Hoseya
6 “Nimuze dusubire kuri Yehova+, kuko ari we yadutabaguye+ mugabo azodukiza+. Yagumye adukubita, mugabo azodutubika+. 2 Haciye imisi ibiri, azotugira bazima+. Ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa, tubeho imbere yiwe+. 3 Tuzomenya, tuzokwihatira kumenya Yehova+. Uguseruka kwiwe kurashimangiwe+ nk’umutwenzi+. Azotuzako nk’imvura icuncubuka+; nk’imvura y’impeshi inyosha isi+.”
4 “Mbega nkugire nte, ewe Efurayimu? Mbega nkugire nte, ewe Yuda+, ko ubuntu bwuzuye urukundo bwanyu bumeze nk’ibicu vyo mu gitondo, nk’ikime gikamangana hakiri kare? 5 Ni co gituma nzobatemaguza koko abahanuzi+; nzobicisha koko amajambo yo mu kanwa kanje+. Imanza zizoshitswa kuri wewe zizoba nk’umuco urashe+. 6 Kuko mpimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+, si ibimazi+; kandi mpimbarwa n’ukumenya Imana aho guhimbarwa n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye+. 7 Ariko bo, nk’umuntu yakuwe mw’ivu, barahonyanze rya sezerano+. Aho ni ho bampemukiriye+. 8 Gileyadi+ ni igisagara c’abakora ibibi; amakanda yabo ni amaraso+. 9 Umuryango w’abaherezi ni utugwi tw’abambuzi+ dukora nk’abantu babundira umuntu+. Bicira abantu iruhande y’inzira i Shekemu+, kuko bagumye bagira ivy’ubushirasoni*+. 10 Mu nzu ya Isirayeli nahabonye ikintu giteye ikinya+. Aho ni ho hari ubusambanyi bwa Efurayimu+. Isirayeli yarihumanije+. 11 Ikigeretseko, ewe Yuda, igihe co kukwimbura camaze gushingwa, igihe nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje+.”