Abaheburayo
13 Urukundo rwanyu rwa kivukanyi nirubandanye+. 2 Ntimwibagire ubwakiranyi+, kuko bwatumye bamwe baha indaro abamarayika batabizi+. 3 Mugume mwibuka abari mu mvuto+ nk’aho mubohanywe na bo+, be n’abariko bagirirwa nabi+, kuko namwe ubwanyu mukiri mu mubiri. 4 Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana+, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo+. 5 Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera+, mu gihe mubumbwa+ n’ibintu vy’iki gihe+. Kuko yavuze iti: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye+.” 6 Ku buryo dushobora kugira umutima rugabo+ tukavuga duti: “Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya. Umuntu yongira iki+?”
7 Mwibuke ababaja imbere+, abababwiye ijambo ry’Imana, kandi uko mwitegereza ico ingeso zabo zivamwo, mwigane+ ukwizera kwabo+.
8 Yezu Kristu ni wa wundi ejo, n’uno musi, be n’ibihe vyose+.
9 Ntimutwarwe n’inyigisho zitari zimwe kandi z’ivyaduka+; kuko ari vyiza ko umutima uhabwa ugushikama biciye ku buntu ata wari abukwiriye+, bidaciye ku biribwa+, bimwe ata co vyunguye abavyishinga.
10 Turi n’igicaniro abakora igikorwa ceranda kw’ihema badafise uburenganzira bwo kurya ibiri kuri co+. 11 Kuko imivyimba y’ivyo bitungwa amaraso yavyo yinjizwa ahantu heranda n’umuherezi mukuru ku bw’igicumuro, ituririrwa inyuma y’ikambi+. 12 Ni co gituma na Yezu, kugira ngo yezeshe+ abantu amaraso+ yiwe bwite, yababarijwe inyuma y’irembo+. 13 Tuje kuri we rero inyuma y’ikambi, twikoreye iceyi yikoreye+, 14 kuko tudafise ng’aha igisagara kibandanya+, mugabo turiko turonderana ubwira kimwe kizoza+. 15 Biciye kuri we, twame dushikanira Imana ikimazi c’ishemezo+, ni co camwa c’iminwa+ ishingira intahe icese izina ryayo+. 16 Vyongeye, ntimwibagire gukora iciza+ be no gusangira ibintu n’abandi, kuko mwene ivyo bimazi ari vyo bihimbara Imana rwose+.
17 Mugamburukire ababaja imbere+ kandi muyoboke+, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazobibazwa+; kugira ngo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko vyogirira nabi mwebwe+.
18 Mubandanye kudusengera+, kuko tuzi neza yuko turi n’ijwi ryo mu mutima rigororotse, kuko dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose+. 19 Mugabo ndabahimiriza cane kubigira, kugira ngaruke iwanyu vuba hashoboka+.
20 Ya Mana y’amahoro+ rero, imwe yakura mu bapfuye+ wa mwungere+ mukuru w’intama+ ikoresheje amaraso y’isezerano ry’ibihe bidahera+, Umukama wacu Yezu, 21 ibaronse ikintu ciza cose kugira ngo mukore ukugomba kwayo, biciye muri Yezu Kristu ikorere muri twebwe ibihimbaye rwose imbere yayo+; ubuninahazwa bube ubwayo ibihe bitazoshira+. Amen.
22 Ndabahimiriza rero, bene wacu, kwihanganira iryo jambo ry’indemesho, kuko vy’ukuri ndabandikiye ikete mu majambo makeyi+. 23 Mumenye yuko mwene wacu Timoteyo+ yarekuwe, kandi niyaza vuba cane nzoza kubaraba ndi kumwe na we.
24 Mundamukirize ababaja imbere+ bose n’aberanda bose. Abo mu Butaliyano+ barabaramutsa.