Abaheburayo
12 Nuko rero, ko dufise igipfungu kinini gutyo c’ivyabona+ kidukikije, twiyambure kandi uburemere bwose+ n’igicumuro kitwizingirako bitagoranye+, kandi twiruke twihanganye+ muri rya siganwa+ twashirwa imbere+, 2 dushinze ijisho ya Mboneza+ akaba na We atuma ukwizera kwacu kuba ukutagira akanenge+, ari we Yezu. Ku bw’akanyamuneza yashizwe imbere yarihanganiye+ igiti co kubabarizwako, asuzugura ibimaramare, kandi yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami y’Imana+. 3 Egome, murimbure mwitonze umwe yihanganira mwene ayo majambo y’ibihari+ abacumuzi bavuga bigirira nabi, kugira ntimuruhe ngo mudendebukirwe mu mitima yanyu+.
4 Mu rugamba rwanyu rwo kurwanya ico gicumuro, ntimurigera munana gushika ku maraso+, 5 mugabo mwaribagiye buhere kwa guhimiriza kubabwira nk’abana+ ngo: “Mwananje, ntugaye ugutozwa indero kuva kuri Yehova, canke ngo udendebukirwe igihe ukosowe na we+; 6 kuko uwo Yehova akunda amutoza indero; nkako, ahushagura uwo wese yakira nk’umwana wiwe+.”
7 Muriko mwihangana ku bw’ugutozwa indero+. Imana iriko ibagirira nk’uko igirira abana+. Kuko, ni nde mwana se adatoza indero+? 8 Mugabo nimba mutaronka kwa gutozwa indero bose basangira, mu vy’ukuri muri ibivyarwa+, ntimuri abana. 9 Ikigeretseko, twari dufise ba data dusangiye umubiri bo kudutoza indero+, kandi twarabubaha. None ntituzorushiriza kuyobokera Data w’ubuzima bwacu bw’impwemu tukabaho+? 10 Kuko bo badutoza indero imisi mikeyi bisunze ivyaboneka ko ari vyiza kuri bo+, mugabo we abigira ku nyungu yacu kugira ngo dusangire ku bweranda bwiwe+. 11 Ego ni ko, nta gutozwa indero kuboneka uwo mwanya ko guteye umunezero, ahubwo kuboneka nk’uguteye intuntu+; yamara mu nyuma, ku bamenyerejwe na kwo, kwama icamwa c’amahoro+, ari co bugororotsi+.
12 Ku bw’ico, mugorore amaboko aregarega+ n’amavi agoyagoya+, 13 kandi mubandanye gutunganiriza ibirenge vyanyu inzira zigororotse+, kugira ngo igicumbagira ntigitane, ahubwo gikire+. 14 Mukurikirane ukugiranira amahoro n’abantu bose+, na kwa kwezwa+ ata wuzoshobora kubona Umukama atagufise+, 15 murabe neza ngo ntihagire n’umwe yimwa bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana+; ngo ntihagire umuzi w’ubumara+ umera ugatera ingorane no kugira ngo benshi ntibahumanywe na wo+; 16 ngo ntihabe umusambanyi canke umuntu adaha agaciro ibintu vyeranda nka Esawu+, umwe yaheba uburenganzira bwiwe bw’imfura abukavye isahani imwe y’imfungurwa+. 17 Kuko muzi yuko no mu nyuma yankiwe+ igihe yashaka gutorana umuhezagiro+, kuko naho yaronderanye ubwira ko iciyumviro cohinduka ashizeko n’amosozi+, ata kibanza yabironkeye+.
18 Kuko ico mwegereye atari igishobora gukorakorwa+ kandi catongojwe umuriro+, be n’igicu cijimye n’umwiza w’umuzitanya n’igihuhusi+, 19 n’ugusamirana kw’urumbete+ n’ijwi ry’amajambo+; aho abantu bumviye iryo jwi bakaba baratakamvye ngo ntihagire irindi jambo bongerwa+. 20 Kuko iri tegeko batashobora kuryihanganira: “Kandi hagize igitungwa gikora ku musozi, gitegerezwa guterwa amabuye+.” 21 Vyongeye, ivyerekanywe vyari biteye ubwoba rwose ku buryo Musa yavuze ati: “Ndatekewe n’ubwoba kandi ndajugumira+.” 22 Mugabo mwegereye Umusozi Siyoni+ n’igisagara+ c’Imana nzima, Yeruzalemu yo mw’ijuru+, be n’ibihumbi mirongo vy’abamarayika+, 23 mw’ikoraniro rya bose+, be n’ishengero ry’imfura+ zanditswe+ mw’ijuru, n’Imana yo Mucamanza wa bose+, n’ubuzima bw’impwemu+ bw’abagororotsi bagizwe abatagira akanenge+, 24 na Yezu umuhuza+ w’isezerano rishasha+, n’amaraso y’ukumijagira+ avuga mu buryo bwiza kuruta aya Abeli+.
25 Murabe ntimwanke kwumviriza uwuriko aravuga+. Kuko nimba batarusimvye, bamwe banse kwumviriza umwe yavugira kw’isi imburi iva ku Mana+, hari akantu twebwe nitwaha umugongo umwe avugira mw’ijuru+. 26 Ico gihe ijwi ryiwe ryaranyiganyije isi+, mugabo ubu yarasezeranye, ati: “Rindi rimwe, sinzocekangura isi gusa, mugabo nzocekangura n’ijuru+.” 27 Iyo mvugo rero ngo: “Rindi rimwe,” yerekana ikurwaho ry’ibintu binyiganyizwa, ni ukuvuga ibintu vyakozwe+, kugira ngo ibitanyiganyizwa bigumeho+. 28 Ku bw’ivyo, ko tubwirizwa kuronka ubwami budashobora kunyiganyizwa+, tubandanye kugira ubuntu ata wari abukwiriye, ubudushoboza gukorera Imana igikorwa ceranda mu buryo bwemerwa, dufise ugutinya Imana n’akoba+. 29 Kuko Imana yacu ari kandi umuriro uyigiza+.