Luka
20 Kuri umwe muri nya misi, igihe yariko arigisha abantu mu rusengero yongera amenyesha inkuru nziza, abakuru b’abaherezi n’abanditsi hamwe n’abagabo b’inararibonye baregera+, 2 bafata ijambo, bamubwira bati: “Tubwire ububasha butuma ukora ivyo bintu ubwo ari bwo, canke uwabuguhaye+.” 3 Abishura ati: “Nanje ndababaza ikibazo, namwe muheze mumbwire+: 4 Ibatisimu ya Yohani yava mw’ijuru canke ku bantu+?” 5 Maze hagati yabo bagira ivyiyumviro bashitseko bati: “Nitwavuga ngo ‘Mw’ijuru,’ aca avuga ati: ‘Kubera iki mutamwemeye+?’ 6 Mugabo nitwavuga ngo ‘Ku bantu,’ abantu bose uko bangana baradutera amabuye+, kuko banyuzwe yuko Yohani+ yari umuhanuzi+.” 7 Nuko bishura yuko batazi isôko ryayo. 8 Yezu na we ababwira ati: “Nanje sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+.”
9 Maze atangura guha abantu iki kigereranyo: “Umuntu umwe yateye umurima w’imizabibu+, hanyuma awukotesha ku barimyi, araheza afata urugendo aja mu mahanga amarayo igihe kitari gito+. 10 Mugabo igihe kigeze atuma umushumba+ kuri nya barimyi+, ngo bamuhe ku vyamwa vya nya murima w’imizabibu+. Ariko nya barimyi bamurungika imbokoboko+ bamaze kumuhuragura. 11 Mugabo arongera abatumako uwundi mushumba. Uwo na we nyene baramuhuragura bongera baramutetereza, bamurungika imbokoboko+. 12 Yamara yongera kurungika uwugira gatatu+; n’uyo nyene baramukomeretsa, bamuta hanze. 13 Kuri ivyo, nyen’umurima w’imizabibu avuga ati: ‘Nkore iki? Ndarungika umwana wanje w’umukundwa+. Kumbure uyo wewe bazomwubaha.’ 14 Nya barimyi ngo bamukubite ijisho, batangura kwiyumvira hagati yabo bati: ‘Uyu ni we samuragwa; ingo tumwice intoranwa ibe rwacu+.’ 15 Baca bamuterera inyuma+ ya nya murima w’imizabibu, baramwica+. None nyen’umurima azobagira ate+? 16 Azoza yice abo barimyi, nya murima na wo awuhe abandi+.”
Bavyumvise bavuga bati: “Ntibikabe!” 17 Mugabo arabitegereza, avuga ati: “None ibi bintu vyanditswe bisobanura iki, ibivuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bataye+, iryo ni ryo ribaye ibuye nyamukuru rigumya imfuruka+’? 18 Umuntu wese agwa kuri iryo buye azovunagurika+. Nayo uwo rizogwako wese+, rizomusya+.”
19 Abanditsi n’abakuru b’abaherezi baca barondera kumushorerako amaboko kuri iyo saha nyene, mugabo batinya abantu; kuko bari bumvise yuko atanze ico kigereranyo ari bo yiyumvira+. 20 Bamaze kumwihweza bitonze, batuma abantu bemerewe ingero mu mpisho ngo bigire abagororotsi, kugira ngo bamufatire+ mu majambo, babone kumushikiriza intwaro na buramatari*+. 21 Hanyuma bamubaza bati: “Mwigisha, turazi ko uvuga kandi ukigisha neza be n’uko utagira nkunzi, mugabo ukigisha inzira y’Imana uhuje n’ukuri+: 22 Vyoba vyemewe ko turiha ikori Sezari canke ntivyemewe+?” 23 Mugabo amenya urwenge rwabo, araheza ababwira+ ati: 24 “Nyereka idenariyo. Iriko ishusho n’ivyandiko vya nde?” Bavuga bati: “Vya Sezari+.” 25 Ababwira ati: “Uko biri kwose rero, nimwishure Sezari ivya Sezari+, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana+.” 26 Erega, ntibashobora kumufatira kuri iryo jambo imbere y’abantu, ahubwo bumizwa n’inyishu yiwe, ntibavuga ikintu na kimwe+.
27 Ariko bamwe mu Basadukayo*, bamwe bavuga ko ata zuka ririho, baraza+, bamubaza 28 bati: “Mwigisha, Musa+ yatwandikiye ati: ‘Mwene wabo n’umuntu niyapfa afise umugore, ariko uwo mugabo akaba yagumye ata mwana afise, mwene wabo+ aze yabire nya mugore, ahagurukirize uruvyaro mwene wabo kuri nya mugore+.’ 29 Urumva rero hari abavukana indwi; uwa mbere yabira umugore hanyuma apfa ata mwana afise+. 30 Uwa kabiri rero, 31 n’uwa gatatu baramwabira. Mbere no kuri abo indwi biba gutyo: barapfuye ata bana basize+. 32 Amaherezo, nya mugore na we arapfa+. 33 None mw’izuka, azoba umugore wa nde muri abo? Kuko abo uko ari indwi baramwabiriye+.”
34 Yezu ababwira ati: “Abana b’iki gihe bararongora+ kandi bagashingirwa, 35 mugabo ababonywe ko babereye+ gushika muri ca gihe kigiye kuza+ no kuzuka mu bapfuye+, ntibarongora canke ngo bashingirwe. 36 Nkako, ntibashobora no kwongera gupfa+, kuko bameze nk’abamarayika, bakaba n’abana b’Imana mu kuba abana b’izuka+. 37 Mugabo ivy’uko abapfuye bazurwa, na Musa yarabihishuye, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa+, igihe yita Yehova ‘Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo+.’ 38 Ni Imana, atari iy’abapfuye, ahubwo y’abazima, kuko bose ari bazima kuri yo+.” 39 Bamwe mu banditsi baca bavuga bati: “Mwigisha, uvuze neza.” 40 Kuko batabaye bacubahuka kumubaza n’ikibazo kimwe rudende.
41 Na we ababwira ati: “Bishoboka bite ngo bavuge yuko Kristu ari mwene Dawidi+? 42 Kuko Dawidi ubwiwe avuga mu gitabu c’Amazaburi, ngo: ‘Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje 43 gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+.” ’ 44 Dawidi rero amwita ‘Umukama’; none aba umwana wiwe gute?”
45 Maze, igihe abantu bose bariko barumviriza, abwira abigishwa+ ati: 46 “Mwiyubare abanditsi bipfuza kugendagenda bari mu makanzu, bagakunda n’indamutso mu tuguriro n’ivyicaro vy’imbere mu masinagogi, n’ibibanza biboneka kuruta ibindi ku mfungurwa zo ku migoroba+, 47 bakarotsa kandi inzu z’abapfakazi+ hanyuma bagatura amasengesho maremare bwa citwazo. Abo bazocirwa urubanza ruremereye kuruta+.”