1 Abatesalonika
3 Ni co gituma, igihe tutari tugishoboye kuvyihanganira, twabonye ari vyiza gusigara twenyene i Atene+; 2 turaheza turungika Timoteyo+, mwene wacu akaba n’umusuku w’Imana mu bijanye n’inkuru nziza+ yerekeye Kristu, kugira ngo abashikamishe yongere abahoze kugira ngo ukwizera kwanyu gukomezwe, 3 ngo ntihagire n’umwe ahungabanywa n’ayo makuba+. Kuko mwebwe ubwanyu muzi ko twagenewe ico kintu nyene+. 4 Nkako kandi, igihe twari kumwe namwe, twahora tubabwira imbere y’igihe+ yuko twabwirizwa gushikirwa n’amakuba+, nk’uko nyene vyabaye, nk’uko kandi mubizi+. 5 Ni co gituma rero, igihe ntari ngishoboye kuvyihanganira, narungitse intumwa kugira ngo menye ivy’ubwizigirwa bwanyu+, kubera ko kumbure wa Mugerageji+ ashobora kuba yarabagerageje, maze ukubira akuya kwacu kukaba impfagusa+.
6 Mugabo Timoteyo ubu nyene arashitse iwacu avuye iwanyu+ aduha inkuru nziza y’ubwizigirwa bwanyu n’urukundo rwanyu+, avuga kandi yuko muguma mutwibukira ku bintu vyiza nantaryo, be n’uko mushashaye kutubona, egome, nk’uko natwe dushashaye kubabona+. 7 Ni co gituma, bene wacu, twahojejwe+ ku bijanye namwe mu ngorane zacu zose n’amakuba yacu yose, biciye ku bwizigirwa mwerekana+, 8 kubera ko ubu turiho nimba muhagaze mushikamye mu Mukama+. 9 Kuko, mbega ni ugukenguruka nyabaki twoha Imana ku biberekeye mu kwishura akanyamuneza kose dufise+ kubera mwebwe imbere y’Imana yacu, 10 mu gihe ijoro n’umurango dutakambana+ ubwira burengeye ubudasanzwe kugira tubone mu maso hanyu no kugira ngo twuzurize ibihaze ku kwizera kwanyu+?
11 Imana yacu rero ikaba na Data ubwayo hamwe n’Umukama wacu Yezu+ bayobore neza inzira yacu igana iwanyu. 12 Vyongeye, Umukama abahe kwongerekana+, egome, abahe kugwira, mu rukundo+ mugiriranira mukarugirira na bose, nk’uko natwe turubagirira; 13 kugira ngo ashikamishe imitima yanyu, ayigire iyitagirako umugayo+ mu bweranda imbere y’Imana yacu ikaba na Data mu gihe c’ukuhaba+ kw’Umukama wacu Yezu ari kumwe n’aberanda biwe bose+.