kandi azoshira hejuru ihembe ry’abantu biwe+,
Ishemezo ry’intahemuka ziwe zose+,
Rya bene Isirayeli, abantu bari hafi yiwe+.
Shemeze Ya+!