Matayo
8 Amaze kumanuka avuye ku musozi, amasinzi menshi aramukurikira. 2 Maze haza umuntu arwaye imibembe+, atangura kwikubita imbere yiwe, avuga ati: “Mukama, ubishatse gusa, urashobora kumpumanura.” 3 Nuko aramvura ukuboko amukorako, avuga ati: “Ndabishaka. Humanuka+.” Buno nyene imibembe yiwe ica iramuvako, arahumanuka+. 4 Maze Yezu amubwira ati: “Urabe ntihagire uwo ubibwira+, mugabo genda, wiyereke umuherezi+, hanyuma ushikane ishikanwa+ Musa yashinze, kugira bibabere intahe.”
5 Yinjiye i Kaperinawumu+, intwazangabo imwe iza kuri we, iramwinginga 6 iti: “Mutungwa, umusuku wanje aryamye mu nzu kubera ubumuga, akaba ababazwa bimwe biteye ubwoba.” 7 Amubwira ati: “Ninashikayo ndamukiza.” 8 Ya ntwazangabo yishura iti: “Mutungwa, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje, mugabo pfa kurivuga gusa, umusuku wanje aca akira. 9 Kuko na jewe ngabwa, nkagira abasoda ngaba, nkabwira uyu nti: ‘Genda+!’, akagenda, nabwira uwundi nti: ‘Ngwino!’, akaza, nabwira umushumba wanje nti: ‘Kora iki!’, akagikora.” 10 Yezu avyumvise, arumirwa, abwira abariko bamukurikira ati: “Ndababwiye ukuri: Muri Isirayeli nta n’umwe nasanganye ukwizera kwinshi gutyo+. 11 Mugabo ndababwiye yuko benshi bo mu mihingo yo mu buseruko no mu burengero+ bazoza bakicarana na Aburahamu na Izahaki na Yakobo ku meza mu bwami+ bwo mw’ijuru+; 12 nayo abana b’ubwami+ bazotererwa mu mwiza hanze. Aho ni ho hazoba ukurira kwabo n’uguhekenya amenyo+.” 13 Maze Yezu abwira ya ntwazangabo ati: “Genda. Nibikubere nk’uko wizeye+.” Kandi nya musuku yakize kuri iyo saha.
14 Maze Yezu aje mu nzu kwa Petero, abona inabukwe+ wiwe aryamye, arwaye inyonko+. 15 Nuko amukora ku kuboko+, ya nyonko ica iramuvako, hanyuma arahaguruka atangura kumukorera+. 16 Mugabo bumaze kugoroba, bamuzanira abantu benshi biziziwe n’amadayimoni; na we yirukana izo mpwemu akoresheje ijambo, yongera akiza abari bamerewe nabi bose, 17 kugira haranguke ivyavuzwe biciye kuri Yesaya umuhanuzi ngo: “Ubwiwe yikoreye indwara zacu yongera yiremeka ubumuga bwacu+.”
18 Aho Yezu aboneye isinzi rimukikije, atanga itegeko ngo basoze baje ku yindi nkengera+. 19 Haza umwanditsi umwe, amubwira ati: “Mwigisha, nzogukurikira iyo uzoja hose+.” 20 Mugabo Yezu amubwira ati: “Imbwebwe zirafise imyobo n’inyoni zo mu kirere zikagira ubwikingo, mugabo Umwana w’umuntu we ntagira aho arambika umutwe+.” 21 Maze uwundi mwigishwa amubwira ati: “Mukama, ndeka mbanze ngende mpambe dawe.” 22 Yezu amubwira ati: “Guma unkurikira, ureke abapfu bahambe abapfu babo+.”
23 Hanyuma yuriye ubwato+, abigishwa biwe baramukurikira. 24 Buno mu kiyaga havyuka inkuruma ikomeye ku buryo ubwato bwariko bupfukwa n’imipfunda; ariko we yari asinziriye+. 25 Baraza baramukangura+, bati: “Mukama, dukize, tugira duhone!” 26 Mugabo ababwira ati: “Kubera iki muri n’umutima uhuha, mwa bantu b’ukwizera guke mwe+?” Maze arahaguruka akankamira nya miyaga na nya kiyaga, haca haratekana cane+. 27 Nuko nya bantu barumirwa, bavuga bati: “Uyu ni umuntu bwoko ki+, ko n’imiyaga n’ikiyaga bimugamburukira?”
28 Aho ashikiye ku yindi nkengera, mu gihugu c’Abagadareni+, abagabo babiri biziziwe n’amadayimoni+ baza kumusanganira bavuye hagati mu mva, bakaba bari bakaze bimwe bidasanzwe ku buryo ata watinyuka guca muri iyo nzira. 29 Maze barasemerera, bati: “Duhuriye ku ki nawe ga Mwana w’Imana+? Waje ng’aha kutubabaza+ igihe cashinzwe kitaragera+?” 30 Mugabo kure yabo hari ubusho bw’ingurube bwariko burarisha. 31 Nuko nya madayimoni atangura kumwinginga ati: “Uramutse utwirukanye, uturungike muri buriya busho bw’ingurube+.” 32 Nuko ayabwira ati: “Gende!” Nya madayimoni arasohoka aja muri za ngurube; maze bwa busho bwose bushunguruka imanga bwitera mu kiyaga, bupfira mu mazi+. 33 Mugabo nya bungere barahunga, binjira mu gisagara, bigana ivyabaye vyose, harimwo n’ivya ba bantu bari biziziwe n’amadayimoni. 34 Maze igisagara cose kirasohoka gusanganira Yezu; bamaze kumubona, bamwinginga bashimitse ngo ave mu ntara zabo+.