Luka
18 Maze abandanya kubaha ikigereranyo ku vy’uko bikenewe ko bama basenga kandi ntibadebukirwe+, 2 mu kuvuga ati: “Mu gisagara kimwe hariho umucamanza umwe atatinya Imana akaba kandi atubaha umuntu. 3 Mugabo hariho umupfakazi muri ico gisagara akaba yaguma aja+ iwe, avuga ati: ‘Raba ingene notunganirizwa nkurweko uwo tuburana.’ 4 Nuko, amara igihe avyanka, mugabo mu nyuma yibwira ati: ‘Naho ntatinya Imana canke ngo nubahe umuntu, 5 uko biri kwose, kubera ko uyu mupfakazi aguma angora+, nzoraba ingene yotunganirizwa, ntagume aza ankubitagura ibipfunsi+ gushika amare.’ ” 6 Maze Umukama avuga ati: “Umve ivyo nya mucamanza yavuze, naho atari agororotse! 7 Mu vy’ukuri none, Imana ntizotuma ubutungane+ bushitswa ku bw’abatowe bayo, basemerera bayitakambira umurango n’ijoro, naho yiyumanganya+ ku biberekeye? 8 Ndabibabwiye: Izotuma batunganirizwa ningoga+. Yamara none, Umwana w’umuntu niyashika, azosanga vy’ukuri ukwizera* kw’isi?”
9 Mugabo aha kandi iki kigereranyo bamwe, abiyizigira ubwabo ko ari abagororotsi+, bagafata abandi ko ari ubusa+, ati: 10 “Abantu babiri baduze mu rusengero gusenga, umwe akaba yari Umufarizayo, uwundi umutozakori. 11 Nya Mufarizayo arahagarara+, atangura gusengera+ ku mutima ati: ‘Ewe Mana, ndagukengurukira yuko ntameze nk’abandi bantu: abanyazi, abakora ibitagororotse, abarenga ibigo, canke mbere nk’uyu mutozakori+. 12 Ndisonzesha kabiri mu ndwi, ngatanga ic’icumi c’ibintu vyose ndonka+.’ 13 Mugabo wa mutozakori, ahagaze nka hariya, ntiyagomba no kuraramura amaso yiwe ngo arabe mw’ijuru, mugabo aguma yikubita ku gikiriza+, avuga ati: ‘Ewe Mana, ngirira impuhwe jewe umucumuzi+.’ 14 Ndabibabwiye: Uyo muntu yamanutse i muhira iwe abonetse ko ari umugororotsi+ kuruta urya wundi; kuko uwo wese yishira hejuru azoteterezwa, mugabo uwicisha bugufi we akazoshirwa hejuru+.”
15 Buno abantu batangura kumuzanira n’inzoya zabo ngo azikoreko; mugabo abigishwa babibonye batangura kubakankamira+. 16 Ariko Yezu ahamagara za nzoya ngo zize kuri we, avuga ati: “Nimureke abana batoyi baze kuri jewe, kandi ntimugerageze kubabuza. Kuko ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo+. 17 Ni ukuri ndabibabwiye: Uwo wese atakira ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo+.”
18 Hanyuma umutware umwe amubaza ikibazo ati: “Mwigisha mwiza, nkore iki ngo nze ntorane ubuzima budahera+?” 19 Yezu amubwira ati: “Unyitira iki mwiza? Nta n’umwe ari mwiza, atari umwe, na we ni Imana+. 20 Urazi amabwirizwa+: ‘Nturenge ibigo+, Ntiwice+, Ntiwibe+, Ntushinge intahe y’ikinyoma+, Tera iteka so na nyoko+.’ ” 21 Maze avuga ati: “Ivyo vyose narabigumije kuva mu buto bwanje+.” 22 Yezu amaze kwumva ivyo, amubwira ati: “Haracari ikintu kimwe uhajije: Gurisha ibintu vyose ufise, ugabanganirize aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru; maze uze unkurikire+.” 23 Avyumvise, agira intuntu nyinshi, kuko yari atunze cane+.
24 Yezu aramuraba, avuga ati: “Ese ukuntu kizoba ikigoye ku bari n’amahera kwinjira mu bwami bw’Imana+! 25 Nkako, biroroshe ku ngamiya guca mu zuru ry’urushinge rwo kubarira kuruta kwinjira mu bwami bw’Imana ku mutunzi+.” 26 Abavyumvise baca bavuga bati: “None ni nde ashobora gukizwa?” 27 Avuga ati: “Ibidashoboka ku bantu birashoboka ku Mana+.” 28 Mugabo Petero avuga ati: “Ehe twebwe twarasize ivyacu turagukurikira+.” 29 Ababwira ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Nta n’umwe yasize inzu canke umugore canke bene wabo canke abavyeyi canke abana ku bw’ubwami bw’Imana+ 30 atazogira ukuntu abironka incuro nyinshi muri iki kiringo, mu gihe* kizoza na ho ubuzima budahera+.”
31 Maze yikebukanya bamwe cumi na babiri, ababwira ati: “Ehe tuduze i Yeruzalemu, kandi ibintu vyose vyanditswe biciye ku bahanuzi+ ku vyerekeye Umwana w’umuntu bizorangizwa+. 32 Nk’akarorero, azogaburwa mu maboko y’abanyamahanga, ashinyagurizwe+, agirirwe nabi bimwe biteye isoni+ yongere acirweko amate+; 33 hanyuma bamaze kumushishagura+ bazomwica+, mugabo ku musi ugira gatatu azozuka+.” 34 Ariko ntibategereye insobanuro y’ikintu na kimwe muri ivyo; mugabo iryo jambo bararihishwa, ntibamenya ibivuzwe+.
35 Igihe yariko aregereza i Yeriko, impumyi imwe yari yicaye iruhande y’inzira isegerereza+. 36 Kubera ko yari yumvise isinzi ririko rirarengana, itangura kubaza ivyo ari vyo. 37 Bayibwira bati: “Yezu Umunyanazareti ariko ararengana+!” 38 Ica irasemerera iti: “Yezu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi+!” 39 Nuko abariko bagendera imbere batangura kuyihanikiriza ngo ihore, mugabo iguma irushirizaho gusemerera iti: “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi+.” 40 Maze Yezu arahagarara, ategeka ko bamuzanira nya muntu+. Amaze kwegera, Yezu amubaza ati: 41 “Ushaka ndakugirire iki+?” Na we ati: “Mukama, nimpumuke+.” 42 Nuko Yezu amubwira ati: “Humuka; ukwizera kwawe kuragukijije+.” 43 Maze ako kanya nyene arahumuka+, aca atangura kumukurikira, aninahaza Imana+. Vyongeye, abantu bose ngo babibone, bashemeza Imana.