Yakobo
5 Ehe rero yemwe batunzi+, nimurire, muborogeshwe n’amagorwa agira abazeko+. 2 Ubutunzi bwanyu buraboze, n’impuzu zanyu zo hejuru ziriwe n’udukoko+. 3 Inzahabu n’ifeza vyanyu bimazwe n’ingese, kandi ingese yavyo izobabera nk’intahe ibagiriza kandi izorya inyama zanyu. Ikintu kimeze nk’umuriro+ ni co mwarundanije+ mu misi ya nyuma+. 4 Raba! Impembo y’abakozi bimbuye imirima yanyu mugabo mukayigumya+ iguma isemerera+, kandi ugutaka+ kw’abashwabuzi kwashitse mu matwi+ ya Yehova nyen’ingabo*. 5 Mwibereyeho kw’isi mu bihinda kandi mwihaye ibiryohera umubiri+. Mwadoheje imitima yanyu ku musi wo gukererwa+. 6 Mwaciriye rubi umugororotsi, muramwica. None ntabarwanya+?
7 Mwihangane rero, bene wacu, gushika ku kuhaba+ kw’Umukama. Raba! Umurimyi aguma arindiriye ivyamwa vy’agaciro vy’isi, akihangana ku bijanye na vyo gushika aronse imvura ya kare n’imvura yo hanyuma+. 8 Namwe nyene mwihangane+; mushikamishe imitima yanyu, kuko ukuhaba kw’Umukama kwegereje+.
9 Ntimunihagire mugirira ishavu bagenzi banyu, bene wacu, kugira ngo ntimucirwe urubanza+. Raba! Umucamanza ahagaze imbere y’imiryango+. 10 Bene wacu, ku bijanye n’ukwiyumanganya mu mibabaro+ n’ukwihangana+, mufatire akarorero+ ku bahanuzi+, abavuze mw’izina rya Yehova+. 11 Raba! Abihanganye tubita abahirwe+. Mwarumvise ivya kwa kwihangana kwa Yobu+ mwongera murabona icavuyemwo gitanzwe na Yehova+, murabona yuko Yehova ari umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi+.
12 Mugabo hejuru ya vyose, bene wacu, mureke kurahira, emwe, kwaba ukurahira ijuru canke kurahira isi canke iyindi ndahiro+. Mugabo Ego yanyu ibe Ego, Oya yanyu na yo, Oya, ngo ntimugibweko n’urubanza+.
13 Hoba hari uwuriko arihanganira imibabaro muri mwebwe? Nashishikare gusenga+. Hoba hari uwunezerewe? Naririmbe amazaburi+. 14 Hoba hari uwurwaye muri mwebwe+? Nahamagare abagabo b’inararibonye+ b’ishengero baze kuri we, bamusengere, bamusige amavuta+ mw’izina rya Yehova. 15 Kandi isengesho ry’ukwizera rizotuma uyo amerewe nabi akira+, kandi Yehova azomuhagurutsa+. Vyongeye, nimba yarakoze ibicumuro azobabarirwa+.
16 Mwaturiranire+ ibicumuro rero ata guhishanya kandi musengeranire, kugira ngo mukire+. Ugutakamba kw’umugororotsi, igihe gukora, kugira inguvu nyinshi+. 17 Eliya yari umuntu yiyumva nk’uko twiyumva+, yamara mw’isengesho yarasavye Imana ngo imvura ntigwe+; kandi ntiyaguye kuri ico gihugu mu myaka itatu n’amezi atandatu. 18 Kandi yarongeye gusenga, maze ijuru ritanga imvura, igihugu na co gitanga ivyamwa vyaco+.
19 Bene wacu, hagize uwo muri mwebwe azimizwa agata ukuri hanyuma uwundi akamugarura+, 20 mumenye yuko uwugaruye umucumuzi akava mu buzimire+ bw’inzira yiwe azokiza ubuzima bwiwe urupfu+ kandi azopfuka ibicumuro indiri+.