2 Abakorinto
11 Icompa mukanyihanganira mu busazi bwanje bukeyi+. Mugabo nkako, muranyihanganira! 2 Kuko ndi n’ishari ku bwanyu, ishari riva ku Mana+, kuko ubwanje nasezeranye kubashingira ku mugabo umwe+ kugira ndabashikirize Kristu+ muri umwigeme w’isugi atanduye+. 3 Mugabo nka kumwe ya nzoka yaryosharyosha Eva+ ikoresheje urwenge rwayo, ndatinya yuko hari ukuntu imizirikanyi yanyu yohava yononekara+ ikava ku kutagira uburyarya n’ukutandura bibereye Kristu+. 4 Kukaba nkako, iyo haje umuntu akamamaza uwitwa Yezu atari umwe twebwe twamamaje+, canke mukaronka impwemu itari iyo mwaronse+, canke inkuru nziza+ itari iyo mwemeye, muramwihanganira bitagoranye+. 5 Kuko niyumvira yuko ntabonetse mu kintu na kimwe yuko ndi munsi+ ya za ntumwa zanyu z’agahebuza+. 6 Ariko naho ntari umuhanga mu kuvuga+, si ko ndi vy’ukuri mu bumenyi+; mugabo mu buryo bwose twarabiberetse muri vyose+.
7 Canke noba narakoze igicumuro mu kwicisha bugufi+ kugira ngo mwebwe mushirwe hejuru, kubera ko nabamenyesheje inkuru nziza y’Imana mpimbawe, ata co murishe+? 8 Ayandi mashengero narayambuye mu kwemera imfashanyo yayo kugira ngo nkorere mwebwe+; 9 yamara igihe nari kumwe namwe ngakena, nta n’umwe nabereye umuzigo+, kuko bene wacu bavuye i Makedoniya+ bandonkeje cane ivyo nari mpajije. Emwe, naririnze kubabera umuzigo mu buryo bwose kandi nzobandanya gutyo+. 10 Ni ukuri+ kwa Kristu nk’uko kuri muri jewe: nta kizohagarika ukwo kwirata+ kwanje mu ntara za Akaya. 11 Kubera iki? Kubera yuko ntabakunda? Imana irazi ko ndabakunda+.
12 Ico ndiko ndakora rero nzobandanya kugikora+, kugira nkureho urwitwazo rw’abarondera urwitwazo rwo kuboneka ko bangana natwe mw’ibanga biratira. 13 Kuko mwene abo bantu ari intumwa z’ikinyoma, abakozi b’abahendanyi+, bihindura intumwa za Kristu+. 14 Kandi ivyo ntibitangaje, kuko na Shetani ubwiwe aguma yihindura umumarayika w’umuco+. 15 Ntibitangaje rero ko n’abasuku biwe+ na bo nyene baguma bihindura abasuku b’ubugororotsi. Ariko iherezo ryabo rizohwana n’ibikorwa vyabo+.
16 Ndongeye kubivuga: ntihagire uwiyumvira ko ndi imburabwenge. Ariko nimba vy’ukuri muvyiyumvira, nimunyemere naho noba mboneka nk’imburabwenge, kugira ngo nanje nirate gatoya+. 17 Ico mvuga ndakivuga ntisunze akarorero k’Umukama, ahubwo ndakivuga nk’aho ndi mu busazi, muri uku kwihagararako kw’umuntu yirata+. 18 Ko benshi bariko barirata bisunze umubiri+, na jewe nzokwirata. 19 Kuko mwihanganira abantu b’imburabwenge muhimbawe, kubera ko muri abanyabwenge. 20 Nkako, murihanganira uwo wese abagira abaja+, uwo wese arotsa ivyanyu, uwo wese asahura ivyanyu, uwo wese yishira hejuru yanyu, uwo wese abakubita mu maso+.
21 Ivyo ndabivuze kugira duteterwe, nk’aho ikibanza cacu cabaye goyigoyi.
Mugabo nimba hari uwundi yerekana ubutinyutsi mu kintu kanaka—ndiko mvuga nk’uwutagira ubwenge+—na jewe nderekana ubutinyutsi muri co. 22 Ni Abaheburayo? Na jewe ndi we+. Ni Abisirayeli? Na jewe ndi we. Ni uruvyaro rwa Aburahamu? Na jewe ndi rwo+. 23 Ni abasuku ba Kristu?—nishura nk’umusazi—ndabarusha kuba umusuku+: ndabarusha kubira akuya+, ndabarusha kuja mu mabohero+, mu gukubitwa birenze, mu kugarukira ku cobo kenshi+. 24 Incuro zitanu narakubiswe n’Abayuda inkoni mirongo ine+ ziburamwo imwe, 25 incuro zitatu narakubiswe ingage+, incuro imwe naratewe amabuye+, incuro zitatu imeri yaransabiyeko+, namaze ijoro n’umurango mw’igezi; 26 mu ngendo kenshi, mu kaga k’inzuzi, mu kaga k’abambuzi+, mu kaga k’abo mu bwoko bwanje bwite+, mu kaga k’amahanga+, mu kaga mu gisagara+, mu kaga mu gahinga, mu kaga mu kiyaga, mu kaga muri bene wacu b’ikinyoma, 27 mu kubira akuya no mu gucumukura, mu kurara maso+ kenshi, mu nzara n’inyota+, mu kubura ibifungurwa+ kenshi, mu bukanye no mu kugenda gusa.
28 Turetse ivyo bintu vyo hanze, hariho ikindi kinsugereza uko bukeye uko bwije: amaganya ku bw’amashengero yose+. 29 Ni nde agoyagoya+ nanje singoyagoye? Ni nde atsitara nanje sindurumbe ishavu?
30 Nimba ari ngombwa ngo habe ukwirata, nzokwirata+ ibijanye n’ubugoyagoye bwanje. 31 Ya Mana ari na yo Se w’Umukama Yezu, Imwe mbere ibwirizwa gushemezwa ibihe vyose, irazi ko ntariko ndabesha. 32 I Damasiko buramatari agabwa na Areta umwami yari acunze igisagara c’Abadamaseni kugira amfate+, 33 mugabo nururukirizwa mu giseke+ ncishijwe mw’idirisha mu ruhome, ndamuva mu vyara.