Mariko
14 Hagisigaye imisi ibiri+ ngo habe pasika*+ be n’umusi mukuru+ w’imikate itarimwo umwambiro, abakuru b’abaherezi n’abanditsi bariko bararondera ingene bomufata ku rwenge bakamwica+; 2 kuko baguma bavuga bati: “Ntibibe ku musi mukuru; kumbure abantu bohava batera intureka+.”
3 Igihe yari i Betaniya mu nzu ya Simoni umunyamibembe+, ari ku meza, haza umugore afise ikebano ryo mu tubuyenge twa alabasitironi* ririmwo amavuta amota neza, ikaba yari narada nyayo, azimvye cane. Amena nya kebano atangura kuyamusuka ku mutwe+. 4 Bamwe baca batangura guserura agashavu hagati yabo bati: “Ni kuki habaye iryo sesagurwa ry’amavuta amota neza+? 5 Kuko ayo mavuta yari gushobora kugurishwa idenariyo zirenga amajana atatu zigahabwa aboro!” Baramushavurira cane+. 6 Mugabo Yezu avuga ati: “Mureke. Mumugorera iki? Ankoreye igikorwa ciza+. 7 Kuko aboro+ mubamana, kandi igihe cose mubishakiye murashobora kwama mubagirira neza, mugabo jewe ntimuzonyamana+. 8 Yakoze ivyo ashoboye; atanguye imbere y’igihe gushira amavuta amota neza ku mubiri wanje ku bw’amaziko+. 9 Ni ukuri ndabibabwiye: Ahantu hose inkuru nziza izokwamamazwa mw’isi yose+, ivyo uyu mugore yakoze na vyo nyene bizovugwa bibe icibutso ciwe+.”
10 Hanyuma Yuda Isikariyoti, umwe muri bamwe cumi na babiri, agenda ku bakuru b’abaherezi kugira amugabure kuri bo+. 11 Bavyumvise, baranezerwa, baca basezerana kumuha amafeza+. Nuko atangura kurondera akaryo keza ko kumugabura+.
12 Ku musi wa mbere w’imikate itarimwo umwambiro+, igihe bari basanzwe babaga imbagwa ya pasika, abigishwa biwe+ bamubwira bati: “Ni hehe ushaka ko tuja kugutegurira ngo urye pasika+?” 13 Aca atuma babiri mu bigishwa biwe ababwira ati: “Gende mu gisagara, murahwana n’umuntu yikoreye ikarabo ry’amazi+. Mumukurikire, 14 aho yinjira mubwire nyen’urugo muti: ‘Umwigisha avuze ati: “Icumba c’abashitsi canje kiri hehe, aho ndi burire pasika+ ndi kumwe n’abigishwa banje+?”’ 15 Na we araheza abereke icumba cagutse co hejuru, kirimwo ivya nkenerwa, giteguwe; aho habe ari ho mudutegurira+.” 16 Nya bigishwa baragenda, binjira mu gisagara maze babisanga nk’uko yababwiye; baraheza bategura pasika+.
17 Bumaze kugoroba azanana na bamwe cumi na babiri+. 18 Hanyuma bari ku meza bariko bararya, Yezu avuga ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Umwe muri mwebwe, uwuriko asangira+ nanje, arangura+.” 19 Batangura kugira intuntu no kumubwira umwumwe bati: “Ni jewe+?” 20 Ababwira ati: “Ni umwe muri aba cumi na babiri ariko akoreza hamwe nanje ukuboko mw’ibakure rusangi+. 21 Ego ni ko, Umwana w’umuntu agira agende nk’uko vyanditswe ku bimwerekeye, mugabo aragowe uwo muntu bicako ngo Umwana w’umuntu agurwe! Vyorushirije kubera vyiza uwo muntu iyo ataba yaravutse+.”
22 Bakibandanya gufungura, atora umukate, arawuhezagira, arawumanyura, arawubaha, avuga ati: “Nimwakire, iki gisobanura umubiri wanje+.” 23 Hanyuma atora igikombe, arakenguruka maze arakibaha, bose bakinywako+. 24 Nuko ababwira ati: “Iki gisobanura ‘amaraso+ yanje y’isezerano+’ agiye guseswa+ ku bwa benshi+. 25 Ni ukuri ndabibabwiye: Sinzogenda nsubiye kunywa ku kinyobwa c’umuzabibu gushika kuri wa musi aho nzokinywa ari gishasha mu bwami bw’Imana+.” 26 Mu kurangiza, bahejeje kuririmba amashemezo+, barasohoka baja ku musozi w’Imyelayo+.
27 Hanyuma Yezu ababwira ati: “Mwese muraza gutsitara, kuko vyanditswe ngo: ‘Nzokubita umwungere+, intama zisabagire+.’ 28 Mugabo ninamara kuzurwa, nzobitangira imbere kuja i Galilaya+.” 29 Ariko Petero amubwira ati: “Niyo abandi bose botsitara, jeho sinzotsitara+.” 30 Yezu aca amubwira ati: “Ni ukuri ndabikubwiye: Wewe uno musi, emwe, muri iri joro, imbere y’uko isake ibika kabiri, wewe nyene uza kunyihakana gatatu+.” 31 Mugabo atangura kuvuga ashimitse cane ati: “Niyo noba ntegerezwa gupfana nawe, sinzogenda ndakwihakanye.” N’abandi bose batangura kuvuga kuno nyene+.
32 Nuko baza ahantu hitwa Getsemani, hanyuma abwira abigishwa biwe ati: “Icare ng’aha umwanya ndiko ndasenga+.” 33 Nuko ahitana Petero na Yakobo na Yohani+, atangura kujumararirwa no guhagarika umutima bimwe bikomeye+. 34 Araheza ababwira ati: “Umutima wanje uri n’intuntu nyinshi cane+, imwe yo kunyica. Sigare ng’aha kandi mugume muri maso+.” 35 Yigiye imbere gatoyi, agwa hasi hanyuma atangura gusenga asaba yuko, iyaba vyashoboka, iyo saha yomurengana+. 36 Abandanya kuvuga ati: “Abba, Data+, vyose birashoboka kuri wewe; igizayo iki gikombe kimveko. Yamara ntibibe ivyo jewe nshaka, ahubwo bibe ivyo wewe ushaka+.” 37 Hanyuma araza asanga barasinziriye, ni kwo kubwira Petero ati: “Simoni, urasinziriye? Nta nguvu wagize zo kuguma uri maso n’isaha n’imwe+? 38 Gume muri maso kandi musenga+, kugira ntimuje mu kigeragezo. Nkako umutima urashashaye, mugabo umubiri ni goyigoyi+.” 39 Yongera kugenda, arasenga, avuga rya jambo nyene+. 40 Yongera kuza asanga barasinziriye, kuko amaso yabo yari aremerewe, ntibamenya rero ico bari bumwishure+. 41 Yongera kuza ubugira gatatu, ababwira ati: “Mbega mu gihe nk’iki muriko murisinzirira mwongera mwiruhukira! Biramaze! Isaha irashitse+! Ehe Umwana w’umuntu agabuwe mu maboko y’abacumuzi+. 42 Haguruke, tugende+. Ehe nyene kungura aregereje+.”
43 Buno nyene akiriko aravuga, Yuda, umwe muri bamwe cumi na babiri, arashika azananye n’isinzi ryitwaje inkota n’amahiri, rivuye ku bakuru b’abaherezi n’abanditsi n’abagabo b’inararibonye+. 44 Nyene kumugura na we yari yabahaye ikimenyetso bumvikanyeko, ati: “Uwo nja gusoma, azoba ari we; muce mumufata, mumutware mumucunze+.” 45 Maze araza amutumbereye, aramwegera, avuga ati: “Rabi!”, aca aramusoma+ n’ikibabarwe cinshi. 46 Nuko bamushorerako amaboko baramufata+. 47 Ariko umuntu umwe mu bari bahagaze ng’aho asokora inkota yiwe, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amukurako ugutwi+. 48 Mugabo Yezu aca ababwira ati: “Mbega mwaje kumfata mwitwaje inkota n’amahiri nk’abahiga umwambuzi+? 49 Imisi yose nari kumwe namwe mu rusengero nigisha+, yamara ntimwamfashe. Mugabo rero, ni kugira ngo Ivyanditswe+ biranguke+.”
50 Bose baca baramuta+, barahunga+. 51 Mugabo umusore umwe yambaye impuzu y’ilino yoroshe imwe gusa ku mubiri* aramukurikira agendera hafi; bagerageza kumufata+, 52 mugabo ata nya mpuzu yiwe y’ilino, ahunga ari gusa.
53 Buno batwara Yezu ku muherezi mukuru, hanyuma abakuru bose b’abaherezi be n’abagabo b’inararibonye n’abanditsi barakorana+. 54 Mugabo Petero amukurikira+ agendera kure, gushika mu rugo rw’umuherezi mukuru; yicarana n’abasuku bo mu rugo ariko yota agacanwa kabengagira. 55 Muri uwo mwanya abakuru b’abaherezi n’Inama Nkuru* yose bariko bararondera ico Yezu yokwagirizwa kugira bamwice+, mugabo ntibaronka na kimwe+. 56 Nkako benshi bariko bashinga intahe y’ikinyoma bamubeshera+, mugabo ivyagirizo vyabo ntibihure+. 57 Vyongeye, bamwe baza barahaguruka bashinga intahe y’ikinyoma bamubeshera, bati: 58 “Twaramwumvise avuga ngo: ‘Nzosenyura uru rusengero rwakozwe n’amaboko hanyuma mu misi itatu nubake urundi rudakozwe n’amaboko+.’” 59 Mugabo no kuri ivyo, ivyagirizo vyabo ntivyahura.
60 Amaherezo umuherezi mukuru arahaguruka hagati yabo abaza Yezu ati: “Nta co wishura? Ivyo aba bariko bakwagiriza ni ibiki+?” 61 Mugabo aguma acereje, ntihagira ikintu na kimwe yishura+. Umuherezi mukuru yongera kumubaza, ati: “Wewe uri Kristu Umwana wa wa Muhezagirwa+?” 62 Maze Yezu avuga ati: “Ndi we; kandi muzobona Umwana w’umuntu+ yicaye iburyo+ bw’ububasha azanana n’ibicu vyo kw’ijuru+.” 63 Umuherezi mukuru aca atantamura impuzu ziwe z’imbere+, avuga ati: “Turacakenerera iki ibindi vyabona+? 64 Murumvise ingene arogose+. Mubibona gute?” Bose bamucira urw’uko akwiriye gupfa. 65 Bamwe batangura kumucirako+ no kumupfuka mu maso hose no kumukubita ingumu no kumubwira ngo: “Pfindura!” Abasuku ba sentare na bo bamwakiriza amakofe, baca baramujana+.
66 Igihe Petero yari hepfo mu rugo, umwe mu basukukazi b’umuherezi mukuru araza+, 67 hanyuma abonye Petero ariko arota, amuraba mu maso amuhanga, avuga ati: “Na wewe wari kumwe na wa Munyanazareti, uwo Yezu+.” 68 Mugabo arabihakana, ati: “Eka sindamuzi mbere sintegera n’ivyo uriko uravuga,” aca arasohoka aja ku kazu k’ishikiro+. 69 Ng’aho wa musukukazi amubonye, yongera gutangura kubwira abari bahagaze aho ati: “Uyu ni uwo muri bo+.” 70 Yongera kubihakana. Hanyuma rindi rimwe haciye akanya gatoyi, abahagaze ng’aho batangura kubwira Petero bati: “Ni ivy’ukuri uri uwo muri bo, kuko kanatsinda, uri Umunyagalilaya+.” 71 Mugabo atangura kurahira yisiba+ ati: “Uwo muntu muvuga sindamuzi+.” 72 Buno nyene isake irabika ubugira kabiri+; Petero aca yibuka ijambo Yezu yari yamubwiye ati: “Imbere y’uko isake ibika kabiri, uza kunyihakana gatatu+.” Biramwankira, araturikisha ararira+.